Ikigega mpuzamakungu FMI kigabisha ko kimwe ca gatatu c'isi kiri mw'idindira ry'ubutunzi uno mwaka

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w’ikigega mpuzamakungu, International Monetary Fund (IMF), yagabishije ko kimwe ca gatatu c’ubutunzi bw’isi kizoja mw’idindira ry’ubutunzi uyu mwaka.
Kristalina Georgieva yavuze ko umwaka w’2023 uzoba ugoye cane kurusha umwaka uheze kubera ubutunzi bw’ibihugu vya Amerika, umuryango wa Bulaya n’Ubushinwa buriko bwikwega.
Bibaye mugihe ingwano muri Ukraine, iduga ry’ibiciro, inyungu z'umurengera zisabwa n’ikwiragira ry’ikiza ca Covid mu Bushinwa vyugarije ubutunzi bw’isi.
Mu kwezi kwa cumi ikigega mpuzamakungu caragabanije urugero mpuzamakungu rw’ukwiyongera kw’ubutunzi categekanya ku mwaka wa 2023.
Georgieva yabariye ikinyamakuru CBS mu kiganiro Face the Nation ko hitezwe ko kimwe ca gatatu c’ubutunzi bw’isi kizoba kiri mw’idindira ry’ubutunzi.
Yongeye avuga ko mbere n’ibihugu bitari mw’idindira ry’ubutunzi, abantu baharugwa mu miliyoni amajana bazomererwa nk’abari muri ryo.
Katrina Ell, umuhinga mu vy'ubutunzi mu kigo cihweza ibijanye n'ubutunzi, Moody’s Analytics gifise icicaro i Sydney, yabariye BBC ingene abona ubutunzi bw’isi.
Yagize ati “mu gihe ivyo dufatirako vyerekana ko idindira rizokwirindwa mu mwaka uza, ibituma iryo dindira ryoshika ni vyinshi ku buryo buteye impungenge. Uburaya ariko ntibuzoca mu ryahumye iryo dindira kandi na Amerika iri ku magenge”.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikigega mpuzamakungu FMI caragabanije integuro y’ukwiyongera kw'ubutunzi mu 2023 mu kwezi kwa cumi kubera ingwano iri muri Ukraine n’ingero z’inyungu z’umurengera zifatwa, mu gihe banki nkuru zo hirya no hino kw'isi zigerageza gucunga iduzwa ry’ibiciro.
Kuva ico gihe Ubushinwa bwakuyeho amategeko yo gukumira rwose ubwandu bwa Covid bunatangura gusubira kwugurura urudandaza rwabwo, n’aho umugera wa Coronavirus ubandanya ukwiragira cane mu gihugu.
Georgieva yagabishije ko Ubushinwa, busanzwe ari igihugu ca kabiri kw’isi mu gutunga, buzogira intango igoye y'umwaka wa 2023.
Yagitze ati ''mu mezi abiri ari imbere, Ubushinwa buzoba buri mu bihe bigoye, kandi ingaruka ku kwiyongera kw'ubutunzi bw'ico gihugu zizoba ari mbi, zizoba ari mbi kandi ku karere, zibe mbi no kw’isi''.
IMF ni ikigo mpuzamakungu gihurikiyemwo ibihugu 190. Bikorera hamwe kugira ubutunzi bw’isi ntibuhungabane. Imwe mu ntumbero zikomeye zaco ni ukugabisha hakiri kare ku ntumbero zijanye n’ubutunzi.
Amajambo yavuzwe na Gergieva azotera amakenga abantu hirya no hino kw’isi, cane cane muri Aziya aho umwaka wa 2022 utagenze neza.
Hagumye haba iduga ry’ibiciro muri ako karere, ahanini kubera ingwano muri Ukraine, mugihe inyungu z'umurengera ku madeni zabangamiye ingo n'ubudandaji.
Ibiharuro vyashizwe ku mugaragaro mu mpera z’indwi vyerekanye ko ubutunzi bw’Ubushinwa bwasubiye inyuma mu mpera z’umwaka w’i 2022.
Ibiharuro vyisungwa mu vyerakana intumbero y’ubutunzi mu kwezi kwa cumi na kabiri vyerekana ko ibikorwa vy’amahinguriro yo mu Bushinwa vyasubiye inyuma mu kwezi kugira gatatu ku rugero n’umuvuduko munini cane wo muri iyi myaka 3 iheze kubera umugera wa coronavirus wakwiragiye mu mahinguriro.
Muri ukwo kwezi nyene, ibiguzi vy’amazu mu bisagara 100 vyarakorotse ku kwezi kugira gatandatu vyikurikiranya, nk'uko vyerekanwa n’ikusanya-bitekerezo rya kimwe mu bigo bikomeye vyigenga bikora ubushakashatsi mu bijanye n'amazu, China Index Academy.
Ku musi wa gatandatu, mu majambo yavugiye ku mugaragaro, umukuru w’igihugu Xi Jinping yasavye ko haba umwete n’ubumwe mu Bushinwa kubera ico gihugu cagiye muco yise ‘’iyindi ntambwe’’.
Ugusubira hasi kw’ubutunzi bwa Amerika bisigura kandi ko hagurwa ibidandazwa bike biva mu Bushinwa, n’ibindi bihugu vyo muri Aziya harimwo Thailand na Vietnam.
Ingero y’inyungu ku madeni ituma kugurana bizimba cane – ivyo vyose bigatuma amahinguriro ashima kudashira amafranga mu kwongereza ibidandazwa n'ibikorwa vyayo.
Ukutiyongera kw'ubutunzi gushobora gutuma abafise imitahe badashira amafranga yabo mu rudandaza, bigatuma ibihugu na cane cane ibikenye kurusha, bikena amafranga yo gutumiza hanze ivyankenerwa nk'ibifungurwa n'amasoko ntanganguvu.
Muri uku gusubira hasi kw’ubutunzi, ifaranga rishobora gutakaza ubushobozi ugereranije n’iry'ibihugu bitunze cane, bigaca vyunyura ikibazo.
Inyungu z'umurengera ku ngurane zirashobora guteza ingorane no ku rwego rwa leta - na cane cane ku bihugu bikiri mu nzira y'amajambere, bikagira ingorane mu kuriha amadeni yavyo.
Haraheze imyaka mirongo akarere ka Aziya na Pacifike kikora cane ku Bushinwa mu migenderanire ikomeye mu rudandazwa n’ugufatana munda mu gihe ubutunzi butameze neza.
Ubu naho ubutunzi bwo muri Aziya buriko burahura n’ingaruka z’ingorane z’ubutunzi zatewe n’ukuntu Ubushinwa bwahanganye n’ikiza.
Guhingura ibikoresho nk’imiduga ikoreshwa n’umuyagankuba ya Tesla hamwe na telephone za iPhone zihingurwa na Apple birashobora gusubira gutangura, mu gihe Ubushinwa bwahevye umugambi wo kurandura Covid (zero-covid).
Ariko gusubira gukenera ibikoresho nyamukuru nk’ibitoro n’ubutare bw’icuma birashobora gutuma ibiciro biduga mu gihe vyari bisanzwe biri hejuru.
Madamu Ell yagize ati “kuba Ubushinwa bwaroroheje amategeko yo gukumira Covid atari inyishu ije gukemura ibibazo vyose. Inzira izoba ndende kandi habe ukuduga kudasanzwe kw’ibiciro n’imiburiburi mu gice cambere ca Ntwarane (3)”.
Bill Blaine, ajejwe intumbero akanatwara n’urwego rw’ibisubirira imitahe mw’ishirahamwe ry'imitahe, Sharp Capital, yavuze ko uku kugabisha kwa IMF ari "intambwe nziza ihumuye abantu amaso".
Yabwiye ikiganiro ca radiyo BBC Radio 4 citwa Today ati “naho ubuzi kw’isi ubu buboneka neza, si ubuzi butanga imishahara minini kandi tuzohura n’igabanuka ry’ubutunzi, ntabwo inyungu yakwa ku ngurane izogabanuka vuba nk’uko amasoko avyibaza.
“Ibi rero bizoteza ingaruka zitandukanye zizotuma amasoko aguma mu gihirahiro n’imiburiburi mu gice ca mbere c’umwaka wa 2023”.












