Musenyeri mukuru wa Anglican muri UK arasaba imbabazi ku ruhara rw'Ishengero mu bucakara

Ahavuye isanamu, Getty Images
Musenyeri mukuru wa Canterbury yasavye imbabazi inyuma y’aho amatohoza yerekaniye ko ikigega c’imitahe y’Ishengero rya anglicane mu Bwongereza gifitaniye isano n’ubucakara.
Aya matohoza yakozwe asabwe n’ishami ry’iri shengero, Church Commissioners, rijejwe amatungo yaryo, yerekana ko mu kiringo c’imyaka irenga 100 iki kigega cashize amafaranga menshi cane mw’ikompanyi yari ijejwe gutwara abantu mu bucakara.
Ico kigega cari kizwi mu kinjana ca 18 kw’izina rya Queen Anne’s Bounty, cahavuye gihinduka ikigo c’imitahe ishika ku miriyaridi 10,1 z’amapawundi.
Musenyeri mukuru Justin Welby avuga ko yababaye cane kwumva ishengero arongoye rifitaniye isano n’ubucakara.
Ikigega Queen Anne's Bounty cashinzwe mu 1704 mu ntumbero yo gufasha abakozi b’Imana bari bakenye.
Itohoza ku makonte yaco mu 1739 ryerekana ko umutahe w’amapawundi 204.000 (ubu yababa imiriyoni 443 y’amapawundi nyene) washowe mw’ikompanyi South Sea Company yagurisha abacakara b'abanye-Afrika.
South Sea Company yari ifise amasezerano yihariye yo kuvana abacakara muri Afrika ibatwara mu bihugu vyatwarwa na Espagne muri Amerika y’Ubumanuko mu kiringo c’imyaka irenga 30 kuva mu myaka ya 1710.
Yatwaye ibihumbi mirongo vy’abacakara, amatohoza akerekana ko hafi 15% yabo bapfiriye mu nzira.
Ishengero rya Anglicane mu Bwongereza ryabandanije rishora imitahe muri South Sea Company gushika mu kinjana ca 19.
Uyu musenyeri mukuru avuga ati: “Uru rudandaza rw’agahomerabunwa rwafashe abagabo, abagore n’abana baremwe mw’ishusho y’Imana rubaka agateka kabo n’ubwigenge bwabo.
“Birateye isoni kubona hari bamwe mw’Ishengero bashigikiye bikomeye bakegeranya amatungo muri uru rudandaza.
“Inzira yonyene yo gukira koko kunywanisha – ari yo Yezu Kristu/Yesu Kristo aduhamagarira gufata – ni uko duhangana n’uku kuri kubabaje hanyuma tugafata ingingo”.

UMWIHWEZO
Ku ruhande rumwe, Ishengero ry’Ubwongereza ririshimira uruhara ryagize mu guhagarika ubucakara, rigafatira ku ruhara umuvugabutumwa wa Anglicane, William Wilberforce, yagize. Ku rundi ruhande, ni ngombwa ko ryemera ko ryagiye ryungukira mu bucakara.
Mu myaka iheze, Ishengero rya Anglicane mu Bwongereza riherutse gusaba imbabazi ku bakozi baryo batari bake babonetse ko bari bafise abacakara.
Ryasavye imbabazi kubera ishami ryaryo rijejwe ubutumwa, The Society for the Propagation of the Gospel (twogereranya mu kirundi tuti “Umuryango wo gukwiragiza Inkuru nziza”), ryari rifise itongo ahitwa Barbados, maze rishira ikimenyetso ku bacakara ryakoresha mu gikiriza cavuga ngo SOCIETY (twogereranya n’ijambo UMURYANGO).
Ubu rero, ku matohoza yaryo ryo nyene, ryemeye ko mu kiringo c’imyaka mirongo ikigega caryo cashoye imitahe y’amafaranga hafi yaryo yose – hampande y’ayo ryakoresheje mu kugura amatongo – mw’ikompanyi yari ifise uruhara yiharije rwo gutwara abacakara muri Amerika y’Ubumanuko.
Mu gihe abarenga inusu y’abanywanyi b’Ishengero rya Anglicane kw’isi yose bari ku mugabane wa Afrika, iyi nkuru ishobora kutorosha ibintu.
Ishengero rya Anglican mu Bwongereza ryatanguje aya matohoza mu ntumbero yo gushira ahabona kahise karyo rikavuga ko hagiye gutumwako umurwi wo kwiga inyishu ikwiriye.
Ariko umuvugizi ntazi nimba ibi bisigura ko hagiye kuba ayandi matangazo n’amasengesho, canke nimba hashobora kubamwo n’ibiganiro ku bijanye n’indishi y’akababaro mu buryo bw’amafaranga.

Aya matohoza yerekana kandi ko iki kigega cahawe intererano z’abantu bungukiye canke bafitaniye isano n’ubu bucakara bwabaye hagati y’imigabane hamwe n’ibikorwa vy’ubutunzi bwari bushingiye ku burimyi muri uru rudandaza rw’abantu.
Uyu musenyeri mukuru yongerako ati: “Ndasabiye abo bose bakozweko n’iyi nkuru kandi nibaza ko dushobora gukorera hamwe tukihweza iyindi nzira twofata”.














