Niger: Perezida Mohamed Bazoum asaba Amerika gufasha inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi

    • Umwanditsi, Francesca Gillett
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru wa Niger yavanywe ku butegetsi asaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe ''n'amakungu yose'' gufasha ''kugarukana ...ubutegetsi bushingiye kw'ibwirizwa shingiro'' inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi ryo ku ndwi iheze.

Mu nyandiko y'ivyo umuntu yiyumvira ku giti ciwe mu kinyamakuru Washington Post, Perezida Bazoum yavuze ko yanditse ''nk'umuntu yagizwe imbohe''.

Ico gihugu cadutsemwo uruhagarara kuva atembagajwe ku butegetsi.

Ku wa kane , abafashe ubutegetsi bamenyesheje ko bavanye abaserukira igihugu mu Bufaransa, Amerika, Nigeria na Togo.

Mw'itangazo ryasomwe ku mboneshakure y'ighugu, bavuze ko amabanga y'abo ba ambasaderi bane ''yahagaritswe''.

Amasaha make imbere y'aho, uwuserukira Niger muri Amerika, Kiari Liman-Tinguiri, yari yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko akagwi katembagaje ubutegetsi ''gakwiye kwigarura'' hanyuma ''kakabona ko ivyo kakoze bitazoshoboka''.

Niger ni igihugu cimbura urunium nysinshi - ikoreshwa cane mu nguvu za nikeyeri- kandi iri ku nzira ica muri Afrika y'Uburaruko n'ikiyaga Méditerranée ikoreshwa cane n'abantu bagerageza kujabuka kurondera ubuzima mu bihugu vya Buraya.

Muri iyo nyandiko yo mu kinyamakuru, Perezida Bazoum yagabishije ko, hamwe ifatwa ry'ubutegetsi ryoshoboka, ''ryogira ingaruka z'akaga ku gihugu cacu, akarere kacu n'isi nzima''.

''Kurwanira indangagaciro duhurirako, harimwo demokarasi ishingiye ku vyiyumviro bitandukanye hamwe no kwubaha intwaro ishingiye ku mategeko, niyo nzira yonyene yo gushika kw'iterambere rirama mu kurwanya ubukene n'iterabwoba'' nk'uko Bazoum yanditse.

''Abanya-Niger ntibazokwigera bibagira intererano yanyu muri iki gihe gihambaye mu mateka y'igihugu cacu.'' Bazoum yagabishije kandi ku migenderanire y'abo batembagaje ubutegetsi n'umugwi w'abacangero b'Abarusiya Wagner, usanzwe ukorera ahandi mu karere kandi ubonwa na benshi nk'uwufise uruhara ruteruye mu biriko biraba muri Niger.

''Akarere kose ka Sahel karashobora kugirwamwo ijambo n'Uburusiya biciye kuri Wagner, umugwi wagaragaje iterabwoba ntampuhwe muri Ukraine.'' nk'uko Bazoum abandanya yandika.

Benshi mu bashigikiye itembagazwa ry'ubutegetsi muri Niger bumvikanye basemerera ivyivugo bishigikiye Uburusiya kandi bambaye imyambaro y'amabara y'ibendera ry'Uburusiya.

Ku wa kane abantu ibihumbi bihereje amabarabara y'umurwa mukuru wa Niger, Niamey, mu myiyerekano y'amahoro yo gushigikira itembagazwa ry'ubutegetsi kandi banegura ibindi bihugu vya Afrika y'Uburengero mu kuba vyafatiye Niger ibihano cy'ubutunzi.

Nta cerekana ko Wagner yagize uruhara mw'itembagazwa ry'ubutegetsi bwa Bazoum, ku bwa Amerika - ariko umukuru wa Wagner bivugwa ko yavuze ko iryo tembagazwa ari igikorwa c'ubutwari.

Iryo tembagazwa ry'ubutegetsi ryariyamirijwe kandi n'amakungu harimwo ONU, Ishirahamwe rya Buraya na Amerika.

Mu ntango z'iyi ndwi, umushikiranganji wa Anmerika ajejwe imigenderanire, Antony Blinken, yaravuganye na Bazoum kuri terefone, mu nyuma Amerika ikaba yavuze ko yiyemeje kugarukana reta yatowe biciye muri demokarasi muri Niger.

Bazoum , umukuru wa mbere w'igihugu yabisikanije n'uwundi atowe biciye mu nzira ya demokrasi muri NIger, yagizwe imbohe n'abari basanzwe bamucungera ku ndwi iheze. Uwurongoye abatembagaze ubutegetsi Gen Abdourahmane Tchiani ubu niwe yagizwe umukuru w'igihugu.

Niger iri mu karere ka Afrrika kazwi nka Sahel kageramiwe n'abagwana biyitirira idini rya Islam (Djihadist) kandi kiganziwe n'intwaro za gisirikare. Niger muri iyi myaka yabayemwo amaragamo ugereranije n'ibihugu bibanyi vya Mali na Burkina Faso aho ubutegetsi bwatembagajwe n'igisirikare.

Ico gihugu kirimwo amakambi ya gisirikare ya Amerika n'Ubufaransa kandi kibonwa n'igifatanya cane navyo mu kurwanya izo ntagomndwa za Islam.

Reta ya Perezida Bazoum kandi yakorana cane n'ibihugu vya Buraya mu kuzibira abarondera kujabuka baja kurondera ubuzima i Buraya bajabutse ikiyaga Méditerranée, aho yari yaremeye kwakira amajana y'abavuye mu bigo bari bapfungiwemwo muri Libya. Kandi yaranarwanije abakora urundazwa rwo gutwa abantu mu kinyegero.

Akarere ka Sahel