Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Reta isaba amakungu kuyifasha kugira ihungure impunzi z'Abarundi
Tanzania iriko isaba amakungu n’amashirahamwe mpuzamakungu ko yoyifasha kugira ngo ishobore guhungura impunzi z’Abarundi zirenga 120.000.
Abegwa n’umugambi wo guhungurwa ni abari mu makambi yo mu ntara ya Kigoma ihana urubibe n’Uburundi, mu burengero bwa Tanzania.
Izi mpunzi ziri mu makambi ya Nduta na Nyarugusu zozo zivuga ko zimaze igihe zitorohewe kubera igitsure zivuga ko ziterwa kugira ngo zitahuke.
Mw’ijambo yashikirije mw’ikoraniro rigira 73 ya komite nshingwabikorwa y’ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi (UNHCR) i Geneva mu Buswisi, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati wa Tanzania, Hamad Masauni, yavuze ko Uburundi bukeneye gufatwa mu mugongo mu ntumbero yo guhimiriza no kworohereza abashaka guhunguka ku bushake bwabo.
Ati: “Kugira ngo uwu mugambi ushoboke, ni ngombwa ko ibintu vyose bimera neza mu Burundi.
“Ikintu nyamukuru ni ugushigikira Uburundi kugira ngo abarondera ubuhungiro muri Tanzania bumve ko igihugu cabo ari bwo bukiriro bwabo”.
Mu myaka ya 2006 na 2007, Tanzania yarahaye ubwenegihugu impunzi zababa 160.000 ziri mu makambi ya Katumba, Ulyankulu na Mishamo mu ntara za Tabora na Katavi, harimwo impunzi zahunze indyane zo mu 1972, abatari bake usanga batazi iwabo mu Burundi.
Impunzi ziri mu makambi ya Kigoma zirwiriyemwo izahunze indyane za poritike zadutse mu 2015 biturutse ku ngingo y’uwahoze ari umukuru w’igihugu ico gihe, Perezida Petero Nkurunziza, yo kwitoreza ikiringo kigira gatatu.
Ariko abatari bake baramaze gutahuka mu mugambi wo guhungura impunzi ku bushake bwabo, ariko hari n’abandi babona ko hataragera ko bahunguka.
Mu gihe abatari bake muri bo bafise ubwoba ko bashobora guhungurwa ku nguvu, reta ya Tanzania yoyo gushika ubu ivuga ko umugambi wo guhungura impunzi ubu ukorwa ku bushake bwabo.
Hagati aho, impunzi zivuga ko imigambi zafatiwe mu makambi be n’amajambo zibwirwa n’abategetsi batandukanye b’iki gihugu kibahaye indaro bitabahumiriza.
Babona ko bashobora guhungurwa ku nguvu mu gihe bo babona hatari bwagere ko bahunguka, kuko bavuga ko ubutegetsi bahunze ari bwo bugihari.
Umwe mu mpunzi wo mw'ikambi ya Nduta yabwiye BBC ati: “Ntitwanka igihugu, kuko nico catuvyaye, ariko ntidushaka kuja kwisuka ku risongoye.
"Dusaba ko izi nguvu bagomba gukoresha mu kuduhungura ku nguvu ko bozijana mu Burundi bakagondoza irya reta kugira ngo ishireho icizere, maze dushobora gutahuka ata bwoba”.