Musenyeri mukuru wa Anglikani yatanze imihoho kubera akamaramaza kajanye n'Ishengero

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Ian Aikman
- Igikorwa, BBC News
Musenyeri mukuru wa Canterbury, ari we akuriye abandi mw'Ishengero rya Anglikani kw'isi, yamenyesheje ko atanze imihoho (yeguye) mu mabanga yiwe kubera icegeranyo c'agahomerabunwa ku muntu yihaye ibara mu guhohotera abana afise aho ahurira n'Ishengero rya Anglikani.
Ico cegeranyo casanze Justin Welby, w'imyaka 68, ataco yakoze ku vyegeranyo ku nyifato y'akamaramaza ya John Smyth mu guhohotera abana b'abahungu n'abagabo bakiri bato.
Mw'itangazo, Welby yavuze ati: ''Maze gusaba uruhusha Umwami, nafashe ingingo yo gutanga imihoho nka musenyeri mukuru wa Canterbury.''
Yongeyeko ko ''bigaragara ko ntegerezwa kubibazwa ku giti canje no ku giti c'urwego'' ku ruhara rwiwe mu co yoba yarakoze kuri ayo mahano.
Yavuze ati: ''Nizeye ko iyi ngingo yerekana mu buryo butomoye ingene Ishengero rya Anglikani ryumva uko hakenewe impinduka n'ingene twiyemeje ko haba ishengero ritekanye gusumba.
''Mu gutanga imihoho ndabikoze mu gahinda mfatanije n'abahuye n'ayo mahano hamwe n'abayarokotse.''
Yavuze ko mu minsi yakurikiye kuva ico cegeranyo ku mabi ya Smyth gisohotse, yagumye yumva '' cane ikimutera ibimaramare kuri kahise ko kunanirwa kw'Ishengero rya Anglikani mu gukinga amabi''.
''Mu kiringo c'imyaka 12 naritaye ku rutare kugira ibintu bibe vyiza gusumba. Abandi nibo bazogira ico bavuga ku vyaranguwe,'' nk'uko yavuze.
Ntibiramenyekana ryari uwo munyeri mukuru azovira muri ico kibanza.
Uwo musenyeri mukuru yagumye aremerwa ngo atange imihoho kuva aho bimenyekanijye ko ataco yakoze ku vyegeranyo vy'amabi Smyth yakoreye abana b'abahungu n'abagabo bakiri bato barenga 100.
Ico cegeranyo ca Keith Makin caravuze neza ingene Smyth yakubita abo bana n'abagabo mu ntumbero ''yagaragara ko ishingiye ku gitsina n'ukuryoherwa no gukora ikibi,'' mu myaka ya 1970 na 1980.
Smyth yari umujenama mu mategeko akomeye akaba n'umumenyeshamana w'umulayike (laique)- umuntu aremesha ibisabisho ariko atatiwe nk'uwihebeye imana - yari ajejwe amakambi yo mu buruhuko bwo mu ci ku bakristu bakiri bato.
Yagirijwe guhohotera abana bashika 30 mu nzu yiwe iri Winchester bari bahuriye mu makambi yo mu buruhuko bwo mu ci mu myaka ya 1970 na 1980.
Yarondera abana b'abahungu baza muri ayo makambi no mu vyigwa mu yaza imbere mu mashure ya reta, harimwo na Winchester College, hanyuma akabajana iwe akabakubitisha inkoni yabika mu kazu k'ibikoresho.
Bamwe mu bo yakoreye amahano vyaba ngombwa ko bambara ivyahi vy'abakuze kubera amaraso menshi baba baravuye.
Smyth mu nyuma yimukiye muri Zimbabwe hanyuma muri Afrika y'Epfo, aho naho bivugwa ko yahohoteye ''abana b'abahungu bafise hagati y'imyaka 13 na 17'' bari hagati ya 85 na 100.
Ico cegeranyo co ku ndwi iheze canzura ko Smyth ''yashobora kandi yategerezwa'' kuba yararezwe mu giporisi mu 2013, igihe abategetsi b'Ishengero barimwo na Welby bashikirizwa ido n'ido ry'ayo mabi yakoze.










