Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Twese twahunze intambara ariko Abanya-Ukraine bahabwa ubuhungiro Abanyafrika bakatwima'
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bruxelles
Mu gihe intambara y’Uburusiya na Ukraine imaze imyaka ibiri itanguye, Abarundi, Abanyarwanda n’Abanye-Congo bahunze bava muri Ukraine bavuga ko batereranwe n’ibihugu vya Buraya bahungiyemwo.
Uwo murwi w’abava mu karere k'ibiyaga binini bari basanzwe baba muri Ukraine nk’impunzi, bavuga ko muri iyo myaka bamaze bahunze ico gihugu ubuzima bwakomeje kuba bubi kuko benshi bimwe ubuhungiro mu gihe abo bahunganye b'Abanya-Ukraine bakiriwe nk’intwari baritabwaho.
Mbyayingabo, w’imyaka 58, ni Umunyarwanda avuga neza ururimi rwa Ukraine. Intambara yateye amaze imyaka irenga 30 aba muri Ukraine, aho yari yaronse ubuhungiro kuva mu 1994 jenoside yo mu Rwanda itanguye.
Intambara ya Ukraine n’Uburusiya iteye yahungiye mu Bubirigi ariko asavye ubuhungiro barabumwima. Ahubwo yategetswe gusubira mu gihugu yamukamwo c’Urwanda, ivyo wewe abona nk’akarenganyo.
Mw’ijwi ririmwo agahinda agira ati: "Jewe navuye mu Rwanda mu mpera z’imyaka ya 1980 nja kwiga mu cahoze ari Republika Zunze Ubumwe bw'Aba Soviet (URSS). Hanyuma nungururiza muri Ukraine ariho nabaye imyaka irenga 30.
"Nahize ibijanye no gukora imiti (pharmacie). Ntivyakunze ko nsubira mu Rwanda kuko mu 1994 haciye haba jenoside nca nguma muri Ukraine aho nigisha icongereza ku murwa mukuru i Kyiv."
Mbyayingabo avuga ko yabaye mu bisagara birenga bitanu muri ico gihugu, aho mbere yigeze kwubakana n'umugore w'Umunya-Ukraine.
Ariko avuga ko icamutangaje ageze mu Bubirigi, bamwimye ubuhungiro kabiri bakamubwira gusubira mu Rwanda kandi umuryango wiwe wose warahunze.
Ati: "Sintahura igituma bakira Abanya-Ukraine ariko twebwe ntibaduhe ubuhungiro kandi twese turi impunzi."
Ivyo babihurizako na Tshimanga yamuka muri Republika ya Demokarasi ya Congo.
We yavuye i Kinshasa mu 2010 ahungira muri Ukraine, intambara iteye aca ahungira mu Bubirigi. Nawe nyene yarimwe ubuhungiro, ategekwa gusubira muri Congo, ivyo we atinya.
Ati: "Ntibishoboka ko nosubira muri Congo naje mpunga, sintahura ukuntu tudafatwa kumwe n'Abanya-Ukraine twahungiye rimwe tuva muri Ukraine."
Bertrand Bugingo, w’imyaka 29, yahunze ava mu Burundi mu 2015, yerekeza muri Ukraine, aho yiga ivy'umuyagankuba n'amahinguriro (électricité industrielle). Ingwano iteye yahunganye n’abandi ariko mu bihugu bibiri yaciyemwo baramwimye ubuhungiro.
Avuga ati: "Natanguye guhungira mu Budagi baranyima ubuhungiro kabiri kose, bantegeka gukinjura. Nungururiza mu Bubirigi naho nyene bamaze kumpakanira kabiri kose."
Ntabona aho azokwerekeza mu gihe yunguruje ntihagire ikivamwo "kuko sinosubira mu Burundi naje mpunga".
Nawe nyene ntiyumva ingene Abanya-Ukraine bigana bakiriwe nk’intwari "twebwe baturaba irarirari".
Abahinga mu mategeko ajanye n’impunzi baganiriye na BBC Gahuzamiryango bavuga ko ivyo bisa n’ivangura.
Maître Gustave Niyonzima ni umushingwamanza akaba n’umuhinga mu bijanye n’amategeko akingira impunzi. Avuga ko ivyashikiye abo Banyafrika ari ukurenga amategeko.
Ati: "Ni ukuri ivyo birababaje cane kuko umuntu arafise uburenganzira bwo kuronka igihugu ca gatatu ahungiramwo mu gihe aho yahungiye hateye intambara nkuko biri mu mategeko mpuzamakungu akingira impunzi yo kuwa 28 ukwezi kw’indwi 1951."
Avuga ko "kwakira Abanya-Ukraine ukareka abandi bahunze ingwano imwe ni ivangura," kandi ngo ingingo ya 33 y’ayo mategeko irerekana ko ata muntu yirukanwa bigaragara ko yasavye ubuhungiro ku mvo zigaragara (principe de non-refoulement).
Avuga ko ivyo bihugu vyanse kubaha ubuhungiro amategeko arategekanya ko bishobora kwitwarirwa.
BBC Gahuzamiryango yabajije ico igisata kijejwe kwakira impunzi n'abimukira mu Bubirigi kibivugako. Bishuye ko bobo bisunga amategeko mpuzamakungu kandi ko uwudashimye ashobora kwunguruza henshi hashoboka kuko amategeko abimurekurira.
Abanya-Afrika bahanzwe n'ico kibazo mu Bubirigi no mu Budagi bashobora kuba bashika 300. Ariko no mu bindi bihugu vy'ishirahamwe rya Buraya bariyo.
Ubu babeshejweho n'amashirahamwe n'ibigo bitandukanye vyitaho impunzi kuko ama reta y'ivyo bihugu ata na kimwe asubira kugufasha iyo umuntu yimwe ubuhungiro incuro zibiri.
Ubu kubera ari igihe c'imbeho nyinshi (hiver), bene ivyo bigo – harimwo Croix-Rouge – biraba aho bakika umusaya, ariko ubundi basa n'ababa mw'ibarabara kiretse abagize amahirwe bakaronka incuti zibakira.