Bane baraye bishwe, abatari bake barakomereka mu gitero c'imodoka kw'isoko ya Noweli mu Budagi
Abantu bane, harimwo n'umwana, baraye bishwe, abandi baharurwa muri mirongo barakomereka igihe imodoka yitera mw'isinzi ry'abantu bari kw'isoko ya Noweli mu gisagara ca Magdeburg mu buseruko bw'Ubudagi, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Mw'itangazo, abategetsi bavuga ko abantu 68 bakomeretse, harimwo 15 basinzikaye cane.
Reiner Haseloff, arongoye reta y'intara ya Saxony-Anhalt, yabwiye abanyamakuru bari aho iki gitero cabereye ko uwikekwa – akaba yamaze guhagarikwa – ari umugabo w'imyaka 50 akomoka muri Arabia Sawudite yari yashitse mu Budagi mu 2006 aho yakora nk'umuganga.
Avuga ko amatohoza y'intangamarara yerekana ko uwakoze iki gitero yabikoze ari wenyene kandi ko atovuga ko ata bandi bashobora gupfa kubera igitigiri c'abasinzikaye.
Icatumye uyu yikekwa akora iki gitero ntikiramenyekana, kandi nta sano afise n'ivyiyumviro bikaze vy'idini rya Islam - ivyo yandika ku mbuga hwaniro no ku mbuga ngurukanabumenyi bisa n'ibigaragaza ko yahoze anegura idini rya Isilamu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amashusho ava ahabereye iki gitero yerekana imodoka zitari nke zijejwe ubutabazi zishika mu gihe abantu bari baryamye hasi.
Mu nyuma habonetse videwo yerekana umupolisi ahanganye n'umugabo yaboneka aryamye hasi iruhande y'imodoka yari ihagaze.
Videwo itarahinyuzwa yahanahanywe ku mbuga hwaniro ivugwa ko yerekana imodoka yihuruza mu bantu bari kuri iyo soko.
Abategetsi b'iki gisagara bavuga ko abapolisi, abaganga n'abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka bashika 100, hamwe kandi n'abajejwe ubutabazi 5o bashitse ahabereye iryo bara.
Umukuru wa reta y'Ubudagi Olaf Scholz yahojeje ababuze ababo n'abakomeretse, kandi ko yifatanije n'abanyagihugu bose baba i Magdeburg, ntiyibagiye no gushimira amajejwe ubutabazi babangutse gushika aho hantu.
Bitegekanijwe ko kuri uno wa gatandatu Scholz agendera iki gisagara, kandi ko haza kuba n'igisabisho co kwibuka aba babiri bapfuye kw'isengero nkuru ya Magdeburg.
Avugana n'ikinyamakuru co mu Budagi Bild, Nadine w'imyaka 32, avuga ko yari kuri iyi soko ya Noweli ari kumwe n'umukunzi wiwe, Marco, igihe iyi modoka yaza n'umuvuduko itera ibagana.
Ati: "Yamugonze imterera nka hariya. Vyari biteye ubwoba".
Hagati aho, Lars Frohmüller, umunyamakuru w'ikinyamakuru cegamiye reta MDR co mu Budagi, yabwiye ikiganiro World Tonight c'iradiyo Radio 4 ya BBC ko yabonye "amaraso hasi" hamwe n'"abaganga benshi bagerageza gutabara abantu no kubavura ibikomere vyabo".
Ibinyamakuru vyo mu Budagi vyise uno yikekwa Taleb A, umuganga w'indwara zo mu mutwe asanzwe aba i Bernburg, ku birometero vyabaya 40 mu bumanuko bwa Magdeburg.
Uno mugabo yavuye muri Arabia Sawudite yashitse mu Budagi mu 2006 akaba yagiye guhabwa ubuhungiro mu 2016
Yari afise urubuga ngurukanabumenyi rwari rufise intego yo gufasha abandi bahoze ari Abasilamu guhunga itotezwa mu bihugu vyabo vyo mu Kigobe c'Abarabu.

Iki gitero ca nijoro ku wa gatanu si co ca mbere kibaye ku bantu baba bakoraniye ku kibanza c'isoko rya Noweli mu Budagi.
Mu 2016, Anis Amri, umugabo akomoka muri Tunisia yari yasavye ubuhungiro mu Budagi akabubura akaba yari afitaniye isano n'ikizwi nka Reta ya Kisilamu, yarahuruje ikamyo mw'isinzi ry'abantu bari bakoraniye mu kibanza c'isoko ya Noweli ku mugwa mukuru Berlin, yica 12 akomeretsa 49.
Haciye imyaka ibiri, umugabo yari yitwaje inkoho yararashe ku kibanza c'isoko ya Noweli mu gisagara ca Strasbourg mu buseruko bw'Ubufaransa, yica batanu akomeretsa abandi 11. Inyuma y'imisi ibiri, ino mugabo yahavuye yicwa arashwe n'abapolisi.
Mu kwezi guheze gusa, umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'Ubudagi, Nancy Faeser, yavuze ko bikenewe "kumera magabo cane" ku masoko azwi cane - ariko akavuga ko ata bimenyetso "nyavyo" vyerekana ko hari akaga.
Bivugwa kandi ko yagarutse ku mategeko ruhasha ku bijanye n'ibirwanisho mu bibanza bikoraniramwo abantu benshi inyuma y'igitero c'imbugita cabereye i Solingen, mu burengero bw'Ubudagi muri Myandagaro (8), aho abantu batatu bapfuye - ikintu cavyuye impari zari zisanzwe zikomeye ku bijanye n'abasaba ubuhungiro hamwe n'abimukira mu Budagi.














