Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare c'Uburundi 'kirabeshuza' M23 ku basirikare baco muri DR Congo
Igisirikare c'Uburundi kirahakana ibitangazwa n'umugwi w'abarwanyi wa M23 urwanya leta muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
M23, ivuga ko yahashije abasirikare b'u Burundi bari barigaruriye umuji wa Ngungu mu ntara ya Kivu y'Amajyaruguru.
Ndetse ikongerako ko hari abatawe muri yompi n'abapfuye barenga 200.
Kuri uyu wa kane, Jenerali de Brigade Gaspard Baratuza, umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi yahaye ikiganiro abanyamakuru. Yavuganye mu nyuma na BBC Gahuzamiryango, aho yemeza ko abasirikare b'Uburundi bari muri Congo ariko ntiyemeza niba hari abafashwe na M23.