Umugore akomeye mu muziki yafatiwe ibihano na Zanzibar kubera igiteramo 'kitabereye'

Zuchu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwo mugore w’imyaka 30 niwe wa mbere mu karere ka Afrika y’ubuseruko afise abamukurira kuri You Tube bashika umuriyoni

Umwe mu banyamuziki bakomeye cane muri Tanzania, Zuchu, yabujijwe kuremesha ibiteramo muri Zanzibar mu kiringo c’amezi atandatu kubera igiteramo cafashwe nk’ikitari kibereye.

Muri ico giteramo yakoreye mw’izinga rya Kendwa mu kwezi guheze, harakoreshejwe amajambo n’inyifato vyeruye mu bijanye n’ibitsina.

Urwego rwa Zanzibar rw’utugenegene rwavuze ko caciye [igiteramo] kubiri n’imico, imigenzo n’akaranga k’iryo zinga.

Zuchu yaciwe kandi ihadabu ry’amadorari 390 (hafi umuriyoni mu mafaranga y’Uburundii ku rugero rwo muri banki) ku kuba yaremesheje igiteramo atanditswe muri urwo rwego.

Zuchu, izina ryiwe ry’ukuri akaba ari Zuhura Othman Soud, kuva ico gihe yarasavye imbabazi muri video yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

''Icari kigamijwe kwari uguteramisha abantu, ntikwari ukubahuvya'', niko yavuze.

Zanzibar ni izinga rigenderwa cane muri Tanzania. Mu mwaka uheze ibinyamakuru vyinshi vyarishize mu bibanza 10 vya mbere bigenderwa cane muri Africa.

Ariko abantu baho benshi bagendera ku mico ya kera, bamwe bakaba bari berekanye ko bababaye igihe video z’ico giteramo zatangura gusohoka ku mbuga hwaniro.

Uwo mugore w’imyaka 30 niwe wa mbere mu karere ka Afrika y’ubuseruko afise abamukurira kuri You Tube (YouTubers) bashika umuriyoni (1.000.000), akaba yabashikanye mu mwaka uheze.

Ni nawe kandi muririmvyi wa mbere w’umugore muri Afrika y’ubuseruko n’uwa gatanu muri Afrika yose arabwa kuri You Tube akarenga miriyoni 500, ku bw’ikigo c’izina ry’ivyo akora WCB Wasafi