Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Menya ingene ino mbeba nzima yari mu ndya yatumye urugendo rw'indege ruhagarara
- Umwanditsi, Jack Burgess
- Igikorwa, BBC News
Ikompanyi y'indege Scandinavian Airlines (SAS) ivuga ko imwe mu ndege zayo vyabaye ngombwa ko igwa gihutihuti igahagarikira urugendo mu nzira inyuma y'aho imbeba ivumbutse iva mu mfungurwa ingenzi yari mu ndege yari ihawe, vyabaye ku wa gatatu.
Iyi ndege yariko iva ku mugwa mukuru wa Norvège/Norway, Oslo, ija i Malaga muri Espagne, bica biba ngombwa ko igwa gihutihuti mu gisagara ca Copenhagen muri Danemark.
Umuvugizi w’iyi kompanyi, Oystein Schmidt, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko igwa ry'iyi ndege ryakurikije amabwirizwa ngenderwako y'iyi kompanyi, kuko ino ngenzi y'ubwoya yari yiteye mu ndege mu kinyegero yari ikibazo c'umutekano.
Vyabaye ngombwa ko ingenzi zari muri ino ndege zihabwa iyindi ndege kugira ngo izishikane i Malaga.
Mu bisanzwe, amakompanyi y'indege agendera ku mabwirizwa akomeye ajanye n'udukoko two mu bwoko bw'imbeba n'imende twokwitera mu ndege kugira ngo ntiduhave turya intsinga.
Schmidt ati: "Iki ni ikintu kiba gake cane rwose".
"Twashizeho uburyo bwo gukemura ibibazo nk'ibi, harimwo no gukorana n'abo duha amasoko kugira ngo ibi ntibize bisubire".
Jarle Borrestad ni we yabonye ibi bintu ubwa mbere, akaba yabwiye BBC muri videwo yifashe ko ino mbeba yirutse iva mu kabweta k'imfungurwa umugore bari bicaranye mu ndege yariko arugurura kugira ngo yihereze.
Borrestad avuga ko hagumye hari ituze kandi ko ata muntu yagize umutima uhagaze.
Hagati aho, avuga ko vyabaye ngombwa ko yinjiza ipantaro yiwe mu masogisi kugira ngo ino mbeba ntihave imwinjira mu maguru.
Borrestad avuga ko iyi mbeba yatumye indege igwa, urugendo ruca ruracererwa amasaha makeya.
Bwari bugize kabiri haba iikintu nk'iki mu gihe c'urugendo biturutse ku mbeba.
Gari ya moshi mu bumanuko bw'Ubwongereza yarahagaritse urugendo rugeze hagati inyuma y'aho imende zibiri zinjiye mw'ibehewa imwe hanyuma imwe muri zo iranka gusohoka.