Umuganwa William yerekanye 'akababaro' ku buja mw'ijambo yashikirije muri Jamaica

The Duke of Cambridge delivers a speech during a dinner hosted by the Governor General of Jamaica

Ahavuye isanamu, Reuters

Umuganwa William yerekanye 'akababaro' afise ku buja igihe yashikiriza ijambo muri Jamaique.

Uwo muganwa yavuze ko ubuja bwari buteye isoni, "ntivyari bikwiye kuba vyarabaye" kandi "bizoguma ari agatosi kuri kahise kacu".

Imbere y'aho, umushikiranganji wa mbere w'iryo zinga, Andrew Holness, yabwiye uwo muganwa samuragwa ko igihugu ciwe gitegekanya kubandanya imigambi yaco nk'igihugu cigenga.

Ku musi ugira gatanu mu rugendo rwiwe mu mazinga ya Caraïbes ari kumwe na duchesse (umugore wiuwe), yagendeye kandi ibitaro n'ishure.

Mw'ijambo yavugiye mu gatatutu ko kumwakira kateguwe n'uwuhagarariye ingoma muri Jamaique (Governor General of Jamaica), umuganwa William yashimagije inyifato y'iryo zinga ituma "riba iridasanzwe" anavuga ku ruhara rw'Ubwongereza mu kugira abantu abaja.

Yavuze ati: "Mu gihe igikomere ari kinini, igihugu ca Jamaique kirabandanya gutegura kazoza kaco ata gukebaguzwa kandi n'ishaka."

Uwo muganwa yongeyeko ko umwamikazi akunda cane ico gihugu, aca avuga ko vyamushitse ku mutima kwumva ingene abanya-Jaimaque bakunda inakuru wiwe igihe ariko arahimbaza umwaka ugira uwa 70 agiye ku ngoma (Platinum Jubilee).

line

Umwihwezo wa Jonny Diamond, akurikirana amakuru y'i bwami

"Agahinda" si "imbabazi". Bamwe bashobora kutanezerezwa n'ibi. Ariko "imbabazi" gishobora kuba ikindi kintu kiri hejuru kirimwo kwemera uruhara no kwugurura ikibazo cerekeye indishi y'akababaro y'amafaranga.

Nta gitangaje kuba umuganwa William atarengeje ngaho. Ako koba akazi ka reta, si ak'ubwami.

Igihe navugana n'abanya-Jamaica ku mugoroba muri Parc ya Emancipation i Kingston, hari ivyiyumviro vyinshi ku vyerekeye ubuja, ariko bitagiramwo agashavu.

Haravugwanwo umubabaro, ariko kandi no kwemera ko uru runganwe rw'abanya-Jamaica ataco rusa rusana n'abacuzwe bufuni na buhoro (afashwe nabi ) n'abatunzi b'imirima mu gihe c'ubutegetsi bwa gikoroni. Ni barya bababaye ico gihe bari bakwiye gusabwa inbabazi, nk'uko vyavuzwe n'umugore akiri muto.

Iyi yabaye intambwe ikomeye ya poritike muri urwo urugendo muri Caraïbes. Abicishije kw'ijambo ryiwe, William yagerageje guhangana na bimwe mu bibazo vyerekeye kahise k'Ubwongereza muri Jamaique.

Ariko umushikiranganji wa mbere yabajije ikibazo gikomeye cerekeye kazoza k'umuryango w'ubwami muri Jamaique imaze kwikukira bikwiye.

line

Hari amajwi muri Jamaique asaba ko umwamikazi ahebwa nk'umukuru w'igihugu kandi muri urwo rugendo habaye imyiyerekano y'abasaba ko ubwami butanga indishi y'akababaro kw'igurishwa ry'abaja.

Holness, yitoje ashira imbere umugambi w'uko Jamaique iba irepuburika, yabwiye uwo muganwa ko hari ibibazo "bitaratorerwa inyishu" ariko avuga kuba umuganwa yashitse muri Jamaique ari akaryo keza ko kubikemura.

Yavuze ko Jamaique "ivyo yateye intambwe imbere" kandi yongerako ati : "Dufise intumbero yo gushika vuba ku migambi yacu y'iterambere no gushika ku vyipfuzo na kazoza vyacu nk'igihugu cigenga, giteye imbere kandi cifashe."

The Duke and Duchess of Cambridge with Jamaican Prime Minister Andrew Holness and Governor General of Jamaica Patrick Allen during a dinner

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Jamaique Andrew Holness (i bubamfu) yabwiye umuganwa William ko hari ibintu "bitaratorerwa inyishu"
The Duke and Duchess of Cambridge, Guillermo (R) and Catalina (L), observe a panel with photos of recovered children entitled "Little Heroes"

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umuganwa William n'umupfasoni wiwe bagendeye ibitaro n'ishure
The Duchess of Cambridge visits Shortwood Teacher"s College in Kingston, Jamaica

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Duchesse wa Cambridge yaganiriye n'abanyeshure bo kuri Shortwood Teachers' College muri Kingston

Mu mwaka uheze, Barbados yarivanyeko ku mugaragaro umwamikazi nk'umukuru w'igihugu mu birori vyitabwe n'umuganwa Charles.

Mw'ijambo ryashikirijwe n'umuganwa Charles ico gihe, yaremeye" ko hakozwe ibibi vy'agahomerabunwa ku baja", ivyo n'umuhungu wiwe yagarutseko mw'ijambo ryiwe muri Jamaique.

Ku musi wa gatatu, umuganwa William yaciye asangwayo n'umugore wiwe, Catherine , duchesse wa Cambridge aho baciye bagendera ibitaro vya Spanish Town n'ishure rya Shortwood Teachers' College aho bahuye n'abakozi n'abanyeshure b'aho.

Aho ku bitaro umuganwa William yahishuye ko be n'umugore wiwe bompi bahawe incanco zitatu za Covid baca bavuga ko abakozi " ari intwari zuzuye" aca abasaba ko bokwitaho amagara yabo yo mu mutwe.

Bagendeye kandi igisata gitanga inyigisho za gisirikare muri Caraïbes (Caribbean Military Technical Training Institute), kiri iruhande ya Montego Bay, aho duchesse Catherine yahase umugabo wiwe kuva mw'ibarabara igihe yariko arerekana ubuhinga bwiwe mu gutwara imodoka.

Mw'ijambo ryiwe, umuganwa William yavuze ko vyari kuba vyiza iyo bikunda ko be n'umugore wiwe bamara uwundi mwanya muri Jamaique, aca avuga ko bizeye ko bazogaruka bari kumwe n'abana babo.

Insiguro ya video, Ubucakara bw'ibihe vya none (modern slavery) mu Bwongereza kirakomeye, benshi mu bahohoterwa bava muri Nigeria na Albania