Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Umwaka intambara itanguye, habaye iki?
Umunsi umwaka ukwiye hatanguye igitero c’Uburusiya kuri Ukraine, wabaye umunsi wo gusubiza amaso inyuma, ariko kandi akaryo kuri Ukraine n’abayishigikiye ko gusubira gushimangira ishaka ryabo ryo gushika ku ntsinzi.
Mu bikuru bikuru vyabaye:
- ‘’Umwaka w’ukudatsindwa’’ niko umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yise amezi cumi n’abiri aheze, aho yiyemeje ‘’gukora ibishoboka vyose kugira haboneke intsinzi uyu mwaka’’
- Abategetsi b’urunani OTAN [rugwaniriza umwansi hamwe] na G7 bongeye kwibutsa ko bashigikiye Ukraine ata guhesha, atari gusa mu majambo, ahubwo mu gutanga iyindi mfashanyo no gufata ibindi bihano ku Burusiya
- Pologne yamenyesheje ko yamaze guha Ukraine ama-chars ya Leopard ane, mu gihe G7, harimwo Ubwongereza na Amerika, yamenyesheje imigambi y’ibihano bishasha ku Burusiya kugira babangamire kurusha ububasha bw’intambara bwa Vladimir Putin
- Ntaco prezida w’Uburusiya aravuga uyu munsi, ahubwo uwo yasubiriye, Dmitry Medvedev niwe yavuze abwira ubutegetsi bw’igihugu gusunika ingabo za Ukraine zigasubira ku rubibe na Pologne. Nta birori bikomeye vyabaye vyo kwibuka umwaka uheze mu Burusiya, kandi nta n’ico wavuzweko kuri televion y’igihugu.
- Ariko irya n’ino kw’isi habaye ibirori, harimwo no mu Bwongereza ahabaye umunota w’agacarere.
Mu kindi kimenyetso c'uburongozi butari bumenyerewe kandi bufise ingendo ya none, prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yemeye kwifotozanya selfie n'umumenyeshamakuru w'umunya-Azerbaijan yari abajije ikibazo c'imigenderanire hagati ya Ukraine na Azerbaijan.
Umwihwezo wa Steve Rosenberg, BBC Russia
Vladimir Putin yari yizeye intsinzi yihuta, yari guhatira Ukraine gusubira mu kwaha kw’Uburusiya.
Ariko ico yise igikorwa kidasanzwe ca gisirikare nticagenze uko vyari vyitezwe.
Muri aya mezi cumi n’abiri aheze, ingabo z’Uburusiya zaratakaje cane – ubutegetsi bw’Uburusiya vyabaye ngombwa ko buhamagaza ingabo kugira bwongereze ibitigiri, bwinjiza Abarusiya ibihumbi mu gisirikare.
Mu gihe intambara yinjiye mu mwaka ugira kabiri, Putin asa n’uwufise ishaka ryo gukomeza – yumva ko Uburusiya bufise uburyo bwo gushika, impera n’imperuka, ku ntsinzi ya gisirikare kuri Uktraine n’Uburengerazuba.
Ibihano mpuzamakungu vyarakomerekeje ibutunzi bw’Uburusiya ariko ico bitarashobora n’ugutabagaza ubutunzi canke gutuma Uburusiya busubiza umugongo inyuma.
Ngaha gushika ubu, Putin ntaremerewe cane n’abanyagihugu kugira arangize intambara. Abarusiya benshi bemera ivyo ibinyamakuru vya reta bibabwira – ko Uburusiya atari bwo bwateye Ukraine, kandi ko bugwanira amahoro.