Paris 2024-Burundi: Abaserukiye igihugu nta kinini barashikako, kandi basa n'abari bavyiteze. Kubera iki?

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles

Mu banonotsi b’Abarundi bamaze guhiganwa mu nkino za Olempike ziriko zibera mu Bufaransa, gushika ubu nta n’umwe arashobora kuronka umudari n’umwe. Ni mu gihe muri 7 bari baserukiye Uburundi babiri batitavye ku mvo z’amagara, aba bakaba ari Rodrigue Kwizera na Celestin Ndikumana biruka ku ntera ndende.

Ange Ciella Niragira, umwigeme akina inkino zo kunagana (judo) ku batarenza ibiro 78, ni we yatanguye gukina ku wa 1 Myandagaro (8) ariko akaba yakuwemwo buno nyene mu majonjora ku munota wa 57 atsinzwe n’umunya-Pologne Beata Pacut Kloczko. Aca aba arasezeye amahiganwa akiri mu ntango.

Nayo Belly Crésus Ganira w’imyaka 24 mu nkino z’ukwoga mu ntera y’imetero 50 yagize umwanya w’iminota 23 n’amasegonda 80, umwanya utashoboye guha amahirwe yo kubandanya uwo musore asanzwe yimenyerereza mu gihugu c’Ubufaransa.

Igihe naho Francine Niyomukunzi yiruka imetero 5000 ahiganwa ku musi wiwe wa mbere, hari ku wa 2 Myandagaro, yagize umwanya mwiza w’iminota 15 umusekunda 1 n’ivyijana 42 (15'01''42), ariko mu nkino za nyuma (finale) zo ku wa mbere itariki 5 Myandagaro, yashitse ari uwa 16 agize iminota 15 amasekunda 42 n’ivy'ijjana 40 (15'42''40).

Uwundi munonotsi yasezerewe ni umwana akiri muto w’imyaka 14, agira kabiri mu bakiri bato bitavye izo nkino za Olempike. Loïs Eliora Irishura, mu nkino zo kwoga yarasezerewe naho yari yabaye uwa mbere mu mugwi yarimwo. Baravye muri rusangi, mu banonotsi bose bahiganwa, Loïs Elioraa ntiyabaye muri 16 bazokina inkino za nyuma. Loïs Eliora yakoresheje amasekunda 29 arenga gato ( 29''63) mu kwoga imetero 50. Ariko yagize umwanya kurusha uwo yari agezeko mu Burundi.

Umunonotsi Egide Ntakarutimana nawe kuri uyu wa gatatu yasezerewe.

Uwo munonotsi asanzwe asiganwa mu kwiruka ku metero 5.000 yarangije mu kibanza ca 10 mu muce yararimwo aho yirutse umwanya ungana n'iminota 14, amasekunda 11 n'ivy'ijana 29 (14'11''29).

Ivyo vyatumye ataba muri 16 bakenewe imice yose igiye hamwe kugira ngo bashike mu rukino rwa nyuma (finale).

Gushika ubu, Uburundi busigaranye umunonotsi umwe rudende. Ni Francine Niyomukunzi. Inyuma yo gusezererwa ku metero 5000, ubu naho azogerageza ku metero 10.000 ku wa gatanu 09 Myandagaro.

Baridoga ko batitaweho, reta nayo iti si vyo

Uburundi kiri mu bihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko vyaserukiwe n’abanonotsi bake muri izi nkino za olempike ziriko zibera i Paris, ariko n'abo bake baridoga ko batitaweho ugereranije n’abo mu bindi bihugu.

Bavuga ko ata na kimwe bafashijwe mu kwitegura ari naco gituma haje bake, kandi n’abitavye ata mwimbu bariko baratanga.

Crésus Ganira - yitavye izi nkino ku ncuro ya kabiri inyuma y’iziheruka kubera mu gisagara ca Tokyo mu Buyapani mu 2020 - ntarya umunwa mu kwemeza ko batereranywe n’igihugu cabo hamwe n’urwego rw’inkino za Olempike mu Burundi.

Ati: “Inka ikamwa ico yariye, ntiworonderera umwimbu mu bantu utafashije kwitegura, haba mu buryo canke mu myimenyerezo.

''Jewe ubwanje naho mubona ndi ngaha nsintinya kubabwira ko naho naserukiye igihugu, nta nakimwe camfashije kugira nshike ngaha, n’abandi ni uko nyene ndabizi.

“Hariho abo nzi bandusha ubuhinga mu nkino zitandukanye, ariko kubera kutitabwaho ntibaje ngaha.

''Baradutuka ku mbuga ngurukanabumenyi ngo nta midari tuzana, bakibagira ko igihugu n’ishirahamwe ry’inkino za Olempike ataco badufasha.

''Aha ndabibabwiye nuzuye agahinda n’umubabaro kandi si jewe gusa, ni abanonotsi nka bose b’Abarundi bababajwe n’uko ata n’umwe atwitayeho”.

Ange Ciella Niragira, na wenyene abibona uko. Agira ati: “Inkino nk’izi zikenera kuba waragize amahiganwa menshi, abandi bararonka amahiganwa, bakaronka n’abamenyereza babinonosoye. N

''Ni co gituma baronka umwimbu, eka na twebwe tworonka uburyo n’abamenyereza babinonosoye twotera imbere”.

Kuri iyo myidogo, Salvator Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’urwego rw’inkino za Olempique mu Burundi, ari nawe arongoye intumwa zaserukiye Uburundi i Paris, avuga ko bagerageza ariko bafise uburyo buke.

Ati: “Ntako ishirahamwe Olempike ry’uburundi ridakora kugira rishigikire abanonotsi.

''Si muri zino nkino za Olempike gusa, hari n’izindi nkino ishirahamwe rya Olempike rishigikira.

''Rero kugira abanonotsi bashigikirwe bikwiye abegwa bose n’inkino barakwiye guterera muri ico gisata yaba leta, twebwe, amashirahamwe y’inkino, abikorera utwabo kugira abanonotsi bacu baronke uburyo bukwiye bwo kwitegura”.

Ku ruhande rwiwe, Samuel Niyubahwe umuyobozi mukuru w’inkino n’imico kama mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo inkino mu Burundi, akaba asanzwe yari mu rugendo rw’akazi mu Bufaransa igihe twavugana, yamirira kure iyo myidogo y’aba banonotsi.

Agira ati: “Leta y’Uburundi ntako idakora kugira ishigikire abanonotsi, nico gituma jewe ndi ngaha, n’umushikiranganji w’inkino yaraje ngaha gushigikira abanonotsi, hariho n’impamba batekerewe igihe twabasezera baza muri izi nkino.

''Rero uravye reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’inkino, ntako idakora kugira ifashe abanonotsi kandi izobandanya ibashihikira”.

Uburundi bwatanguye kwitabira inkino za Olempike nk’igihugu mu 1996, inkino zabera i Atlanta muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ni muri izo nkino nyene Uburundi bwatahukanye umudari wa mbere w’inzahabu, watsindiwe na Venuste Niyongabo yasiganwa ku metero 5000. Umudari wa kabiri wa Olempike Uburundi bumaze kuronka n’uwifeza watahukanywe na Francine Niyonsaba ku metero 800 mu nkino za Rio de Janeiro zabera mu gihugu ca Brezil mu 2016.