"Turi ku muvuduko tugana umuriro udahera w'ihindagurika ry'ibihe"-Guterres aragabisha

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, António Guterres, yavuze ko isi iriko iragenda mw’ibarabara ryagutse [kandi ry’umuvuduko munini] igana umuriro udahera w’ihindagurika ry’ibihe.
Avugira ijambo mw’ikoraniro rya ONU rigira irya 27 ku bihe, COP27, ririko rirabera i Sharm El-Sheikh mu Misiri, António Guterres yagize ati: “Isaha iguma yandika umwanya. Turiko turwanira ubuzima bwacu, kandi turiko turatsindwa.”
Yabandanije ati : “Imyuka ihumanya ikirere iguma yiyongera, ubushuhe bw’isi buguma bwongerekana, kandi isi iguma yegereza aho akaga k’ibihe katazoba kagishobora gusubizwa inyuma”.
“Turi mw’ibarabara ryagutse tugana umuriro udahera w’ihindagurika
ry'ibihe kandi tuguma twongereza umuvuduko”.

Ahavuye isanamu, EPA
Abandi bategetsi bavuze iki?
Abdel Fattah El-Sisi, Prezida wa Misiri, ari naho inama iriko irabera yavuze ati: “Abantu kw’isi yose bakeneye ibikorwa vyihuta kandi bifadika kugira hagabanywe imyuka ihumanya ikirere”.
Yanasavye ko hatangwa uburyo bwo gufasha “ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere biri mu vya mbere biriko birahura n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe”
Prezida Sisi avuga ko ata mwanya uhari wo kurindira canke kwijijanya imitima. Ati “iki nico gihe mbonekarimwe” aho ibihugu vyose kw’isi bitegerezwa kwuzuza inshingano zavyo”.
Yasubiyemwo “Gushira mu bikorwa, gushira mu bikorwa, gushira mu bikorwa”, amajambo yama agarukwako ku capa muri bene ayo makoraniro.

Ahavuye isanamu, COP27
Makcy Sall
Prezida wa Senegal akaba n'umukuru w'ishirahamwe rya Afrika, Macky Sall, yavuze ko COP27 ari akaryo ku bihugu biteye imbere n'ibikiri mu nzira y'iterambere ko "kwubaka amateka" canke "guhitanwa n'amateka".
Yavuze ko Afrika iri mu turere tuza imbere ku murongo wo kugabanya imyuka ihumanya ikirere n'ubwo uruhara rwayo mu kurekura iyo myuka rutarenze 4% ufatiye ku rugero rw'imyuka yisuka mu kirere kw'isi yose.
Ariko yongerako ati: "Abahumanya ikirere kurusha abandi nibo bategerezwa gutanga amafaranga menshi kurusha abandi kugira tuvane isi yacu muri aka kaga k'ihindagurika ry'ibihe."
Amafaranga yo guhangana n'ihindagurika ry'ibihe: Ayo ibihugu bitunze vyegeranije bigatanga

"Havugwa vyinshi hagakorwa bike"
Kure y’ahariko harabera ikoraniro rya COP27 i Sharm el-Sheikh mu Misiri, inzamba zo gutabaza ziguma zivuga zigabisha ko akari imbere gahinda ku bijnanye n’ihindagurika ry’ibihe.
Umwigisha Hannah Cloke, umuhinga mu bijanye n’ibirere kuri kaminuza ya Reading, yari asanzwe amaze kuvuga ko “kahise kazoducira urubanza nk’urunganwe rwa mbere rubabaje, rutabona kure kandi rw’ikijuju rwabayeho hamwe twobandanya kwirengagiza akaga k’ihindagurika ry’ikirere ritewe n’abantu”.
Avugira mu kiganiro co kuri Radio 4 [yo mu Bwongereza] uyu munsi mu gitondo, madame Cloke yavuze ko “ananirwa” no kuronka aho ahera mu kugerageza kwereka abantu ingene ibintu bimeze nabi cane ku bijanye n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe.
Avuga ko nk’umuhinga w’ibirere, abantu bamubwira “kuguma ku bintu bifadika gusa, ntutere ubwoba abantu, ntutange iciyumviro cawe bwite”.
Ariko avuga ko ivyo yabirambiwe. “Ivyo, twebwe abahinga tubimzemwo imyaka 30, tuguma dusemerera. Ariko ibikorwa bikenewe ntavyo tubona".
Abandanya ari: “Turafise ivyemeza kuva mu mwaka uheze, aho ata ruhande na rumwe rw’isi ruterekana ko hari ikibazo gikomeye ngaha. Urugero rw’amazi rurguma ruduga mu mabahari rwihuse gusumba, imipfunda ihitana ibintu n’abantu… haguma harushiriza gushuha, kandi umwanya dufise wo guhindura iyo ibintu biriko biraja uguma utubana muto uko bukeye uko bwije. Umenga havugwa vyinshi hagakorwa bike.
"…Biteye ubwoba kandi biravuna umutima cane”.
Avuga ko afise impungenge ko isi izohava inanirwa no gushika kw’ihangiro ryo kubuza ko ubushuhe bw’isi bwiyongerako 1,5C.
Ariko yemeza ko ama reta afise ubuhinga n’ubushobozi bwo gutorera inyishu ibibazo vy’ihindagurika ry’ibihe.










