Umunya - Iran yafashwe ariko ategura igitero c’isumu mu Budagi

police

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umugabo w’imyaka 32 akomoka muri Irani ari mu minwe y’igipolisi mu Budagi yagirizwa ko yariko ategura igitero “yishimikije idini rya Islam”.

Uyu mugabo yari mu nteguro zo gukoresha c'isumu ya cyanure/cyanide na ricine kugira ngo akore “igikorwa kibishe c’uguhungabanya umutekano”, nk’uko biri mw’itangazo ry’igipolisi rya Rhénanie du Nord-Westphalie.

Igipolisi cakoze igitero ku muhana w’uyu mugabo uri ahitwa Castrop-Rauxel, mu ntara ya Ruhr, ari ho batoye “ubu bumara bwica”.

Ricine ifatwa ko ari ikirwanisho kibi cane c’ubumara.

Hariho n’uwundi muntu yahagaritswe, aba bompi bakaba bakiri mu gasho.

Itororokanirizo ry’amakuru Deutsche-Presse Agence (dpa) ry’Ubudagi rivuga ko abajejwe ubutabazi batari bake bahashitse bambaye imyambaro yo kwikingira.

Amatohoza aracabandanya ariko ntibiramenyekana neza intambwe yari agezeko mu gutegura ico gitero.

Icaha nk’ico “gikomeye co guhungabanya umutekano w’igihugu” gishobora guhanishwa umunyororo kuva ku mezi atandatu gushika ku myaka cumi.

Ubudagi buriziziwe n’ibitero bitari bike vy’abiyitiriria idini rya Islam kuva muri ino myaka mike iheze. Mu 2016, igitero c’ikamyo ku masoko y’ivya Noweli ku mugwa mukuru Berlin cahitanye abantu 12 abandi baharurwa muri mirongo barakomereka.