Cameroun yabujije inkuru ku magara ya perezida Biya

    • Umwanditsi, Paul Njie
    • Igikorwa, BBC News, Yaoundé

Abategetsi ba Cameroun babujije ibinyamakuru muri ico gihugu kwandika no kuvuga inkuru ku magara y'umukuru w'igihugu Paul Biya, inyuma y'ibihuha ko yoba yarapfuye.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Paul Atanga Nji yabwiye abakuru b'intara ko bene izo nkuru ''zihungabanya itekane ry'abanya-Cameroun''.

''Kuvugira mu binyamakuru uko ariko kwo kwose ibijanye n'ingene umukuru w'igihugu amerewe birabujijwe cane,'' niko yashimitse avuga, agabisha ko ''abazobirengako bazokurikiranwa n'amategeko.''

Uwo mukuru w'igihugu w'imyaka 91 - amaze imyaka irenga 40 ku butegetsi - ntaragaragara ahaboba kuva ku wa 8 Nyakanga (ukwezi kw'icenda), igihe yitaba inama ya Afrika n'Ubushinwa.

Abategetsi benshi bariyamirije ibivugwa ku magara ya Paul Biya, bashimika bavuga ko amagara yiwe ameze neza kandi ko ari i Geneve mu Buswise ku giti ciwe.

Nji yavuze ko ingene amagara y'umukuru w'igihugu yifashe ari ikibazo c'umutekano w'igihugu, aca asaba abakuru b'intara gushinga abajejwe kuraba ko iyo ngingo [yo kudasubira kuvuga ibijanye n'amagara y'umukuru w'igihugu] yubahirizwa n'ibinyamakuru hamwe n'imbuga hwaniro vyigenga.

Benshi mu banyamakuru mu gihugu bavuze ko bafata ko iyo ngingo ari uguhonyanga ukwishira no kwizana mu kumenyesha amakuru.

''Mu kuvuga ko hatosubira kuvugwa ibijanye n'amagara y'umukuru w'igihugu, jewe mbona ivyo ari uguhonyanga uburenganzira bwacu,'' niko umumenyeshamakuru wo muri Cameroun atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye BBC. Abandanya ati ''bizogira ingaruka ku buryo dukora kuko nta nkeka ko tudashaka kugirana ingorane na reta''.

Izo ngingo z'ivyo abamenyeshamakuru batarekuriwe zateye kandi impungenge ku mutekano w'abamenyeshamakuru mu gihugu aho abakora mu gisata co kumenyesha amakuru bama bahizwe n'abategetsi n'imigwi yitwaje ibigwanisho.

Muri kahise, abo mu gice c'Icongereza barondera kwiyonkora baranyuruje abamenyeshamakuru mu gihe reta nayo yafashe igapfunga abakora mu binyamakuru.

''Nzobandanya kwandika amakuru n'aho nntinya ko bazonyirukako, kuko nta kuntu inkuru yanje itovuga iyo umukuru w'igihugu yarengeye canke ivyoba biriko biramushikira. Nzobandanya gukora akazi kanje,'' niko uwundi mumenyeshamakuru yavuze.

Mw'itangazo ryasohoye ku wa kane, ishirahamwe mpuzamakungu ryo gukingira abamenyeshamakuru Committee to Protect Journalists (CPJ) ryasavye abategetsi ba Cameroun ''guhagarika gukangisha guhana abamenyeshamakuru bigenga bavuga uko umukuru w'igihugu Paul Biya amerewe n'iyo ashobora kuba ari''.

''Amagara y'umukuru w'igihugu, amaze imyaka 41 ari ku butegetsi kandi ashobora gusubira kwitoza mu mwaka uza, biri mu vyo abanyagihugu bakeneye kumenya. Ivyo kugerageza kubuza kuvuga ku magara yiwe ku mvo z'umutekano w'igihugu nta kindi bizana atari ukwongereza ibihuha,'' bivugwa na Angela Quintal, umukuru w'igisata ca Afrika muri CPJ.

''Ico abategetsi ba reta ya Cameroun bakwiye gukora ni ukuvanaho ibihuha mu kwereka igihugu umukuru waco,'' niko abona vyogenda.

Mu gihe hagikomeje kuvugwa no kwibazwa ibitandukanye ku magara ya perezida Biya, abanya-Cameroun bararindiriye cane ko agaruka mu gihugu mu munsi iza, nk'uko abategetsi bavyemeye.