Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: Ibiganiro vya Nairobi vyongeye gutanguzwa M23 itatumiwe
Cyriaque Muhawenayo
BBC Gahuzamiryango - Nairobi
Nairobi - Abakuru b’ibihugu vy’akarere batanze ubutumwa butandukanye ku kibazo c’amahoro mu burasirazuba bwa DR Congo, bahuriza ku kuba inyishu irama ari inzira y’ibiganiro no kwubahiriza ibibivamwo.
Babivuze mu biganiro vya gatatu bihuje leta ya Kinshasa n’iimigwi y’abitwaje ibigwanisho irenga 40, n’abahagarariye imiryango itegamiye kuri leta mu ntara z’uburasirazuba bwa DR Congo.
Ariko umugwi umaze igihe ariwo uvugwa cane mu yirenga ijana yitwaje ibigwanisho muri ico gihugu, M23, ntiwatumiwe muri ibi biganiro bizomara imisi itandatu.
Umukuru wa Congo, Felix Tshisekedi yavuze ko M23 izotumirwa ari uko “yemeye gushira mu ngiro ingingo zafatiwe Luanda harimwo gusubira mu birindiro warimwo imbere y’ukwezi kwa 11 mu 2021”.
Uwo mugwi wamenyesheje ko uhagaritse intambara ku wa gatanu nk’ukwo Luanda yabisavye ariko ivyo gusubira inyuma ntiwavyemeye.
Ivyo biganiro muri Safarfi Park, imwe mu mahoteri yo ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, bikuriwe na Prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, ari nawe arongoye ishirahawe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, EAC, ritunganya ivyo biganiro.
Igihe vyugururwa, Prezida Ndayishimiye yari kumwe na mugenziwe wa Kenya, William Ruto hamwe n’uwo yasubiriye Uhuru Kenyatta yatumwe n’ishirahawe kuba umuhuza muri ivyo biganiro.
Ibiganiro vyanse hokoreshwa inguvu - Museveni
Abakuru ba RD Congo, Felix Tshisekedi, Urwanda, Paul Kagame, na Uganda, Yoweri Museveni, bitavye ibirori vyo kwugurura ivyo biganiro baciye ku buhinga bwa video.
Prezida w’Urwanda, Paul Kagame, yavuze ko igitera umutekano muke muri karya karere, ari ukunanirwa gushira mu ngiro amasezerano yagiye arashirwako umukono.
Yakomeje ati : “Nizeye ko ubu uyu muhate uzatanga umusaruro. Igikenewe uyu munsi kurusha ikindi gihe ni ubushake bwa politiki bwo gukemura iki kibazo.”
Reta ya Congo n’umugwi M23 bifitaniye amasezerano atandukanye harimwo ayo mu 2013, ariko uwo mugwi wagiriza reta y’ico gihugu kudashira mu bikorwa masezerano.
Umukuru wa Uganda, Yoweri Museveni nawe yavuze ko ingorane z'imigwi yitwaje ibigwanisho zishobora gutorerwa inyishu biciye mu biganiro hagakurikira guhagarika intambara, vyanse hagakoreshwa inguvu.
Willam Ruto wa Kenya nawe yiyemeje ko Kenya izobandanya ifasha mu biganiro binakenewe no mu gukoresha inguvu ku banse kuvyitaba.
Prezida w’Uburundi Ndayishimiye yasavye amakungu gufasha ibihugu bihana urubibe na Congo mu gikorwa co gutahukana abagwanyi b’ivyo bihugu bazoba bemeye gushira ibigwanisho hasi.
Uretse imigwi y’abanye-Congo ubwabo, mu buseruko bw’ico gihugu hari imigwi yitwaje ibigwanisho iva mu Burundi no muri Uganda.
ONU nayo isanzwe ifise ingabo zo gufasha kugarukana amahoro muri Congo, Prezida Ndayishimiye yayisavye “kwitondera kuvanayo izo ngabo, ibikore yisunze uko ingabo za EAC ziriko zirarungikwa muri ico gihugu”.
Uwahora ari umukuru wa Kenya, akaba n’umuhuza w’ivyo biganiro , Uhuru Kenyatta, yabwiye abavyitavye ko “babigira ivyabo” kuko we n’abandi bahuza “ico bakora gusa ari ugufasha kugira “bishobore kuba”.
“Abo bihagazeko ba mbere n’intumwa z’abanye-Congo ubwabo”.