Ingurane China iha Africa ziteye impungenge umukuru w’ibanki y’isi yose

Ahavuye isanamu, Anadolu / Getty
Umukuru w’ibanki y’isi yose yabwiye BBC ko atewe impungenge n’ingurane zimwe zimwe Ubushinwa buha ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere muri Afrika.
David Malpass avuga ko ari ngombwa ko ibiri mu masezerano bitomoka gusumba.
Avuze ibi mu gihe ibihugu, harimwo Ghana na Zambia, bitariko biroroherwa mu kuriha amadeni bifitiye Pékin/Beijing.
Ubushinwa bwobwo buvuga ko ingurane nk’izi zitangwa hisunzwe amategeko mpuzamakungu.
Ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere birakunze kugurana amafaranga mu bindi bihugu canke amashirahamwe mpuzamakungu kugira ngo bishobore kurangura imigambi y’iterambere nk’amabarara, indero n’uburimyi.
Ariko, iduga ry’inyungu bitegerezwa guha Amerika n’ibingi bihugu bitunze mu mwaka uheze rituma ibi bihugu bitoroherwa kwishura aya madeni kuko ingurane zitangwa mu mafaranga y’agaciro yo hanze nk’amadorari ya Amerika canke ama-euro.
Ni ikibazo gikomeye cane mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere bitoroherwa kuronka ayandi mafaranga akenewe mu gihe ifaranga ryavyo riba ryataye agaciro.
Malpass avuga ko izi ari “ingorane zibiri, ibi bigasigura ko iterambere ritazonyaruka”.
Uguhangana hagati ya Amerika n’Ubushinwa
Kurondera gukemura iki kibazo n’ingaruka zaco ni kimwe mu bintu nyamukuru vyari vyajanye icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika Kamala Harris mu bihugu bitatu vya Afrika. Ni urugendo rwavuyemwo ivyemezo bikomeye vy’imfashanyo y’amafaranga Tanzania na Ghana vyemerewe.
Ubushinwa buriko burarwanira cane Afrika kubera umutungo wayo kama harimwo ubutare bwinshi nka nickel, ubutare nkenerwa mu guhingura amabateri akoreshwa mu mamodoka akoresha umuyagankura.
Mw’ijambo yashikirije ku mugwa mukuru wa Ghana, Accra, yavuze ati: "Amerika ntizogenzwa n’ivyo dushobora gukorera incuti zacu za Afrika, ahubwo izogenzwa n’ivyo dushobora gukorana n’incuti zacu za Afrika”.
Iyi ngendo yo gukorana irashimagizwa na Malpass, aho avuga ko uguhiganwa hagati y’ibi bihugu bibiri vya mbere bitunze kurusha ibindi kw’isi “gushobora kuba akarusho ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere” kuko bitanga akaryo ko guhitamwo.
"Ico nsaba nshimitse ni uko amasezerano abamwo umuco. Iyo ni imwe mungorane zihari; iyo wanditse amasezerano hanyuma ukavuga ngo ‘ariko ntihagire uwundi uyereka’, aho haba harimwo agahaze. Rero va mu bintu nk’ivyo”.
Aragabisha kandi ko “ibihugu vya Afrika bidakwiye kwemera ingwati kugira ngo bihabwe ingurane kuko izoba umutwaro ku nzukuru n’inzukuruza. Niko bimeze ku Bushinwa”.
Pékin ni imwe mu masoko akomeye y’ingurane ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere muri ino myaka ya vuba.
Ubushinwa burahakana ko butariko buranyaga ibindi bihugu bukoresheje imfashanyo y’amafaranga.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru muri ino ndwi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire Mao Ning yavuze ko Ubushinwa busonera ishaka ry’ibihugu, ko butigera buhatira igihugu ico ari co cose gusaba ingurane, ko butigera butegeka igihugu ico ri co cose kwishura ingurane ku nguvu, ko ata bintu bishingiye kuri poritike buzoshira mu masezerano y’ingurane, kandi ko ata nyungu za poritike izo ari zo zose zo kwikwegerako burondera.
Malpass avuga ko iyi ngorane itari ku Bushinwa bwonyene ariko ko ibintu biriko birahinduka.
"Uravye ingene ibihugu vy’uburengero vyagiye bitanga ingurane, rimwe na rimwe si ku nyungu nyazo z’abanyagihugu b’ibihugu bihawe ingurane. Eka n’ingurane z’Ibanki y’isi yose ntizamye ari nziza nk’uko zategerezwa kuba ku gihugu kanaka.
"Rero ico turiko turagira, kandi nibaza ko bose bakwiye kugerageza gukora uko, ni uko tuzitegura ku buryo zigira akarusho kuri bene kuzihabwa”.










