Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu kurondera gufata Goma, M23 yishe ingabo 13 mvamakungu zagiye kubungabunga amahoro muri RD Congo
Abasirikare 13 bo mu ngabo zijejwe kubungabunga amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo barapfuye mu ntambara zabahuje n'inyeshamba z'umuhari M23.
Mw'itangazo caraye gisohoye, igisirikare ca Afrika y'Epfo, South African National Defence Force (SANDF), kimenyesha ko ingabo zaco icenda zishwe mu ngwano yazihuje n'izi nyeshamba zariko zirondera kwigarurira igisagara ca Goma.
Kivuga ko abarwanyi ba M23 bakoze "igitero gikomeye" ku ngabo zaco ariko bakazibirwa mbere bagasubizwa inyuma "kubera ubutwari bw'abarwanyi bacu b'inshirwarimenetse".
Iri tangazo rivuga ko indwi muri aba basirikare ba Afrika y'Epfo bishwe bari mu ngabo za SADC zarungitswe muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu 2023, babiri nabo bakaba bari mu ngabo z'ubutumwa bwa ONU, buzwi nka MONUSCO.
"Igitigiri c'abakomeretse ntikiramenyekana neza" nk'uko iri tangazo ribivuga, rikongerako y'uko "bakeya muri bo bakomeretse mu buryo butandukanye".
Hampande y'aba basirikare ba Afrika y'Epfo, abandi batatu ba Malawi bari muri ubu butumwa bwa SADC buzwi nka SAMIDRC, hamwe n'umusirikare wa Monusco yamuka muri Uruguay, barishwe mu ntambara zo kwirukana inyeshamba za M23 zariko zisatira Goma.
Ejo ku wa gatandatu, umukuru w'Inama nkuru y'Ubumwe bwa Afrika Moussa Faki Mahamat yateye akamo asaba ko ingwano zihagarara, maze impande zompi zikubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara.
Hagati aho, ishirahamwe ONU naryo ryatangaje ko ribaye ririmura abakozi baryo badakenewe cane bakavanwa i Goma kubera ihungabana rikomeye ry'umutekano mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Iri tangazo ry'ejo ku wa gatandatu rivuga ko iyi ngingo ata ngaruka mbi igira ku bikorwa ryiyemeje vyo gutabara abasivire no kubaha imfashanyo mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Iyi ngingo ije inyuma y'aho mu misi mike iheze ibihugu bimwe bimwe bisabiye abanyagihugu bavyo kuva i Goma amayira akiri meza, harimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Haraciye amayinga atari make uno muhari M23 uvuga ko urwanira inyungu z'Abakongomani b'Abatutsi bavuga ururimi rw'ikinyarwanda ugenda wigarurira uturere tutari duke two mu buseruko bwa Congo mbere ukaba wongereje akariro mu kurondera gufata igisagara ca Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru.
Ishirahamwe HCR ryitaho impunzi rivuga ko abantu bababa 400.000 bataye izabo kuva uno mwaka utanguye kubera izi ntambara. Hari ubwoba ko ibintu bishobora kuyangara ari nka hamwe M23 yobandanya n'ibitero vyayo.
Kurwanira Goma 'ni ikibazo c'ugupfa n'ugukira' - FARDC
Kuri uyo wa 25 Nzero (1), urunani AFC/M23 rwasavye ingabo z'igisirikare ca Congo ziri i Goma no mu micungararo yayo gushira ibirwanisho hasi mu masaha 48 kugira ngo amaraso ntaseseke muri ico gisagara.
Hagati aho, icegera ca buramatari w'intara ya Kivu ya Ruguru, Jean-Romuald Ekuka Lipopo, arahumuriza abanyagihugu ba Goma ko badashobora kubaheba ngo bagwe mu minwe y'umwansi.
Mw'ijambo yashikirije inyuma y'inama y'umutekano ejo ku wa gatandatu mu ntara ya Kivu ya Ruguru, Ekuka Lipopo yagabishije inyeshamba ko zitohirahira ngo zinjire mu gisagara.
Ati: "Mumenye ko ico gisirikare c'umwansi, niba cibaza ko kizokwinjira uko nyene, uko gishaka, ata ngorane kandi mu buryo bworoshe, kizosanga abanyagihugu bose n'igipolisi cacu n'ingabo zacu muri iki gisagara, kandi kizohatikirira.
"Rero turi ng'aha, ni mutwizigire kuko ni mwebwe mwashatse ko tuba ng'aha. Ni vyo, twaraciwe umutwe n'urupfu rwa nyakwubahwa buramatari w'intara yacu, ariko twese turi ngaha, turi kumwe, tuzoshira inguvu zacu zose hamwe kugira ngo turwanire igisagara ca Goma".
Ibiro vy'umukuru w'intara ya 34 ya gisirikare atera intege ingabo kwitanga batiziganya mu "kurwanira ubusugire bwa Congo muri rusangi, na cane cane igisagara ca Goma".
Itangazo ryateweko igikumu na Liyetena Koroneli Guillaume Ndjike Kaiko, umuvugizi w'igisirikare ca Congo (FARDC) mu ntara ya Kivu ya Ruguru, rigira riti : "Iki ni ikibazo c'ugupfa n'ugukira".
Ribandanya riti : "Umukuru w'intara ya 34 ya gisirikare asaba abasirikare, inshirwarimenetse z'abarwanyi ziriko zirwanira igihugu hamwe n'abanyagihugu bose, kwima amatwi ubutumwa bw'ibinyoma, bwo gucafuza, bwo kuryosharyosha no guca intege bukwiragizwa ku mbuga hwaniro n'umwansi yateye igihugu" .
Ibiro vya Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa bivuga ko ejo ku wa gatandatu yavuganye n'abakuru b'ibihugu vyompi, uwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo hamwe n'uw'Urwanda, aho babasavye guhagarika ingwano, mu gihe kandi n'amakungu abadanya asaba ko intambara zihagarara.
Ku ruhande rwiwe, Kaja Kallas arongoye igisata kijejwe imigenderanire mu muryango w'Ubumwe bwa Bulaya, asaba M23 guhagarika ibitero vyayo kandi akiyamiriza Urwanda ku bufasha ruha uno muhari, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Vyitezwe ko inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi yari yitezwe gukorana ejo ku wa mbere yimuriwe kuri uno wa Mungu kubera ibintu bitera vyunyuka muri ino ntambara.
Reta ya Congo yahagaritse imigenderanire n'Urwanda
Hagati aho, reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo yahagaritse imigenderanire n'Urwanda.
Mw'itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bwa Congo bujejwe imigenderanire, reta y'iki gihugu yatumyeko abaserukizi bayo mu Rwanda ko batahuka ubwo nyene, ica itegeko Urwanda gukora bisunze iyi ngingo, "mu guhagarika, mu kiringo c'amasaha 48, ibikorwa vyose vy'imigenderanire vy'ubuserukizi bw'Urwanda i Kinshasa".
Iyi ngingo ifashwe inyuma y'iyicwa rya buramatari w'intara ya Kivu ya Ruguru, mu ntambara zabaye ku wa kane mu gisagara ca Sake aho yari yagendeye ingabo ziri ku rugamba.
Yishura kuri iyi ngingo aciye ku rubuga rwa X, Olivier Nduhungirehe, umushikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire, avuga ko, mu bijanye n'imigenderanire, iri atari "itangazo" ahubwo ko ari "ubutumwa bwo kumenyesha" bwarungikiwe ubuserukizi bw'Urwanda muri Congo, "mu gihe umukozi wa nyuma wo mu biro vy'ubuserukizi bw'Urwanda i Kinshasa, bivanye n'ukungene yaguma aterwa ubwoba n'abategetsi ba Congo, yari yamaze kuva ku mugwa mukuru wa Congo".
Reta ya Congo, ibihugu bitari bike, ishirahamwe ONU hamwe n'umuryango w'Ubumwe bwa Bulaya, bagiriza Urwanda ko ari rwo rufashe mu mugongo umuhari M23.
Abategetsi b'Urwanda ntibabihakana canke ngo bavyemeze, ariko bakagiriza Congo ko na yo ikorana n'inyeshamba za FDLR zirimwo abagirizwa kwiha inkumbi mu kugandagura Abatutsi n'Abahutu bari batari bashigikiye ubwicanyi, muri jenoside yo mu 1994 mu Rwanda.
M23 yashinzwe mu 2012 nk'ishami ry'uwundi muhari w'inyeshamba, ivuga ko ifise intumbero yo gukingira Abatutsi bo mu buseruko bwa Congo, ivuga ko bari bamaze igihe kirekire batotezwa.
Ariko abanegura Urwanda barwagiriza ko ruriko rukoresha M23 kugira ngo rwibe amabuye y'agaciro yo mu buseruko bwa Congo nk'inzahabu, cobalt n'ayandi.