Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nibwo bwa mbere Uburusiya n'Uburengero bihanahanye impfungwa nyinshi kuva ku ntambara y'ukwikekana
Amerika yemeje ko habaye ihanahana ry’impfungwa rya mbere rinini hagati y’Uburusiya n’Uburengero kuva mu gihe c’intambara y'ukwikekana ejo ku wa kane, abantu 24 bakarekurwa bose hamwe.
Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika) yavuze ko impfungwa 16 zarekuwe kandi ko zariko zirasubira mu bihugu vyabo i Bulaya no muri Amerika. Muri bo harimwo umunyamakuru w'ikinyamakuru Wall Street Journal, Evan Gershkovich.
Ku rundi ruhande, impfungwa umunani z'Uburusiya zarekuwe aho zari zipfungiwe mu mabohero ya Amerika, Norvège, Ubudagi, Pologne na Slovenia, harimwo abagirizwa ibikorwa vya maneko. Abana ba babiri muri izi mpfungwa nabo basubiye mu Burusiya.
Iri hanahana ry'impfungwa ryabereye ku kibuga c'indege ca Ankara muri Turukiya ejo ku wa kane.
Perezida Joe Biden yemeje ko umukukuruke mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi Paul Whelan, umunyamakuru w'umunyamerika akomoka mu Burusiya, Alsu Kurmasheva hamwe n'Umwongereza akomoka mu Burusiya Vladimir Kara-Murza, akaba afise impapuro zimwererera kuba muri Amerika - na bo nyene bari mu nzira berekeza muri Amerika.
Ubu bose bamaze gushika mu bihugu vyabo, muri Amerika Perezida Biden n'icegera ciwe Kamala Harris bishikiye kwakira aba bahora bapfugiwe mu Burusiya.
Aya masezerano yashitsweko inyuma y'ibiganiro vyari bimaze amezi arenga 18, aho Uburusiya bwariko burondera irekurwa rya Vadim Krasikov.
Yari yaciriwe umunyororo w'ubuzima bwiwe bwose mu Budagi yagiriwe n'ubwicanyi bwabereye mu kibanza c'iteramiro i Berlin, ubu akaba yasubiye mu Burusiya.
Abategetsi bo hejuru muri Amerika bamufata nk'"umushenzi mubi" kandi ko ata "nkeka ko Uburusiya ari we muntu wa mbere akomeye bwarondera ko atahuka".
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya n'abandi bategetsi bo hejuru, mu birori vyo kubakirana iteka, bakiriye aba Barusiya bari basubiye mu ruhongore ku kibuga c'indege ca Vnukovo i Moscou.
Ibiganiro vy'imbere y'aha vyo guhanahana impfungwa vyarimwo ikibazo c'irekurwa rya wa Murusiya atavuga rumwe n'ubutegetsi Alexei Navalny, ariko ibi vyari vyahagaze igihe yapfa mu kwa kabiri.
Umupfakazi wiwe Yulia arashima iri hererekanwa ry'impfungwa, avuga ko ari "umunezero".
"Irekurwa ry'impfungwa za poritike iryo ari ryo ryose ni intsinzi ikomeye kandi ni ngombwa kurinezerererwa", niko yanditse kuri X.
"Nta n'umwe akwiye gufatwa bugwati na Putin, akaborezwa igufa, canke agapfira mu mabohero yiwe".
Maison Blanche ivuga ko aya masezerano y'ihanahana ry'impfungwa ari yo ya mbere agoye muri kahise ka Amerika n'Uburusiya.
Biden avuga ko iki ari "igikorwa gikomeye mu bijanye n'imigenderanire", anavuga ko ibihugu bitari bike "vyafashije muri ivyo biganiro bigoye cane ari jewe nyene ndabisavye, kandi ku ruhande rwanje ndabashimiye".
Yongerako y'uko abarekuwe bari bagiriwe n'ivyaha mu "manza z'amanyanga" bacirirwa "ibihano vy'umunyororo w'igihe kirekire ata kintu na kimwe mu bisanzwe kibagira".
Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire David Lammy avuga ko yishimiye irekurwa ry'izi mpfungwa, cane cane rya Kara-Murza na Whelan, bompi bafise ubwenegihugu bw'Ubwongereza.
Hagati aho, mw'itangazo vyasohoye, ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya bivuga ko impfungwa 13 zagiriwe imbabazi kugira ngo Abarusiya bapfungiwe mu bihugu vyo hanze basubire mu gihugu. .
Ibiganiro vyabereye mw’ibanga ridasanzwe
Ihanahanwa ry’izi mpfungwa ribaye inyuma y’imisi itari mike binugwanugwa ko hashobora kuba ihererekanwa ry’impfungwa hagati y’ibihugu bitari bike, ibi bikaba vyaje kwiyongera igihe abatari bake bu batavuga rumwe hamwe n’abanyamakuru bari bapfunzwe mu Burusiya bimuriwe bakavanwa mu mabohero barimwo bakajanwa ahatamenyekanye.
Nubwo kwimura impfungwa mu kinyegero ari ikintu kimenyerewe mu Burusiya, iburirwa ry’irengero ry’impfungwa zikomeye ntiryari risanzwe.
“Iki ni ikibazo cakemuwe neza cane mu gacerere”.
Niyo majambo abategetsi b’Uburusiya bari bahisemwo gukoresha iyo baramutse babazwa ibijanye n’ivyavugwa vy’ihanahanwa ry’impfungwa hagati y’Uburengero n’Ubuseruko.
Kremlin, ibiro vy’umukuru w’igihucu c’Uburusiya, yakunda kuvuga iti: ibiganiro biriko bibera mu kinyegero, "dipolomasi iriko irakinwa ku mpfungwa", n’ibinyamakuru bitamenye na kimwe. Urwego rw’igendereza ruvugana n’urwego rw’igendereza; ubutegetsi buvugana n’ubutegetsi.
Gushika Moscou ironse ico – canke abo – ikeneye.
Ariko nubwo vyakorwa mu gacerere, hari ibimenyetso vyariko vyibonekeza. Vyaraboneka ko hari ikintu cariko kirakorwa.
Mu kiganiro n’uwahoze ari umunyamakuru wa Fox News Tucker Carlson mu kwa kabiri guheze, Vladimir Putin yaravuze kuri Evan Gershkovich, umunyamakuru w’ikinyamakuru Wall Street Journal yari yahagaritswe mu Burusiya yagirizwa ibikorwa vya maneko.
Putin yavuze ati: “Si mvuze ko Gershkovich adashobora gusubira mu gihugu ciwe. Dukeneye ko inzego zidasanzwe za Amerika ziyumvira ingene zoterera kugira ngo inzego zidasanzwe zacu zishike ku ntego ziriko zirarondera”.
Aya majambo yayavugiye ku mugaragaro kandi vyarumvikana ko hari icariko kirakorwa: Uburusiya bwari bwiteguye gushika ku masezerano.
Nta mazina yadomyeko urutoke. Ariko yaratomoye neza umuntu Uburusiya bwari bukeneye kuronka: Vadim Krasikov, Umurusiya yari yaciriwe umunyororo w’Ubuzima bwiwe bwose – atari muri Amerika, ariko mu Budagi.
Ihererekanwa ry’impfugwa rikomeye ryaheruka ni iryabaye muri Kigarama (12) 2022, igihe icamamare mu mupira w’amaboko Brittney Griner yaguranywa ku kibuga c’indege ca Abu Dhabi muri Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu na Viktor Bout, Umurusiya yari azwi cane mu rudandaza rw’ibirwanisho, yari amaze imyaka 12 apfungiwe muri Amerika.
Irindi hanahanwa ry’impfugwa risa n’iri ni iryari ryabereye i Vienna mu 2010, igihe ba maneko 10 b’Uburusiya bari bapfungiwe muri Amerika baguranywa na bane bikekwa gusuma urusaku bari bapfungiwe mu Burusiya.
Icuka kibi hagati y’Uburusiya n’Uburengero cariyongereye muri ino myaka ya vuba, cane cane kuva aho Uburusiya butanguriye itambara kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022.