Qatar World Cup 2022: Paris mu bindi bisagara bitazerekana inkino

Igisagara ca Paris kibaye ica vuba mu Bufaransa kimenyesheje ko kitazoshira imboneshakure nini abafana borabirako umupira mu gihe himirije inkino z'isi zizobera mu gihugu ca Qatar.

Ico gisagara kivuga ko bitewe n'imvo z'agateka ka zina muntu hamwe n'ibidukikije mu gihugu kizakira iryo higanwa.

Ibisagara vya Lille, Marseille, Bordeaux, Strasbourg na Reims na vyo biramaze kumenyesha ko bitazerekana izo nkino bifatiye kuri izo mpamvu nyene.

Pierre Rabadan ajejwe igisata ca Sport mu gisagara ca Paris, avuga ko no kuba izo nkino zateguwe kuba mu gihe c'ubukonje na vyo vyatumye hafatwa iyo ngingo.

Ivyo vyatanguye ku musi wa gatandatu aho umukuru w'igisagara ca Lille wo mu mugambwe w'aba socialiste, Martine Aubry, avugiye ko inkino z'igikombe c'isi muri Qatar "ata gaciro zifise uravye agateka ka zina muntu, ibidukikije na Sport".

Co kimwe n'abandi bakuru b'ibisagara, ariyamiriza uko uburenganzira bw'abakozi bwubahirizwa muri Qatar; ibivugwa ko hari igitigiri kinini c'abapfuye mu bakozi b'abanyamahanga; hamwe n'ingaruka y'ibibuga vyubatswe ku bidukikije, vyose bifise ubuhinga bwo gutanga akayaga hanze yavyo.

I Marseille, harabaye imigambi yo gushiraho imboneshakure nini mu gihe Ubufaransa bwoshika mu rukino rwa nyuma, ariko ubu ivyo bikaba vyahagaritswe.

Umukuru w'ico gisagara w'umu socialiste, Benoit Payan, yavuze ko iryo higanwa "ryagiye rihinduka buhoro buhoro iryo gusinzikaza agateka ka muntu no kutubahiriza ibidukikije, ibitajanye n'inyifato twari twiteze muri Sport - na cane cane mu mupira w'amaguru - dukwiye guteza imbere".

Ntibiramenyekana igitigiri c'ibisagara vyo mu Bufaransa biriko birategura ikibanza aho abakunzi b'umupira bashobora gukurikiranira umugwi w'Ubufaransa, ufise igikombe c'inkino zabereye mu Burusiya mu 2018.