Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia: Inyeshamba za Tigray ziriko zirasubiza ibirwanisho
Ingabo za Tigray zari zimaze imyaka ibiri zirwanya igisirikare ca reta ya Ethiopia zatanguye gushira ibirwanisho hasi mu gihe amasezerano yateweko igikumu muri Munyonyo (11) 2022 muri Afrika y’Epfo abandanya atera intambwe.
Umuvugizi w’uyu muhari w’inyeshamba zo mu buraruko bwa Ethiopia avuga ko basubije ibirwanisho bikomakomeye mu minwe y’igisirikare.
Getachew Reda yanditse kuri Twitter ko iki gikorwa co gusubiza ibirwanisho cemejwe n’umurwi w’Ubumwe bwa Afrika ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’aya masezerano.
Amasanamu yasohowe n’imboneshakure y’iyo ntara yerekana ibirwanisho bikomakomeye birimwo vya muzinga biriko birimurirwa ku kirindiro c’igisirikare.
Umurwi w’Ubumwe bwa Afrika ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’aya masezerano uvuga ko isubizwa ry’ibi birwanisho ari “intambwe ijana mu nziza nziza” yo guhagarika intambara.
Iyi ngingo ni umushinge w’aya masezerano kumwe n’uko ubuzima busanzwe bwosubira gutangura muri iyo ntara yasinzikajwe n‘intambara igahitana ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu.
Iyindi ngingo ni uko ingabo za Eritrea zagiye gufasha igisirikare ca reta ya Ethiopia zisubizwa iwabo.
Getachew, umuvugizi wa Tigray akongera akaba n’umwe mu bari mu biganiro kw’izina ry’ingabo zayo avuga ko hari icizere ko isubizwa ry’ibi birwanisho “rizojana n’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yose”.
Nk’imwe mu ndyane za Afrika zahitanye abantu benshi, iyi ntambara izwi ko yahitanye abanyagihugu ibihumbi mirongo, abaharurwa mu ma miriyoni nabo baterwa na kigoyi.
Ariko hari icizere inyuma y’aho reta ya Ethiopia n’inyeshamba za Tigray zitereye igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara burundu i Pretoria.
Imibonano yakurikiye hagati y’intwazangabo z’impande zompi yashizeho urutonde rw’ingene ibikorwa vyo gusubiza ibirwanisho no gusubizwa mu buzima busanzwe bizogenda.
Amakungu abandanya asaba ko ingabo za Eritrea hamwe n’izo mu ntara ya Amhara – zompi zikaba ari somambike na reta ya Ethiopia muri ino ntambara ariko kandi zikaba zitari muri ano masezerano – zivanwa muri Tigray.
Ariko amakuru atangwa n’ivyabona avuga ko ingabo za Eritrea zibandanya zibonekeza mu bisagara vya Tigray.
Asmara (umugwa mukuru wa Eritrea) ivuga gake cane kuri ino ntambara canke kuri ano masezerano y’amahoro ariko uwuserukira iki gihugu mu Burusiya aherutse gutangaza ko Ethiopia yonyene ari yo ishobora gusaba ingabo za Eritrea gusubira mu gihugu cabo.