Ubwoba n'ishavu muri Niger mu gihe hashobora gukoreshwa inguvu za gisirikare

    • Umwanditsi, Na Catherine Byaruhanga
    • Igikorwa, BBC News

Zara Kada ariko atanga ivyo kurya bihiye bigizwe n'umuceri, ifi hamwe n'imboga mu tubakure twa prastike abiha abakiriya biwe bicaye ku ntebe z'ibiti zitambitse, ku murwa mukuru wa Niger, Niamey. Ubwo bucuruzi nibwo uwo mupfakazi w'abana indwi akuramwo uburaro n'uburamuko ariko ubu burageramiwe mu gihe ibiciro vy'ivyo kurya vyaduze cane kuva hafashwe ibihano vy'ubutunzi inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi.

''Si igiciro c'umuceri wonyene caduze, n'amavuta caraduze. Congeyeko ama CFA 2,500 (hafi 12.000 y'amafaranga y'Uburundi) mu ndwi imwe gusa,'' niko avuga ahagaze iruhande ya kiyoske yiwe y'ivyo kurya. ''Ibi bidutera ingorane kuko iyo ntetse umuceri hanyuma sinshobore kuwugurisha, ntaco nunguka, ni agahombo gusa.''

Haraheze indwi zibiri igisirikare ca Niger gitembagaje ubutegetsi bw'umukuru w'igihugu yatowe mu nzira ya demokarasi, Mohamed Bazoum, vyiyamirizwa n'amakungu.

Cedeao, ishirahamwe ry'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika y'uburengero ryararahiye rirarengwa ko ritegerezwa guhagarika iryo tembagazwa rya gisirikare rindi muri ako karere - ribaye irigira gatandatu mu myaka itatu.

''Dushaka guca umurongo mu musenyi,'' nk'uko uwujejwe umutekano muri Cedeao Abdel Fatau Musah yabwiye BBC.

''Hariko haraba ukwandukiza kandi tudahagaritse ivyabaye hariya, none ni ikihe gihugu gizokurikira?'' aribaza.

Gutyo Cedeao ntiyatevye kuva hasi, mu guhagarika ihanahana ry'amafaranga, mu guca amatara hongeyeko ikibabaza cane kuruta abanya-Niger, kwugara imbibe ku gihugu kitagira umuhora ushika kw'ibahari, gutyo hakaba hazibiwe ivyinjira mu gihugu.

None ubu naho inyuma y'inama yihuta igira kabiri kuri ico kibazo ca Niger, abategetsi bo mu karere bafashe ingingo y'uko ingabo za gisirikare zimera magabo, ziteguriye gutera ico gihugu hamwe abasirikare batorekura ubutegetsi.

Mu mabarabara ya Niamey, hari ishavu rigaragara ku buryo ama reta y'akarere yavyifashemwo no kw'igabisha ko hashobora gukoreshwa inguvu za gisirikare.

''Abasirikare ba Niger bariteguriye guhangana n'agasomborotso ku gihugu cacu ako ariko kose. Bamenye ko tubashigikiye, bashigikiwe n'abanyagihugu n'incuti zabo. Turiteguye,'' bivugwa na Bana Ibrahim.

Uwo mugabo w'imyaka 46 ni umwe mu bakuru w'umugwi wo kwigwanako washinzwe kuva humvikanye itangazo rya Cedeao.

Uwundi mugabo wo muri uwo mugwi, Moudi Moussa, aravyemera: ''Turi ngaha kugira turwanire igihugu cacu kuko igihugu cacu kigeramiwe n'abacangero bo muri Cedeao batumwe na [Perezida w'Ubufaransa Emmanuel] Macron. Turi ngaha rero kugira dukingire Niger n'abanya-Niger.''

Mu gihe urudandazwa nk'urwa Kada rugeramiwe kuva habaye iryo tembagazwa, urwo kwa Ibrahim Souleymane rwo rwahatoreye akajisho.

Mu cumba ciwe co gushoneramwo, ariko ateranya ibitambara vy'amabara y'ubururu, iryera n'iritukura -amabara y'ibendera ry'Uburusiya.

''Umuzo wa [Jenerari] Tchiani niwo watumye ntangura gushona amabendera, cane cane iry'Uburusiya. Abantu baraza kurigura cane kuko barikoresha mu gushigikira abasikare bacu bafashe ubutegetsi,'' niko avuga.

N'ubwo amabendera y'Ubufaransa, igihugu cahoze gikoronije Niger - ahuje amabara n'ayo Uburusiya, uko abanyagihugu bamwe bamwe babona ivyo bihugu ni nk'umutaga n'ijoro.

''Abantu barigura [Ibendera ry'Uburusiya] kuko turi mu ntambara n'Ubufaransa. Ubufaransa bumaze imyaka budutera ingorane gusa none abasirikare bashaka ko ivyo birangira,'' niko Souleymane abandanya avuga.

Iryo tembagazwa ryavyuye agatima ko kwanka Ubufaransa mu gihugu, Bwagirizwa kubandanya bufise uruhara rukomeye mu biba muri Niger no mu nyuma y'aho ironkeye intahe yo kwikukira kandi bukungukira cane mu butunzi kama bw'ico gihugu mu gihe abanyagihugu baco benshi babayeho mu bukene nta ngere.

Uburusiya bwarakomeje imigenderanire n'ibihugu bibanyi vya Mali na Burkina Faso - ibindi bihugu bibiri vyahoze bitwarwa gikoroni n'Ubufaransa - navyo muri iyi myaka vyabayemwo itembagazwa ry'ubutegetsi. Biciye mu mayira bukoresha mu gukwiragiza ivyiyumviro vyo kubuhayagiza, Uburusiya bwerekanwa nk'ubufashanya neza na Afrika kurusha [Uburaya na Amerika].

Ubufaransa bwaratakaje icizere mu bihugu bitari bike bikoresha ururimi rw'igifaransa none ubu bushigikiye Cedeao mu mugambi wayo abanyagihugu baterekwa wo kugaba igitero kuri Niger.

Ku mbuga hwaniro, abakuru b'ibihugu vyo mu karere bagirizwa gukorera inyungu z'ibihugu vy'i Buraya na Amerika - perezida Bazoum yari asanzwe afashanya cane n'Ubufaransa na Amerika kandi yari yarabiretse birashinga amakambi ya gisirikare muri ico gihugu kugira bifashe kurwanya intagondwa za Islam zigeramiye akarere kose ka Sahel ko muri Afrika y'uburengero.

Ariko amahirwe y'uko Cedeao ishira mu ngiro igabisha ryayo angana gute?

''Bavuga ko iyo nzira iri ngaho, ariko nibaza ko ishobora kuganirwako, '' niko bibonwa na Marie-Roger Biloa, uwihweza ibintu n'ibindi muri Afrika y'uburengero.

''Inzira ya gisirikare iteye impungenge cane. kandi hari benshi batayishigikiye. N'abahoze ari abashikiranganji ba mbere n'abandi bahoze ari abubahwa muri Niger bavuga bati: 'Turasavye, turasavye, ntimugabe igitero ca gisirikare ku gihugu cacu. Vyotera akaga ku banyagihugu.'''

Ariko Madame Biloa yibaza ko abategetsi b'akarere bazotegerezwa gutora inyishu ahandi ho hoba itembnagazwa ry'ubutegetsi mu bindi bihugu ku mugabane wa Afrika, na cane cane aho igisirikare gishobora kwishimikiza intege nke z'abategetsi b'aba sivire (civil) kugira bafate ubutegetsi.

''Abategetsi ba Afrika barahanzwe no kunanirwa gutorera inyishu ibibazo vy'abanyagihugu [vy'ubuzima bwa minsi yose],'' nk'uko avuga.

''Hari abanyagihugu benshi, bakiri bato cane, batagira akazi, kandi ata kazoza babona imbere yabo. Mu bihe bene ivyo vya poritike, ntubura abantu bagushigikira iyo utembagaje uwari ku butegetsi,''

Tugarutse i Niamey kwa Madame Kada n'ivyo kurya vyiwe, afise impungenge ko hamwe Cedeao yotera yoba yuguruye umwango atawuzi ingene uzokwugarwa.

''Intambara bene izi, tumenya ingene zitangura ariko uko zirangira, ntawubizi.''