Zambia naho uwahoze ari umutegetsi yahanishijwe umunyororo n'ibikorwa vy'agahato

    • Umwanditsi, Kennedy Gondwe
    • Igikorwa, BBC News i Lusaka

Uwahoze ari umushikirangani wa Zambia ajejwe imigenderanire Joseph Malanji yahawe igihano co gupfungwa imyaka ine no gukora ibikorwa vy'agahato inyuma yo kwagirwa n'ibiturire.

Malanji vyemejwe ko yakoze ivyaha indwi vyo kuronka amatungo na za kajugujugu bikekwa ko vyavuye mu mafaranga akomotse mu vyaha, nk'uko radio-télévision y'igihugu yavuze.

Abo bagirizwa hamwe, uwahoze ari umunyamabanga ajejwe ikigega, Fredson Yamba, yaciriwe imyaka itatu yo gupfungwa kuko yemeje irungikwa ry'amafaranga arenga miriyoni 8 z'amadorari mu buserukizi bwa Zambia muri Turkiya kandi ata gisigura ico ayo mafaranga agiye gukora.

Muri Zambia benshi mu bashikiranganji bari muri reta y'uwahoze ari umukuru w'igihugu umuhisi Edgar Lungu baramaze kwagirwa n'ivyaha bitandukanye, ariko Malanji ni we afise igihagararo kinini kurusha abandi.

Perezida wa Zambia Hakainde Hichilema yiyemeje kurandura ivyo kurya ibiturire igihe yatsinda amatora haraheze imyaka ine, arushije Edgar Lungu.

Lungu n'umugambwe wiwe, Patriotic Front, bamwagirije kwihora bishingiye kuri poritike.

Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu aherutse gupfa ahitanywe n'urw'akarago muri Afrika y'Epfo mu kwezi kwa Ruheshi (6), ariko akaba atarafubwa kubera impari ndende hagati y'umuryango wiwe na reta ku bijanye no kumushingura.

Malanji yari yegereye cane Lungu, akaba yamubereye umushikiranganji ajejwe imigenderanire hagati ya 2018 na 2021.

Yataziriwe ''Bonanza'' kubera yari azwi ku mutima wo gutanga vyoroshe, no gushikirana n'abanyagihugu.

Asoma ico gihano, umucamanza Ireen Wishimanga yavuze ko ''yaciriye inkoni ngufi'' Malanji na Yamba kuko bwari ubwa mbere bakora ivyaha, kandi ko yumvise insiguro "ngabanyacaha" z'ababunganira mu mategeko.

Abanegura Hichilema bavuga ko kurya ibiturire vyiraye no muri reta yiwe, ariko ko ata mushikiranganji wiwe n'umwe arakurwa canke ngo akurikiranwe.

Mu kwezi kwa Rusama (5), Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarasubije inyuma amafaranga angana na miriyoni 50 z'amadorari yari agenewe gufasha mu gisata c'amagara muri Zambia inyuma yo kuvuga ko hari "ubusuma bweruye" bw'imfashanyo y'ibikoresho n'imiti vyo kwa muganga, kandi "zidakeneye kubandanya gusukira mu coze kwitungisha n'abanyonyezi".

Reta ya Zambia yariyemeje gukora amatohoza, ariko gushika ubu nta muntu arakurikiranwa.

Ishirahamwe rikurikirana ivy'ibiturire, Transparency International, rishira Zambia mu murongo w'ibihugu vya mbere birangwamwo ibiturire kw'isi.