Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ni ibiki biriko bibera i Lubero?
Inyuma y'aho igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo (FARDC) cerekaniye uwo kivuga ko ari umusirikare w'Urwanda arwanira M23 hamwe n'ibirwanisho vy'uwo muhari, uno muhari nawo wasohoye videwo ejo ku wa Mungu igenekerezo rya 29 Kigarama (12), werekana abantu batari bake uvuga ko ari ingabo za FARDC wafatiye ku rugamba.
Werekana kandi abo uvuga ko ari abarwanyi b'umurwi Wazalendo ufatanije n'igisirikare ca reta, hamwe kandi n'abo uvuga ko ari abarwanyi b'umuhari FDLR, hampande y'ibirwanisho bitari bike uvuga ko watse igisirikare ca reta.
Ni mu gihe havugwa intambara zikomeye muri teritware ya Lubero, Willy Ngomba avugira M23 yabwiye BBC ko abarwanyi b'uno muhari bahanganye n'ingabo za reta ziri kumwe n'abo zifatanije, zatereye ica rimwe ibirindiro vyawo i Lubero, Masisi, Kibumba, Rutshuru, n'ahandi.
Igisirikare ca DR Congo camirira kure ibiri muri iyi videwo, kikavuga ko ari ikinyoma.
Liyetena Koroneli (Lt Col) Mak Hazukay, umuvugizi w'ibikorwa vy'igisirikare ca RD Congo bizwi nka Sokola 1 Grand Nord-Kivu, yarungikiye ubutumwa BBC Gahuzamiryango buvuga buti: "Fake News", (ni ukuvuga ''inkuru y'ikinyoma").
Lt Col Hazukay avuga ko uno muhari "werekana ingabo za FARDC zambaye neza ku rugamba, ikamyo yapfuye ihagaze muri garage, abana ba Wazalendo bariko bamwenyura, inyuma hari amasanamu y'ama-jeep ya M23 ari muri garage".
Avuga kandi ko ata bawanyi ba FDLR bari i Lubero.
Lt Col Hazukay yarungikiye BBC Gahuzamiryango amavidewo avuga ko ari ay'abarwanyi ba M23 bishwe mu bitero vy'indege vy'igisirikare ca RD Congo.
BBC ntishobora kuyahinyuza, kandi ntashobora kwerekanwa hano kubera ateye ubwoba.
Hagati aho, aremeza ko uturere twa Alimbongo na Mambasa muri teritware ya Lubero turi mu minwe y'inyeshamba za M23 ariko ko bazoruhira kutugarura.
Abajijwe nimba igisirikare ca RD Congo kizoshobora kutubohoza, Lt Col Hazukay yishuye ati: "Vyose bizogenda neza".
Abajijwe nimba bategekanya gufata igisagara ca Lubero, Willy Ngoma yishura ko igikenewe atari gufata ibisagara canke uturere utu n'utu, ko ahubwo ikintu nyamukuru ari umutekano wabo n'abanyagihugu.
Ati: "Kuri twebwe, igikenewe si uturere. Ibisagara...ibigwati..., si co gikuru. Ahubwo ikintu nyamukuru ni umutekano. Turiteguye gutuza ikintu ico ari co cose coza kibangamira umutekano wacu, aho coba kivuye hose.
"Kuri ivyo, nta gisagara canke akarere na kamwe kazoducika mu gihe cose umutekano wacu n'uw'abanyagihugu uzoba ubangamiwe.
"Nayo ku vyerekeye Alimbongo, twarabivuze kandi turabivuga, aba bantu ntibashobora kutwaka n'isantimetero n'imwe yonyene, ntibashobora! Kuko turwanira ukuri kandi turiteguye".
Amaterirware atanu, ari yo Masisi, Rutshuru, Walikale, Nyiragongo hamwe rero na Lubero kuri atandatu agize intara ya Kivu ya Ruguru arangwamwo intambara kuva inyeshamba za M23 zisubiye gutanguza intambara muri iyo ntara yo mu buseruko bwa Congo, hari mu mpera za 2021.
Uno muhari w'inyeshamba uvuga ko urwanira uburenganzira bw'abanye-Congo bo mu bwoko bw'Abatutsi uherutse gushinga inzego mu turere umaze kwigarurira, uvuga ko ari mu ntumbero yo kubandanya uha abanyagihugu ivyankenerwa.
Kuva izi ntambara zaduka, utwigoro tw'amahoro gushika ubu ntaco turashikako, reta ya DR Congo ikavuga ko idashobora kuganira n'umuhari M23 ivuga ko ari igikoresho c'Urwanda, ivyo iki gihugu camye camirira kure