Ubukoloni: Bemeye amabi ariko nta mpozamarira

Umwami Philippe w'Ububiligi ari muri Republika ya Demokrasi ya Congo ubwa mbere, mu ntumbero yo kunagura imigenderanire n'ico gihugu, imyaka 60 inyuma yo kwikukira.

Umwami yaherekejwe n'umugore wiwe, umwamikazi Mathilde hamwe n'abagize reta y'Ububiligi, harimwo umushikiranganji wa mbere Alexander De Croo, mu rugendo rw'imisi itandatu ku butumire bwa prezida wa RD Congo, Felix Tshisekedi.

N'urugendo rw'akataraboneka muri RD Congo, kuko n'ubwa mbere rugizwe n'umuryango w'ubwami mu myaka 12. Urwo rugendo rubaye kandi inyuma y'imyaka ibiri umwami avuze ko "yicuza" ku "bibi" vyakozwe n'abakoloni b'igihugu ciwe.

Umwami Philippe yamuka ku mwami Léopold II, yatwaye mu kinjana ca 19, aho intwaro yiwe yahitanye abanye Afrika imiliyoni 10 mu bwicanyi bw'agahomerabunwa bwabaye mu gihe c'ubukoloni.

Mw'ikete yandikiye Tshisekedi, mu gihe hahimbazwa imyaka 60 igihigu ca Congo cikukiye, umwami Philippe, ku ncuro ya mbere, yaricujije, ariko adasavye imbabazi. Urwo rugendo rwafashwe nk'akandi karyo ko gusaba imbabazi ku mugaragaro abanye Congo.

Ariko si ubwa mbere umutegetsi w'i Buraya ahangana n'amabi yakozwe mu gihe c'ubukoloni.

Bimwe mu bihugu vyarasavye ikigongwe ku mugaragaro, mu gihe ibindi bigiye kwemera muri iyi misi ya vuba ko hari ibintu bimwe bimwe bibi vyabaye.

Abanebagura iyo ngendo bavuga ko izo mbabazi zabaye izo hejuru kuko zitadoma urutoke ku bubisha bwakozwe muri kahise hamwe n'iragi ry'igihe kirekire c'ubukoloni.

Muri iyi myaka iheze, ibihugu nk'Ubwongereza, Ubudagi n'Ubufaransa, vyarashinzwe ijisho cane ku bikorwa vyakozwe n'abahoze babitwara.

Aha turihweza ingene abantu bakiriye imbabazi ibihugu bimwe bimwe vya buraya vyasavye, binashira n'umukono ku masezerano yerekeye kahise k'ubukoloni.

Vyagenze gute?

Umwami Léopold II w'Ububiligi yarahawe igice kinini c'ahazanana uruzi rwa Congo n'abategetsi ba Buraya igihe haba inama rukokoma i Berlin 1885, aho bagabangana umugabane wa Afrika.

Umwami yaciye yita ako karere, 'Congo yigenga' - akarere kiwe bwite aho yari afise uburenganzira bwo gukora ico ashaka cose.

Vyihuse, haciye haba akarere kiganziwe n'intwaro y'umukazo ishingiye ku bikorwa vyo ku gahato mu kurima no mu kudandaza ibintu bimwe bimwe nka kawucu, amenyo y'inzovu hamwe n'ubutare.

Abategetsi baraca ibihimba vy'abantu batashikanye ivyo bari bategerezwa gukora hakurikijwe itegeko ry'umwami.

Mu gihe imyiyerekano ya Black Lives Matter yaba kw'isi yose, ibihumbi n'ibihumbi vy'ababiligi vyarihereje amabarabara basaba ico gihugu kwihweza neza kahise kaco.

Ibishushanyo vy'umwami Léopold II mu bisagara vy'ico gihugu vyaramenaguwe, hanyuma ubutegetsi bufata ingingo yo kubikura mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.

"Agahinda kenshi" ku buja muri Jamaique

Mu rugendo rw'ubwami bw'Ubwongereza mu mazinga ya Caraïbes mu kwezi kwa gatatu, umuganwa William yarerekanye "agahinda" ku vyerekeye ubuja mw'ijambo yavuze ariko arasangira n'abategetsi ba Jamaique.

Uwo muganwa yavuze ko ubuja ari icaha c'agahomerabunwa, ko " bitari bikwiye kubaho" kandi ko "vyateye iceyi ubudahanagurika kahise kacu".

Ariko ababinegura bavuga ko kwerekana "akababaro" no kwemera ivyabaye muri kahise bitigera birenga aho.

Urwo rugendo rwakiriwe n'imyiyerekano ihamagarira ubwami gutanga indishi ku buja, Jamaique na yo yake ikibanza c'umukuru w'igihugu umwamikazi Elizabeth.

Ubudagi buremera ku mugaragaro jenoside yo muri Namibia mu gihe c'Ubukoloni

Mu 2021, Ubudagi bwaremeye ku mugaragaroko ko iyicwa ry'abantu ibihumbi n'ibihumbi muri Namibia yari jenocide.

Hagereranywa ko aba Ovaherero 60.000, n'ukuvuga abarenga 80% y'abanyagihugu bagize ubwo bwoko muri ako karere, aba Nama 10.000, n'ukuvuga 50% vy'abo, barishwe n'abakoloni b'abadagi hagati ya 1904 na 1908.

Amatongo yabo n'ubworozi na vyo baravyatswe mu kubahana kubera bagiye mu migumuko.

Ubudagi bwariyemeje kugira "ikimenyetso mu kwemera amabi menshi babakoreye.".

Ariko ntibigeze bacisha mu kanwa ivyerekeye indishi y'akababaro, ahubwo ayo masezerano yari yerekeye imfashanyo muvyo iterambere ingana na miriyaridi 1.3 z'amadolari.

Ayo mahera yategerezwa gutangwa mu kiringo c'imyaka 30 ku bantu bakomoka ku ba Ovaherero n'aba Nama.

Ariko abasigwa bo muri ayo moko avugwa , nka Uahimisa Kaapei, ntiyashimye ayo masezerano.

Avuga ati:"N'akajoreza ko muri iki kinjana. Dukeneye ko baza [reta y'ubudagi] gusaba imbabazi.

Amahera akoreshwa gusa mu kuvuga ivyo badukoreye.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza Ubufaransa muri Afrika

Hafi ica kabiri c'ibihugu vyo muri Afrika vyarigeze kuba biganzwa n'Ubufaransa.

Inyuma y'imyaka 60 vyinshi muri vyo vyikukiye, abubu baracabona ingaruka mbi y'ubukoloni.

Muri uyu mwaka, Algeria yahimbaje imyaka 60 imaze yikuye mu nzara z'Ubufaransa , inyuma y'intambara yamaze imyaka umunani , hamwe n'inyuma y'ikiringo kirenga ikinjana bari mu bukoloni gushika mu 1962.

Ubufaransa co kimwe n'ibindi bihugu vy'abakoloni, vyaranse kwemenga bimwe mu vyaranze kahise k'ubukoloni.

Mu kwezi kwa mbere mu 2021, ibiro vya prezida Macron vyamenyesheje ko Ubufaransa "butazicuza canke ngo busabe imbabazi" ku mabi yakorewe muri Algeria mu myaka 132 bwategetse ico gihugu.

Ariko ko buzokora "ibikorwa bimeze nk'ibimenyetso" bifise intumbero yo guteza imbere igikorwa co gusubiza hamwe.

Ariko inyuma y'umwaka urenga, inama nkenguzamateka y'Ubufaransa yarasavye ikigongwe abasirikare ba Algeria , bitwa Harkis, bagwanye ku ruhande rw'Ubufaransa mu ntambara yo kwikukira ya Algeria, aho vyuguruye imiryango kukuronswa impozamarira.

Gushima, gusubiza hamwe n'impozamarira

Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macro yari yasavye "ikigongwe" anemera ko azoshiraho itegeko rigena impozamarira hamwe n'icibutso.

Igihe yariko arashikiriza ijambo mu kwezi kw'icenda mu 2021, Macron yarazomerewe na bamwe mu banyagihugu.

N'aho nyene hariho bamwe bamwe bashimye kuba yasavye imbabazi.

Uwahoze ari Harki, Serge Carel yagize ati:"Bisa n'uko ku ncuro ya mbere, prezida wacu w'ubu afise ishaka ryo kuvuga ukuri."

"Urakoze kuri iryo shaka, niharambe Republika, niharambe Ubufaransa".

Mu myaka mirongo iheze, imigwi itandukanye n'ibihugu vyahoze mu bukoloni bagumye basaba gutera intambwe bakava muvyo gusaba ikigongwe gusa ahubwo hagatangwa impozamarira.

Mu gihe imvugo yo kwicuza no gusaba imbabazi bitanguye gusa n'ibimenyerewe, gutanga impozamarira canke ubundi buryo ubwo ari bwo bwose bujanye n'amahera biboneka gake.

Uburundi na Republika ya Demokrasi ya Congo vyasavye impozamarira y'imiriyaridi 43 z'ama dolari Ububiligi hamwe n'Ubudagi.

Abanye Congo benshi nta cizere kinini bafise, nka Junior Bombi, umudandaza wo mw'isoko nkuru i Kinshasa.

Agira ati:"Kubwanje, uru rugendo nta co ruzoshikako, kuko guhamagara umwami w'ababiligi muri Congo bimaze iki?

"Badusize twenyene, atawutwitayeho, baratwara ubutunzi bwacu, ubu rero murasubiye guha ikaze umwami w'ababiligi ngaha?

"Abandi bizeye ko intambwe za mbere zo gusubiza hamwe - kwemera no kwibuka abishwe mu kiringo c'ubukoloni - zizoshikwako.

"Nihaba hari ikintu gikomeye twiteze, n'uko umwami agarukana ibisigarira vya Patrice Emery Lumumba nk'uko yavyemeye."

Umwigisha w'akahise muri kaminuza Antoine Roger Lokongo avuga ati:" Ni co kintu gikomeye turindiriye."

Lumbuma ni we yabaye umushikiranganji wa mbere, wa mbere w'igihugu aranagishikana ku ntahe yo kwikukira mu kwezi kwa gatandatu mu 1960.

Yaciye apfungwa aca yicwa ata n'umwaka uheze.

Umupolisi w'umubiligi yariyemereye ko yashize ikiziga ciwe muri acide aca aturira ibisigarira vyiwe, ariko avuga ko yabitse iryinyo.

Ububiligi bwaremeye uruhara bwagize muri urwo rupfu, rukekwamwo n'igisata c'iperereza ca Amerika CIA.

Igarukanwa ry'ibisigarira vya Lumumba ryari ryatebejwe n'ikiza ca coronavirus.

Ariko ibirori vyo gushikiriza iryo ryinyo bitegekanijwe muri uku kwezi i Bruxelles.

Muri uru rugendo, umwami yarashikirije kimwe mu bintu biranga akaranga 80.000 vyibwe mu gihe c'ubukoloni muri Congo.