RDC: OCHA ivuga ko abantu hafi 172.000 bugaraniwe i Minembwe, igasaba kwugurura amayira

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Ishami mpuzabikorwa vy'ubutabazi rya ONU, OCHA, ritera akamo ko kwugurura amayira kugira ngo abanyagihugu bugaraniwe mu karere k'ubuvuzi ka Minembwe no mu micungararo yaho bashobore kuronswa ivya nkenerwa.
Mw'itangazo yaraye isohoye, OCHA isaba ko abasivire bakingirwa, ibitero mu rudavagi canke bitumbereye ku bantu kanaka bigahagarara, co kimwe n'ibikorwa vyo gutera ubwoba, ibituma abanyagihugu bata izabo.
Mu ntango z'uku kwezi, abanyagihugu bo mu gace ka Minembwe mu ntara ya Kivu y'Epfo bakoze imyiyerekano biyamiriza ipfungwa ry'aya mayira yabashikana ku masumiro, nka Uvira, aho bagirije ingabo z'Uburundi ko ari zo zabugaranye.
Igisirikare c'Uburundi caremeye ko ari co cazibiye aya mayira mu ntumbero yo "gukingira Uvira n'urubibe rw'Uburundi", kigasaba abanyagihugu bari i Minembwe "kuvavanura n'abansi" bariyo.
Mw'iryo tangazo, OCHA ivuga ko mu uturere tw'ubuvuzi twa Minembwe, Itombwe no mu turere two mu misozi miremire bigoye gushikayo, eka mbere bigasa n'ibidashoboka.
None ibintu bimeze gute muri ako karere?
OCHA ivuga ko ako karere karangwamwo intambara ziyongereye kuva muri Nzero (1) uno mwaka.
Kuva muri Rusama(5) 2025, aka karere karugaranywe hafi rwose. Amayira nyamukuru, cane cane ibarabara Fizi–Lusuku–Point Zéro–Mikenge–Minembwe, arazibiye kubera imirwi y'inyeshamba ikarangwamwo.
OCHA ivuga ko amategeko ruhasha yafatiwe abanyagihugu, ibituma abadandaza badashobora kwinjiza ibidandazwa, abajejwe ubutabazi nabo ntibashobore gushikanayo imfashanyo.
Iri shirahamwe rivuga kandi ko amashirahamwe atari make yataye agahunga akava muri ako karere kubera uguterwa ubwoba.
Ibiharuro bisubirwamwo na OCHA vyo mu kw'icumi vy'igisata gikurikiranira hagufi abateshwa ivyabo n'ababigarukamwo, Commission Mouvement de Population, mu ntara ya Kivu y'Epfo, vyerekana ko abantu hafi 172 000 muri Minembwe bugaranywe kandi ko ata vya ngombwa bibashikira.
Iri pfungwa ry'amayira ryatumye kandi ivya nkenerwa nk'imiti n'ibifungurwa bibura, ibiciro biraduga ku rugero ruteye ubwoba nk'uko OCHA ibandanya ibivuga.
Itanga akarorero k'ukungene mu kwa mbere ikiro c'isukari cagurwa amafaranga y'amakongomani (FC) 5000 ariko mu kw'icumi kikaba cagurwa 30.000 FC, nayo umufuko w'ibiro 25 vy'ifu y'imyumbati wagurwa 15.000 ico gihe, mu kw'icumi wagurwa 50.000.
OCHA isaba ko abakozi bo mu gisata c'ubutabazi bakingirwa, co kimwe n'ibibanza n'ibikoresho vyo mu buvuzi, kandi ivya nkenerwa mu buvuzi bigashobora kurengana.
Ababa muri ako karere bataka batakamba ko inzara iri mu kubica, bagasaba ko impande zishamiranye zobandanya n'ivyazo, ariko bakareka abanyagihugu bakagenda, ivyinjira bikinjira.
Igisirikare c'Uburundi cumvisha ababa muri Minembwe kuvavanura n'abo gifata ko ari abansi.
Mu kiganiro yahaye BBC News Gahuzamiryango, Général de brigade Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'Uburundi yagize ati: "Uwuvuye za Minembwe aba ariko akorana n'umwansi uwo ntarengana birumvikana, nibavavanure n'abo bansi n'abo bagizi ba nabi hanyuma barabe yuko batidegemvya uko bashaka.''
Ata vyemezo atanze, yongeyeko ati:"Mugabo mu mwanya bakiri mu vyara vya Red-Tabara n'abandi bakorana bikaboneka neza ko bagiye kubasumira ntibikunda."
Igisirikare c'Uburundi kivuga ko kiri muri RDC kurwanya kandi imigwi y'inyeshamba z'Abarundi ya Red-Tabara na FNL-Nzabampema kivuga ko bakorana na Twirwaneho na AFC/M23, ibi iyo mirwi yagiye ibihakana.













