Mbega imvange zatwawe n’abakoloni b’ababirigi ubu bamerewe gute?

Luc Van Damme yari afise imyaka ibiri gusa igihe yatandukanywa na nyina wiwe wumunyarwandakazi, inyuma y'aho amuvyaranye n'umugabo w'umubirigi mu 1960, agatwara mu Bubirigi gutangura ubuzima bushasha.

Iyi ni inkuru yakurikiranywe na BBC Gahuza, ushobora no kumva mu kiganiro Imvo n'imvano giheruka kuri uru rubuga rwacu.

Igihe c'ubukoloni, leta mbirigi yaratandukanije abana b'imvange bari bavutse ku bakenyezi bo mu bihugu vyatwara n'Ububirigi, ivyo bakaba babigira mu ntumbero y'ukwikingira ngo abanyagihugu ntibahave bagumuka.

Nico gituma Luc yagiye arerwa n'uwundi muryango, atandukanywa n'umuvyeyi wiwe n'abo bavukana mu kiringo c'imyaka 15.

Ivyo vyabandanije ari akamizwe n'ingoma gushika ku wa 19 z'ukwezi kwa kane 2019, aho umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi, Charles Michel, asabiye imbabazi ku mubabaro bateye mu kunyaga abo bana b'imvange.

Luc Van Damme avuga ko mu muryango bari abana batanu b'imvange banyurujwe bakarungikwa mu Bubirigi.

Umwanditsi Assumani Budagwa akomoka muri Congo avuga ko imvange zafatwa nk'ikintu gishobora gutera ibibazo ku butegetsi bwa gikoloni bw'Ububirigi, ari naco gituma mu nyuma yahavuye ifata ingingo zari zigamije kwikingira, ariko zimwe zigatera umubabaro ku bavyeyi.

Avuga ko muri izo ngingo harimwo kubuza ko abazungu n'abirabure bubakana kugira ngo ntihasubire kuvuka imvange.

"Inyindi ngingo yafashwe kwabaye ukunyuruza abana b'imvange bavutse kuri ba nyina b'abanya Afrika kugira ngo ntihazohave haduka imigumuko".

Luc Van Damme yagiye kuronka amahirwe y'ukubonana n'umuvyeyi wiwe mu 1978, igihe aronse akazi ko kuja gukorera muri Congo, aho yagiye kwigisha kw'ishure ry'ababirigi i Goma.

"Ngeze mu biro vy'umukuru w'ishure, umupatiri yakoze ikosa ambwira ati: ' Umviriza, hariho ikibanza kw'ishure ry'ababirigi i Kigali mu Rwanda', ca wiyumvira rero ingene niyumvise nk'umuntu afise amamuko mu Bubirigi no mu Rwanda!"

"Kari akaryo keza kuri jewe ko gusubira aho nataye uruzogi, mu Rwanda".

Bwana Budagwa avuga ko abo bantu b'imvange muri kino gihe bibaza ibibazo vyinshi ku mamuko yabo, ni mu gihe n'abana babo ubu bari mu ngorane z'ukutabona ico bari.

Ati: " Nibo bagerageza guhimiriza abavyeyi babo kurondera amamuko yabo, kurondera iyo ba se na ba nyina babo bari".

Amaze amezi abiri gusa mu Rwanda, Luc yashoboye gutorana na nyina wiwe.

"Umunsi umwe mvuye kwigisha inyuma y'amezi abiri nshitse mu Rwanda, nahuye n'abantu batatu, umugore umwe muto muto n'abagabo babiri barebare, bambajije bati 'yoba ari wewe Van Damme'?".

"Nishuye nti: "Ego ni jewe Luc Van Damme, ndabafashe iki?' Ico bakoze, abo bagabo banyeretse uyo mugore muto muto bambwira ko ari we mama wanje".

"Muri ako kanya, mama yaguye igihumura! Ntiyarize, yaragerageje kwifata, n'ukuri vyari biteye igomwe, turahoberana n'inkumbu nyinshi cane nyene nk'abanya Afrika".

"Twagumye tubonana kenshi, kuko naranashitse ku gatumba aho navukiye".

Hagati aho, Luc avuga ko bitamworoheye cane kubera ingorane z'ururimi.

Ukunyaga abana b'imvange ni kimwe mu mabi yakozwe n'abakoloni b'ababirigi mu bihugu vy'Uburundi, Urwanda na Congo, aho benshi mu bagore b'abanyarwandakazi, Abarundikazi n'abanyekongokazi bambuwe abana babo bamaze amezi make bavutse, ntibongera kubaca n'ikanda.

Ububirigi busaba imbabazi

Kw'igenekerezo rya kane ukwezi kwa kane uno mwaka, umushikiranganji wa mbere w'ububirigi Charles Michel yasavye imbabazi, yemera ko ivyakozwe na leta mbirigi mu gihe c'ubukoloni biteye umubabaro.

Ati: "Mu gutunganya umugambi w'ikumira ry'abana b'imvange n'imiryango yabo mu gice ca Afrika cakoronijwe n'ababirigi, igihugu c'Ububirigi carakoze ibikorwa bihonyanga uburenganzira bwa kiremwamuntu".

"Nico gituma, kw'izina rya leta, ndemeye ko imvange zakorewe ikumira ku butegetsi bwa gikoroni be na politike y'inyuruzwa vyajanye, muri Congo-Belge no muri Rwanda-Urundi gushika mu 1962 n'inyuma y'aho bironkeye intahe y'ukwikukira".

Kw'izina rya leta y'Ububirigi, ndasavye imbabazi ku bantu b'imvange bavuye mu ntwaro ya gikoroni y'Ububirigi no ku miryango yabo, ku karenganyo bakorewe n'umubabaro bagize".

Luc Van Damme avuga ko ashima uko ari nk'imvange, akavuga ko ubuzima ari urugamba, bigasaba kwizera.

Ati: "Uratsinda canke bikakwigisha. Ku ruhande rwanje, ivyo naciyemwo vyose vyarankomeje kandi binyigisha ibintu vyinshi, kandi bizobandanya binyigisha".