Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugambi Pepfar wo kurwanya SIDA ushobora kudakorwako n'ingingo za Trump
- Umwanditsi, Brandon Drenon
- Igikorwa, BBC News, Washington DC
Aba Repubulikani bo mu nama nkenguzamateka ya Leta zunze Ubumwe za Amerika bavuze ko bazogumizaho umugambi wa Pepfar wo gutanga imfashanyo mu kurwanya SIDA/HIV, mu gihe hariho utwigoro twinshi two kugabanya amafaranga Leta ikoresha.
Abakenguzamateka bavuze ko bazohagarika umugambi wo gukurako imiriyinoni 400 z'amadolari y'Abanyamerika (amapawundi imiriyoni 300) kuri ayo mafaranga yakoreshwa mu mugambi uzwi nka Pepfar (President's Emergency Plan for Aids Relief), ivyo bikaba bizotuma amafaranga azokatwa ku mfashanyo asigara ari imiriyaridi 9 z'amadolari.
Ico ciyumviro cashikirijwe mu mpinyanyuro y'inama nkenguzamateka ku nteguro ijanye n'itegeko ry'ugukuraho amafaranga y'imfashanyo - itegeko ryemerera abakenguzamateka gukuraho ingingo yari yemejwe n'abashingamateka kuri iyo nteguro y'itegeko ijanye no gutanga imfashanyo.
Iyo nteguro iriko irihwezwa irimwo kandi amahera yo gufasha mu makungu mu mugambi USAID no mu kigo c'itangazamakuru ca leta.
Mu gihe iyo mpinyanyuro ku mugambi wa Pepfar yokwemezwa, iyi nteguro y'itegeko izosubira mu nama nshingamateka kugira ngo bongere batore kandi, imbere y'umunsi ntarengwa wo kuwemeza nk'itegeko kuri uyu wa gatanu.
Abakenguzamateka benshi bo mu migambwe yompi bari bagaragaje ko bahagaritswe umutima no gushaka kugabanya imfashanyo y'amahera ya Pepfar, umugambi watangujwe ku butegetsi bwa Perezida George W Bush, kandi ukavugwa ko warokoye ubuzima bw'abantu amamiriyoni mirongo kw'isi yose.
Inama nkenguzamateka igenzurwa n'aba Repubulikani, ikeneye amajwi make gusa y'abitandukanya n' ico ciyumviro co kugabanya amafaranga yahora aja muri uwo mugambi wa Pepfar, dufatiye ku ciyumviro c'uko aba Demokarate bose batora bakirwanya.
John Thune, umurongozi w'aba Repubulikani ari na bo bafise ubwiganze mu nama nkenguzamateka, yavuze ko hariho "inyungu nyinshi" mu kugumana imfashanyo ya Pepfar.
Umukenguzamateka Susan Collins, umu Repubulikani wo muri Maine, yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y'ifunguro ryo kwivuna umusase mu biro vy'umukuru w'igihugu White House ku wa kabiri, ko "anezerewe cane" ko iyo ngingo yo kugabanya imfashanyo ya Pepfar izokurwaho.
Imbere y'uko iyo ngingo ihindurwa, Collins yari yaravuze cane arwanya iyo nteguro y' itegeko rigabanya iyo mfashanyo. Ntiyavuze nimba kuba iyo ngingo iraba Pepfar yahindutse bishobora kuba bihagije kugira ngo ashigikire iryo tegeko.
Umuyobozi w'ibiro vyiga amahera leta ikoresha (OMB) Russell Vought yabwiye abamenyeshamakuru ko ibiro vy'umukuru w'igihugu biri ku ruhande rumwe n'inama nkenguzamateka muri uko guhindura iyo nteguro y'itegeko, bisigura ko uko rimeze ubu, rishikiriye umukuru w'igihugu yoca arishirako igikumu.
Muri iki gihe c'ikiringo ca kabiri c'ubutegetsi bwiwe, Trump yarateye intambwe ikomeye yo kugabanya amahera Leta ikoresha.
Vyinshi mu bigabanirizwa uburyo muri iyi nteguro y'itegeko bigambiriye kugarura amahera yari yaragenewe ikigega ca Leta ya Amerika gifasha mu makungu, USAID, giherutse gutangaza ku mugaragaro ko cafunze kuri ubu butegetsi bwa Trump.
Ivyo Trump yakoze vyatumye amavuriro y'abarwayi ba SIDA agabanya cane uburyo muri Afrika y'Epfo no mu bindi bihugu, bituma imiti yahora itangwa mu kurokora ubuzima bw'abarwayi igabanuka cane, ndetse n'ubundi bufasha.
Izi mpinduka zakirijwe yompi n'umwigisha wa kaminuza Prof Helen Rees, umuhinga mu bijanye n'umugera wa SIDA, indwara zishobora gukingirwa n'incanco be n'amagara meza ashingiye ku bijanye n'imibonano mpuzabitsina muri kaminuza ya Witwatersrand i Johannesburg muri Afrika y'Epfo.
Yabwiye BBC ati: "Iyi ni inkuru nziza cane.
"Ni vyo ko iyi ngingo itaza isubiriza ivyo Pepfar yatanga vyose, ariko irerekana ko hari impinduka ku kuntu Abanyamerika bafata uno mugambi kandi ko n'abagize inama nkenguzamateka batahura ko Pepfar ari umugambi kirumara kubera ubuzima bw'abantu benshi umaze kurokora".
Yongerako ko guhagarika bukwi na bukwi aya mafaranga cari "ikibazo gikomeye cane ku buzima bw'abantu benshi cane cane mu bihugu bifise amikoro make, cane cane muri Afrika".
Ibindi biteganywa kugabanywa muri iyo nteguro y'itegeko birimwo amafaranga yahora ahabwa ibigo vy'itangazamakuru vya Leta NPR na PBS.