Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo iriyamiriza igenwa ry'uwuserukira Kenya mu gisagara ca Goma
Igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo kiriyamiriza igenwa ry'uwuserukira Kenya mu gisagara ca Goma kiri mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Kenya vyarasohoye urutonde rw'abagiye guserukira ico gihugu hirya no hino kw'isi kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 ukwezi kwa Myandagaro(8) 2025.
Muri bo harimwo uwuzoserukira Kenya mu gisagara ca Goma kiri mu minwe y'umuhari AFC/M23 ugwanya reta ya Republika ya Demokrasi ya Congo ukoresheje ibigwanisho.
Ibi ntivyanezereje igihugu ca Congo nk'uko bigaragara mw'itangazo ry'ubushikiranganji bw'imigenderanire y'ico gihugu ryashizwe ku rubuga rwa X kuri uyu wa gatandatu itariki 16 z'ukwezi kwa Myandagaro(8) 2025.
Rivuga ko igenwa ry'abaserukira ibihugu vyabo ritegerezwa gukorwa hakurikijwe " amategeko mpuzamakungu hamwe n'ayagenga imigenderanire" nk'uko biri mu masezerano ya Vienne yo ku wa 24 Ndamukiza(4) 1963.
"Kugena uwuserukira igihugu ciwe, ubanza kuvyemererwa n'abategetsi ba Congo ukanaronswa urusha [exequatur] n'ubushikirangangi bujejwe imigenderanire y'ico gihugu n'amakungu," ni ko iryo tangazo ribandanya rivuga.
Iryo tangazo rivuga kandi ko kugena uwuserukira Kenya mu gisagara ca Goma kiri mu ntara ya Kivu ya Ruguru igwiriyemwo amabuye y'agaciro bidakwiye kandi bidashobora gukorwa abategetsi ba Congo batabimenyeshwe.
Congo ivuga ko ako karere kigaruriwe na AFC/M23 ishigikiwe n'Urwanda, ivyo ico gihugu kiguma gihakana; kakorewemwo amabi menshi.
Iryo tangazo rivuga ko harangwa "gusinzikaza agateka ka zina muntu cane cane abasivire, abagore n'abana", ivyo ngo bikaba vyemezwa n'abahinga ba Onu hamwe n'igisata ca Onu kijejwe agateka ka zina muntu, HCDH.
Ku rubuga rwa X umshikiranganji ajejwe imigenderanire ya Congo n'amakungu Thérèse Kayikwamba Wagner avuga ko yahamagaye umushikiranganji wa mbere wa Kenya ari na we ajejwe imigenderanire Musalia Mudavadi, aramubwira aho igihugu ciwe gihagaze kubiraba igenwa ry'uwuserukira Kenya i Goma.
Si ubwa mbere igihugu ca Congo cidogera Kenya kubera umuhari AFC/M23.
Mu myaka ibiri iheze, umushikiranganji wa Congo w'ico gihe yari ajejwe imigenderanire Christophe Lutundula yavuze ko Kenya ishobora "kwikingira ingaruka" zova ku kwemera ishingwa ry'uwo muhari.
Ico gihe vyari bivuye ku nama yari yahuje Coreneille Nanga na Bertrand Bisimwa arongoye umuhari wa M23, yari ifise intumbero yo gutanguza ihuriro 'Alliance Fleuve Congo' , AFC.
Mu kwishura, ari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, prezida William Ruto yavuze ko Kenya ari "igihugu ca demokarasi", ko "nta muntu ubuzwa na reta gutanga amakuru ayo ariyo yose."
"Niba umuntu agiye hanze agakora ivyaha tuzomukurikirana, ariko niba umuntu yasohoye itangazo? Ni bangahe basohora amatangazo hano angwanya? Buri musi, abantu basohora amatangazo, iyo ni yo demokarasi nyayo."
Ico gihe reta ya Congo yarahamagaje uwuyiserukira muri Kenya kubera ico kibazo. Haranavuzwe cane ko bashaka kwirukana uwuserukira Kenya i Kinshasa, ariko ntivyabaye.
Prezida Ruto kandi yavuze ko "Nibafata ingingo yo kwirukana ambasaderi wacu kubera itangazo ryasohorewe i Nairobi, ivyo n'uburenganzira bwabo. Ariko sinopfunga umuntu kuko gusa yasohoye itangazo kuko ivyo binyuranye na demokrasi, uko ni ko iteye."