Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Man City na Man Utd zirarwanira Donnarumma

Manchester United na Manchester City zompi ziripfuza wa munyegori wa ParisSt-Germain Umutaliyano Gianluigi Donnarumma w'imyaka 26, ivyatumye uno murwi wo muri Ligue 1 yo mu Bufaransa utangura kwiyumvira Umufaransa asamira Lille Lucas Chevalier w'imyaka 23 ko ari we yoca amusubirira. (L'Equipe - mu Gifaransa)

Galatasaray na yo nyene iriteguye kwegera Donnarumma, mu gihe ari hafi yo kwinjira mu mwaka wa nyuma w'amasezerano afitaniye na PSG. (Footmercato - mu Gifaransa)

Arsenal irizeye ko vuba ishobora gushika ku masezerano yoyituma ironka umukinyi w'imbere wa CrystalPalace Umwongereza Eberechi Eze w'imyaka 27ku miriyoni 60 z'amapawundi, kandi n'uno mukinyi nyene aranyotewe kwimukira muri uno murwi wa Mikel Arteta. (Independent)

Everton iri mu biganiro na BayernMunich ku mukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i bubamfu, Umunya-Maroc Adam Aznou w'imyaka 19, ku miriyoni 7.8 z'amapawundi.(Athletic)

Flamengo iripfuza kugura umusatirizi wa Arsenal n'umurwi nserukiragihugu wa Brezili Gabriel Jesus w'imyaka 28.(RTI Esporte)

Benfica iriko irasatira mu rugamba rwayo rwo kurondera umusatirizi wa Chelsea, Umunya-Portugal Joao Felix w'imyaka 25, na we nyene akaba yizeye ko ashobora gusubira muri uno murwi wamureze. (Florian Plettenberg)

Fulham iri mu biganiro bigeze kure vyo gusubira kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Arsenal Umwongereza Reiss Nelson w'imyaka 25, haba ku ntizo ariko hakajamwo n'ingingo yo gushobora kuzomugura, canke naho ikamutwara burundu. (Athletic )

Everton iri mu biganiro na Lyon kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wo ku ruhande, Umubirigi Malick Fofana w'imyaka 20. (Fabrizio Romano)

Aba ba-Toffees bamaze kwemera ko botanga imiriyoni 31 z'amapawundi kuri Fofana, ariko Lyon iriko imuronderako nibura imiriyoni 35 z'amapawundi. (L'Equipe - mu Gifaransa)

Manchester United na Burnley nayo yahambije Brentford, Southampton na BorussiaDortmund mu rugamba rwo guhiga umusatirizi wa Metz, Umunya-Senegal Idrissa Gueye w'imyaka 18. (Sun)

Chelsea iriteguriye gufasha mu kwishura umushahara w'umusatirizi w'Ubwongereza Raheem Sterling w'imyaka 30 kugira ngo ashobore kwimukira muri Fulham.(Football Insider)

West Ham iriko iraraba ko yorondera umukinyi wo hagati wa WerderBremen Romano Schmid afise igiciro c'imiriyoni 13 z'amapawundi. AstonVilla na Fulham na zo nyene ziriko zirakurikiranira hagufi uno munya-Autriche w'imyaka 25. (Guardian)

Imirwi West Ham na Benfica iriko yitegura kurwanira umusatirizi wa Cagliari Umutaliyano Roberto Piccoli w'imyaka 24, afise agaciro k'imiriyoni zababa 26 z'amapawundi. (Calciomercato - mu Gitaliyano)

Leeds iripfuza gutanga imiriyoni 28 z'amapawundi zigeretseko n'uturusho ku musatirizi wa Feyenoord, Umunya-Brezili Igor Paixao w'imyaka 26, ariko rero iriko imurwanira na Marseille be na Roma. (Sky Sports)