DRC: Imyiyerekano i Beni yo kwiyamiriza abasirikare ba ONU

Ahavuye isanamu, Getty Images
Habaye imyiyerekano i Beni mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo yo kwiyamiriza ibikorwa vy'abasirikare ba ONU bahagarariye amahoro muri ako karere.
Abantu baharurirwa mu mirongo bihaye amabarabara nyuma y'umunsi umwe abasirikare ba ONU barashe abantu babiri bakabica bagakomeretsa n'abandi cumi na batanu.
Ivyo vyabereye ku rubibe igihugu ca Congo gihana n'ica Uganda, ONU ikavuga yuko ubu abo basirikare bafashwe.
Hagati aho habaye umuhango wo kwunamira abasirikare batatu ba ONU bari mu bantu mirongo ibiri bishwe mu ndwi iheze mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukuba kw'abasirikare ba ONU mu buseruko bw'igihugu.
Abanye-Congo benshi bavuga yuko abo basirikare bananiwe gukingira abanyagihugu ibitero vyinshi vy'inyeshamba.
Uwujejwe ibikorwa vyo guhagararira amahoro muri ONU yavuze yuko impfu z'abasirikare benshi ba ONU ziheruka zongereje ingongo z'igikorwa co kugarukana amahoro muri Congo.






