Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tshisekedi avuga ko Urwanda rwigira ko rwatahukanye ingabo zarwo kandi zikiri muri Congo
Iyo ari i New York muri Amerika mu nama rusangi y'ishirahamwe ONU, Perezida Félix Tshisekedi wa DR Congo asaba amakungu ko akora ibishoboka vyose agahagararira ishirwa mu ngiro ry'amasezerano ategeka Urwanda gutahukana ingabo zarwo kugira ngo igihugu ciwe kigarukane ituze.
Mu kiganiro yahaye abanyamakuru ku wa mbere, Perezida Tshisekedi yavuze ko gushika ubu ibintu bitifashe neza nubwo Congo n'Urwanda biherutse gutera igikumu ku masezerano y'amahoro ya Washington, hari ku wa 27 Ruheshi (6), aho avuga ko biterwa n'Urwanda.
Ati: "Ndashaka ko mutahura igituma... Urwanda rwiyerekana nk'aho rwakuye abasirikare barwo muri Congo, ariko ukuri ni uko abo basirikare b'Urwanda bagikorera ku butaka bwa Congo kandi bagifatira umuriro ibikoresho vyabo M23".
BBC Gahuzamiryango yasavye umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu w'Urwanda kugira ico yishura kuri ibi birego, yishura ko atarashobora kubona akanya.
Perezida Tshisekedi yabandanije avuga ko AFC/M23 ari umugambi w'Urwanda kandi ko ikurikiza ivyo Urwanda rushaka, mbere ko n'ibiganiro vya Doha ataco bishikako kubera Urwanda.
Ati: "Ikintu conyene kihari ni uko, iyo Urwanda rutewe igitsure, ubwo nyene intumwa za M23 zica zitera intambwe mu biganiro.
"Ibi rero ni ivyerekana ko bagifise uru ruzogi rubafatanya n'Urwanda, ari narwo [Urwanda] bagenderako mbere muri vyose, haba mu vya gisirikare, mu buryo bw'amafaranga n'ibindi."
Avuga kuri ayo masezerano mw'ijambo yaraye ashikirije inama ya ONU ibandanya i New york, Tshisekedi yagize ati: "Aya masezerano asaba Kigali mu buryo butomoye gutahukana ingabo zayo zose mu buryo bushobora kugenzurwa, no gukuraho ivyo yita ingingo zo kwikingira."
Ku bwiwe, nta mahoro ashobora kuboneka mu gihugu arongoye ingabo z'Urwanda zidatahukanywe kandi zikareka gufasha M23, agasaba ishirahamwe ONU ko ryohagararira ishirwa mu ngiro ry'aya masezerano.
Si bwo bwa mbere reta ya DR Congo yagirije Urwanda ko ari rwo rufatiye umuriro inyeshamba za M23 zihanganye n'igisirikare cayo (FARDC), ibirego Kigali idahengeshanya kwamirira kure, ikavuga ko yoyo ifata ingamba zo kwikingira ingaruka z'intambara ibera mu buseruko bwa Congo.
Hagati aho, ivyegeranyo vy'abahinga ba ONU vyagiriza Urwanda ko ruha inyeshamba za M23 ingabo n'ibikoresho vya gisirikare bigezweho, ibirego vyemezwa kandi n'ibihugu bimwe bimwe vy'uburengero.
Ku ruhande rwayo, reta ya Kigali ibandanya yagiriza reta ya Congo ko ihaye indaro kandi igaha uburyo inyeshamba z'umuhari FDLR urondera gusenyura ubutegetsi bw'Urwanda. Ivyegeranyo vy'abahinga ba ONU binagiriza DRC gukorana na FDLR.
Kinshasa nayo irahakana ibi birego, ikavuga ko ata mugambi wa reta uhari wo gukorana n'izi nyeshamba, ikavuga ahubwo ko iki ari icitwazo ca Kigali co kuvogera ubutaka bwa DR Congo mu ntumbero yo gusahura amatungo kama y'iki gihugu.