Burundi - Amatora: Umugambwe CNDD-FDD utahukanye intebe zose z'abashingamateka

Imyiyamamazo y'umugambwe CNDD-FDD i Musigati mu ntara ya Bujumbura

Ahavuye isanamu, CNDD-FDD

Insiguro y'isanamu, Imyiyamamazo y'umugambwe CNDD-FDD i Musigati mu ntara ya Bujumbura

Mu ntara zose zigize Uburundi ko ari zitanu, umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD ni wo watahukanye intsinzi mu matora y'abashingamateka n'abahanuzi b'amakomine yabaye itariki 5 z'ukwezi kwa Ruheshi(6) mu 2025.

Mu biharuro vyavuye muri ayo matora, umugwi ujejwe gutegura amatora CENI umenyesha ko abitavye ayo matora bashika ku 5.945.869 ku barenga imiriyo 6 bari biyandikishije harimwo n'abatoreye hanze y'igihugu.

Mu gihugu cose, umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD watahukanye intsinzi ku majwi 96.51% .

Ivyo bisigura ko inama nshingamateka yo muri iyi myaka itanu yimirije izoba igizwe n'umugambwe umwe rudende.

Imigambwe yitavye amatora hamwe n'inani, nta na bamwe bashikanye amajwi 2% ategekanijwe n'amategeko kugira binjire mu nama nshingamateka.

Ni co kimwe n'abigenga. Nta n'umwe azinjira mu nama nshingamateka kuko nta n'umwe yashikanye amajwi 40% asabwa n'amategeko.

Umugambwe Uprona watwaye Uburundi mu myaka irenga mirongo itatu, uri mu kibanza ca kabiri n'amajwi 1.38%. Ariko nta mushingamateka n'umwe uwo mugambwe waronse.

Umugambwe CNL uza mu kibanza ca gatatu n'amajwi 0.58%.

Mu mategeko inama nshingamateka y'Uburundi itegerezwa kuba irimwo abantu 100.

Kubera kwubahiriza ibitigiri vy'amoko n'ibitsina, hongewemwo abavuye mu migambwe 8 hamwe n'abatwa 3.

Inama nshingamateka nshasha izoba igizwe rero n'abashingamateka 111.

Ivyo biharuro n'ivyo imfatakibanza, kuko bica birungikwa muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro kugira itangaze ibiharuro ntabanduka.

Abarongoye imigambwe UPRONA na CNL ntibaje gukurikirana igikorwa co gutangaza ibiharuro vy'ivyavuye mu matora.

Imyidogo mu migambwe yitavye amatora

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

UPRONA, CNL, Urunani rw'Uburundi bwa Bose baza baramaze kuvuga ko amatora yaranzwemwo utunenge.

Imbere y'uko akanama kajejwe gutegura amatora CENI gatangaza ivyayavuyemwo, umugambwe UPRONA watanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho wiyamirije ibiharuro vyari bigiye gutangazwa n'ako kanama.

Uprona isaba CENI ko yobona kumwe na Uprona amanyanga yibonekeje muri aya matora, ikananegura abajejwe umutekano vyagaragaye ko bagize aho begamiye.

Uwo mugambwe usaba prezida Evariste Ndayishimiye guhagararira demokarasi.

Uwo mugambwe ugira uti:" Turasaba prezida gufata ingingo zihuta aravye ingene amatora yagenze, zo guhagararira demokarasi igeramiwe."

UPRONA kandi isaba gupfungura abapfunzwe bose bazira aya matora.

Uwo mugambwe usaba reta gutunganya ibiganiro vya politique kugira hatorwe umuti ku ngorane zatewe n'aya matora.

"Dusaba ko hagarukanwa amasezerano ya Arusha," ni ko uwo mugambwe uvuga.

UPRONA isaba ko amakungu atohirahira ngo yemera ivyavuye muri aya matora.

Uwo mugambwe wibutsa ivyagoranye mu myaka ya 65, 72, 88, 93, 2015... Ikabona ko hakenewe ubutegetsi bushira imbere ugusubiza hamwe no gusabikanya ubutegetsi.

Mu tunenge twaranze amatora UPRONA ivuga harimwo:

  • Kuzuza amajwi mu masandugu
  • Gupfunga inderetsi z'imigambwe
  • Gushira imbonerakure mu bibanza vy'amatora zitera ubwoba zikanategeka uko abantu batora.

Ivyavuye mu matora bimaze gutangazwa, n' urunani Uburundi bwa Bose na rwo rwasohoye itangazo ruvyiyamiriza.

Urwo runani ruvuga ko rwiyamirije rwivuye inyuma ivyatangajwe n'umugwi ujejwe gutegura amatora CENI "bitajanye nishaka ry'abarundi bitavye amatora hose mu gihugu."

Mw'itangazo ryo kuri uyu wa kabiri, umugwi wigenga ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH, warasohoye itangazo uvuga ko n'aho hagiye haribonekeza utunenge duto duto, muri rusangi amatora y'abashingamateka n'abajenama b'amakomine yagenze neza.