Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igihano co guherayo kubagirizwa iterabwoba muri Uganda
Abantu batanu baciriwe urubanza rwo guherayo muri Uganda bagiriwe n'icaha c'iterabwoba cabaye mu 2010 ku mugwa mukuru wa Kampala, ahasize ubuzima abantu 74.
Muri bo, harimwo Issa Ahmed Luyima, uwateguye ico gitero cagizwe n'umugwi wa Al-Shabab.
Abandi bantu babiri bahamwe n'icaha c'iterabwoba bahawe igihano co gupfungwa imyaka 50.
Asoma urwo rubanza, umucamanza Alfonse Owiny-Dollo yavuze ko kubahanisha igihano co gupfa bitotuma ibintu nk'ivyo bisubira.
Ni ubwa mbere abagirizwa ibire vy'iteraboba bagirwa n'ico caha hanze y'igihugu ca Somalia.
Abandi bantu batandatu bagirizwa muri urwo rubanza bagizwe abere ku vyaha vy'iterabwoba n'ubwicanyi, ariko umwe muri bo, yagirijwe icaha kidahambaye cane.