Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gusinzira gake canke cane? Vyose bigira ingaruka mbi ku kwibuka.
- Umwanditsi, Tamiris Rezende*
- Igikorwa, The Conversation Brasil**
Nk'uko bivugwa n'abakurambere, nta kintu wogereranya no gusinzira neza mw'ijoro... ariko none itiro ryiza n'irihe? N'akahe kamaro k'itiro mu gihe uriko urasaza?
Mu bushakashatsi twagize, twarize isano riri hagati yo kubura itiro n'ingene ubwonko bukora neza ku bantu bakuze n'abageze mu za bukuru.
Ivyavuyemwo vyerekana ko kubura canke kugira itiro ryinshi bigira ingaruka mbi ku kungene ubwonko bukora nko kwibuka, gusohora amajambo, gukora akazi hamwe no kumenya ibintu muri rusangi.
Ingorane yo kubura itiro
Umuvuduko wihuta w'ingene abantu babayeho kw'isi ushobora gutuma haba impinduka mu nyifato no mu mibano biteba bikagira ingaruka kw'itiro.
Kurondera urutitsa kunyarutsa ubuzima, bituma haba impinduka mu bintu vyinshi vyo mu buzima bwa misi yose, harimwo no kuronka itiro.
Uwo muvuduko w'imibereho y'abantu ushobora kuva ku bintu bitandukanye, nk'iterambere ry'ubuhinga hamwe n'ihindagurika ry'imico. Ivyo bituma abantu bashaka gukora ibintu vyinshi mu mwanya muto, ibisa n'ibiranga iterambere. Kubera ivyo, abantu bashaka gukora cane, bagakurikiza ikirangamisi co gukora umwanya muremure kandi babonana.
Ivyo biranga ubuzima bw'abantu ubu bishobora gutuma habura akaruhuko, bikagira ingaruka mbi kw'itiro. Kubera ivyo, imyidogo ifatiye kw'itiro, nk'umwanya itiro rimara no kuribura, yariyongereye cane mu bantu bakuze.
Muri Brezil, ibice 76% vy'abantu bafise imyaka irenga 16 barafise ikibazo kijanye n'itiro, ugereranije ni nk'abantu bagera ku miriyoni 108.
Amatohoza aheruka gukorwa ku bantu yerekanye ko urugero rw'abantu bagenda bagira ibibazo vy'itiro rugenda rwongerekana (kuva kuri 45.9 gushika kuri 58,6) kubanya Brezil bafise imyaka 50 n'iyirenga. Ibindi vyigwa vyerekana ko abantu bagenda bagira itiro rike (amasaha 6 canke make gusumba) ku bantu bari hagati y'imyaka 40 na 59, n'abagira itiro ryinshi (amasaha 9 n'ayarenga) ku bafise imyaka 60 n'iyirenga.
Ivyo bishobora kuba ingorane kubera ko itiro rishobora kugira akamaro ku bikorwa vyinshi vyo mu bwonko harimwo ukwibuka, hamwe no ku magara yo mu mutwe. Ariko uguhindagurika kw'itiro, nko ku kiringo rimara n'uko riba rimeze, bishobora kwonona ibikorwa vyo mu bwonko, nk'uduce dutuma umuntu akora akazi, kuvuga no kwibuka, vyose bikaba bijana n'igabanuka ry'ibikorwa vy'ubwonko.
Ubushobozi bw'ubwonko buri mu bice bitandukanye nko kwibuka, imvugo, ... Ubwo bushobozi bukora ku buryo bukurikirana kandi burisungana. Muri iyo nzira, ubushobozi bw'ubwonko bufasha abantu gukoresha ubunararibonye, gukora wisunze aho ugeze no gutorera inyishu ingorane zadutse mu buzima bwa misi yose.
Itiro n'ubusaza
Uko imyaka umuntu amara kw'isi yiyongera, ubusaza cabaye ikintu gikomeye hagati mu buzima bw'abantu bwa misi yose kw'isi yose. Inkurikizi rero, ingwara zonona udutsi nsozabwege ziravugwa cane mu biganiro ku magara y'abantu no mu bantu muri rusangi. Izo ngwara zishimikiye ku kwiyongera k'ubumuga no kubaho ufashwa n'abandi hamwe n'impfu.
Mu gihe abantu bagenda basaza ku murindi munini, mu 2017, Brezil yari ifise abatama bafise imyaka 60 n'iyirenga bashika ku miriyoni 30.2. Mu 2022, ico gitigiri cashitse ku miriyoni 32.1, n'ukuvuga ibice 15.6% vy'abanyagihugu bose. Ubusaza bw'abantu n'umwitwarariko wamaho, cane cane ko bufitaniye isano no kwiyongera kw'ingwara zidakira muri rusangi, vy'umwihariko ukugabanuka kw'ibikorwa vyo mu bwonko, guta ubwenge n'ubumuga bw'umubiri.
Muri ico gihe, ivyigwa vyihweza ibintu bijanye n'ibishobora guhinduka nk'ubutunzi, inyifato hamwe n'amagara y'abantu, ni vyo biza imbere. Muri ivyo bintu harimwo itiro, rifitaniye isano n'uko ubwonko bukora.