Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyanzuro y'ibiganiro bya Luanda: M23 ivuga ko idafite aho isubira inyuma ijya
Inyuma y'aho inama y'abakuru b'ibihugu by'akarere yaberaga i Luanda muri Angola ifatiye ibyemezo byo gutegeka M23 gusubira mu birindiro byayo, uwo mutwe uvuga ko ibyo bidashoboka.
Mw'itangazo ryasohowe ejo n'abo bakuru bibihugu, havugwamo ko M23 igomba guhagarika ibitero ku ngabo za Congo muri Kivu ya ruguru mu burengerazuba bwa Congo, bitagenze uko ikaraswaho.
Twashatse kumenya icyo umutwe wa M23 ubivugaho, maze mugenzi wacu Felin Gakwaya avugana n'icyegera cy'umuvugizi wawo, Munyarugerero Karemera Canisius, atangiye amubaza uko babyakiriye (umva icyo kiganiro aho hejuru).