Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nta mugambi dufise wo kwirukana impunzi z’Abarundi, tubahimiriza guhunguka ku gushaka – Tanzania
Reta ya Tanzania itera akamo impunzi z’Abarundi ziri mu makambi y’intara ya Kigoma kwiyumvira guhunguka ku gushaka kwabo kuko umutekano wifashe neza mu Burundi kandi mbere bakaba barahawe uburyo bwo kubabeshaho bamaze gushika mu gihugu.
Mu gihe impunzi zifise ubwoba ko zishobora kuzohungurwa ku nguvu nk’uko vyigeze kuba muri kahise, umuvugizi wa reta ya Tanzania Gerson Msigwa yabwiye BBC ko reta y’iki gihugu ata mugambi ifise wo kubirukana.
Avuga ko Tanzania ifatanije na reta y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe rifafasha impunzi HCR, bazobandanya bigisha kandi bahimiriza izi mpunzi gutaha ku gushaka kwabo.
Ni mu gihe ejo ku wa 20 Ruheshi wari umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi kw’isi.
Tanzania ni kimwe mu bihugu vya Afrika bitunze impunzi nyinshi z'Abarundi, hampande y'ibindi nka Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Urwanda, Uganda, Kenya, Mozambike, Malawi, Afrika y'Epfo na Zambia.
Rta y'Uburundi, ifadikanije n'ibihugu bahungiyemwo hamwe n'ishirahamwe rifasha impunzi kw'isi HCR, imaze igihe ihimiriza abanyagihugu bayo bahunze kubera ibibazo igihugu caciyemwo, guhunguka, ikabereka ko icatumye bahunga kitakihari.
Hagati aho, hari abatari bake bakibona ko hataragera ko bahunguka.
Uyu muvugizi wa reta ya Tanzania asigura ko gushika ubu impunzi z’Abarundi ziri ku butaka bwa Tanzania zababa 200.000 ziri mu makambi abiri, Nduta mu karere ka Kibondo, hamwe na Nyarugusu mu karere ka Kasulu, ni inyuma y’aho hugariwe ikambi ya Mtendeli yari mu karere ka Kakonko. Ni mu gihe urubuga ngurukanabumenyi rwa HCR rworwo ruvuga ko impunzi ziri muri Tanzania ari 126.614.
Gerson Msigwa avuga ko, biciye mu nama hagati ya Tanzania, reta y’Uburundi n’ishirahamwe rijejwe impunzi HCR, bamaze igihe batera akamo izi mpunzi kugira ngo zihunguke ku gushaka kwabo “nk’uko biri mu masezerano ya Geneva yo mu mwaka wa 1951, ibi tukabikora uku kubera ivyatumye bahunga igihugu cabo bakaza muri Tanzania vyavuyeho, ubu umutekano mu Burundi wifashe neza”.
Msigwa avuga ariko ko, inyuma y’aho ikibazo c’umutekano gitorewe umuti, haciye haduka ic’uburyo bwo kubabeshaho bamaze gushika mu gihugu, ivyatumye biba ngombwa ko hongerezwa agahamba k’amafaranga gahabwa impunzi zihunguka.
Yabwiye BBC ko kuva muri uku kwa gatandatu gushika mu kwa cumi na rimwe uno mwaka,buri mpunzi ihungutse, yaba umwana canke uwukuze, umwe umwe wese ku giti ciwe azohabwa amadorari 200.
Ati: “Bamaze kwicarira iki kibazo, abategetsi ba Tanzania, HCR n’Uburundi, humvikanywe ko agafashanyo bahabwa kokwongerezwa. Ni ukuvuga ko imbere y’aho abakuze bahabwa amadorari 150, abana nabo amadorari 75, baca bumvikana ko kuri abo bose bahungutse, buri muntu umwe umwe wese ahabwa amadorari 200”.
Hagati aho, Msigwa aremera ko ukwongereza iyi mfashanyo kutashotse guhumuriza izi mpunzi kuko zibandanya zivuga ko zitizeye umutekano wazo zimaze gushika mu gihugu n’aho abategetsi b’Uburundi babandanya bazisigurira ko mu gihugu ata kibazo c’umutekano kikihari.
Ati: “Ariko rero bamaze kubwirwa iyo ngingo, baciye barondera iyindi mvo, mu kuvuga ko ikibazo cabo atari amafaranga, ko ahubwo ikibazo cabo ari uko bashaka kuba ahantu batekaniwe, bakavuga ko iwabo ata mutekano uriyo”.
Avuga ko, mu gihe batotahuka, bitegekanijwe ko “bashobora gusaba ubwenegihugu, ariko rero mu kubikora ni uko babanza gusubira iwabo, bagakurikiza inzira zitegekanijwe, hanyuma rero baze basabe uburenganzira bwo kuba muri Tanzania nk’uko bitegekanywa n’amategeko”.
Hari izindi mvo zidashirwa ahabona
Gerson Msigwa aremeza ko aho bigereye, izi mpunzi zishobora kuba zifise ibindi bituma bibazibira guhunguka ariko batubahuka gushira ku mugaragaro.
Ati: “Urazi ko benshi bavuye iwabo ugasanga basize bagurishije utwabo, abandi nabo bashitse bagaca bashinga imiryango n’abo bahuriye mu makambi, rero ibi ni ibindi tubona ko bishobora kuba imvo zibatuma badashaka gutaha”.
“Hari abamaze igihe kitari gito muri Tanzania, uri abaje mu 2015, uri abandi baje imbere y’aha. Rero burya, ku muntu yamenyereye kuba mw’ikambi, aronswa ivya nkenerwa vyose, kumbure bishobora kugorana kwakira ubu buzima bushasha ubwo nyene”.
Aba Barundi baba mu makambi ya Nduta na Nyarugusu baridoga ko abarongoye aya makambi babatera ubwoba, bakabaturubika, bakabafatira ingingo zibababaza, bakabona ko vyose biri mu ntumbero yo kubahatira guhunguka kandi batavyiyumvamwo.
Bemeza ko batorohewe mbere bakabona ko impera n’imperuka bazohava bahungurwa ku nguvu, nk’uko vyagenze mu mwaka wa 2012 mu kwugara ikambi ya Mtabila yari isigaye, aho vyabaye ngombwa ko impunzi zari muri iyo kambi zihungurwa ku nguvu.
BBC yabajije uyu muvugizi wa reta ya Tanzania niba ata mugambi nk’uwu ifise muri kino gihe canke muri kazoza.
Msigwa avuga ko ata mugambi nk’uwu ifise, kuko yubahiriza “amasezerano ya Geneva yo mu 1951”, agenga impunzi.
Ati: “Inyuma y’aho, bibonetse ko akamo ko gusubira iwabo kazoba katumviwe, nta kundi hazoca haba izindi nama kugira ngo hihwezwe ikindi cokorwa. Ariko ni ukuri, reta [ya Tanzania ] nta mugambi ifise wo kubirukana canke kubahatira guhunguka”.
“Tuzovugana kugira turabe ubundi buryo bwo kubahimiriza kuko ikintu nyamukuru ni uko dushaka ko basubira iwabo ku gushaka kwabo, hanyuma bamaze gushika hariya batangure ubuzima bwabo bushasha bari mu gihugu cabo…
“Iki ni ikintu reta ya Tanzania ihagazeko kandi ikabandanya ibahimiriza, co kimwe na reta y’Uburundi nayo nyene, tubabwira tuti ‘ni musubire mu gihugu canyu kuko ubu nta kibazo c’umutekano kikihari”.