Abantu babiri bishwe n'ibintu biturika i Kampala ku minsi w'Abamaratiri

Abantu babiri bapfuye inyuma y'igisasu caturikiye i Kampala, umurwa mukuru wa Uganda mu gihe ico gihugu cariko kirahimbaza umunsi wo kwibuka Abamaratiri.

Ivyo vyabereye hafi y'imwe mu nyubakwa zo gusengeramwo aho abakirisu ibihumbi n'ibihumbi bari bakoraniye.

Abapfuye ni umugabo n'umugore bariko baragenda kw'ipikipiki nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ako karere.

Ariko Chris Magezi, umuvugizi w'imfatakibanza w'ingabo z'igihugu, yavuze ko abo bapfuye bari abakora iterabwoba bahagaritswe mu gihe bari bafise ibisasu bikomeye.

Abajejwe umutekano barungitswe ku bwinshi ahabereye ukwo guturika. Hagati aho ibihumbi amajana vy'abaje gusenga bari bahuriye Namugongo kugira ngo bahimbaze umusi w'abamaratiri.

Umunsi w'Abamaratiri ni umwe mu mitambagiro y'abakirisu muri Afrika, ujamwo amamiliyoni y'abizera buri mwaka kugira ngo batere iteka abamaratiri 45 bo muri Uganda.

Bari bagizwe n'abagatolika 22 n'abanglikani 23 bishwe hagati ya 1885 na 1887 ku mategeko ya Kabaka (Umwami) Mwanga II wo muri Buganda kubera banse guhakana ukwizera kwabo.

Muri Uganda itariki 3 z'ukwa gatandatu ni umusi w'akaruhuko, kandi abantu ibihumbi n'ibihumbi bitabira uwo mutambagiro mu kugenda n'amaguru.

Ibindi wosoma: