Naho ibwirizwashingiro ritavyemera Trump ku kiringo ca gatatu ati: 'Navyifuza'

    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
    • Igikorwa, Umunyamakuru muri Maison Blanche

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntashira inyuma ko ashobora kwitoreza ikiringo kigira gatatu, aho avuga ati: "Navyipfuza".

Ariko yamirira kure ivyo kuzokwitoza mu kibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu mu 2028 – iciyumviro gishikirizwa na bamwe mu bamushigikiye nk'uburyo bwo kumufasha kuzunguruka ibwirizwashingiro rya Amerika ribuza umukuru w'igihugu kwitoreza ikiringo kigira gatatu.

"Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru mu rugendo arimwo muri Aziya, Trump yavuze ko ico ciyumviro ari 'ukurenza urugero' kandi ko 'atari ciza'."

Ntibiboneka neza amayeri yokoresha kugira ngo asubire kwitoza.

Mu ndwi iheze, uwahoze ari umuhinga mu vy'imigambi wa Trump, Steve Bannon, yavuze ko "integuro" ihari kugira ngo uno mukuru w'igihugu w'imyaka 79 ashobore kwitoreza ikindi kiringo.

Avugana n'abanyamakuru igihe yari yuriye indege irerura umukuru w'igihugu, Air Force One, atera aja mu Buyapani avuye muri Maleziya (Malaisie/Malaysia), Trump yavuze ko, nubwo yoba yemerewe kwitoza nk'icegera c'umukuru w'igihugu, ata migambi afise yo kubikora.

Ati: "Nibaza ko abantu batobishima, kwoba ari ukurenza. Ntivyoba ari vyiza".

Avuga ku bijanye n'ikiringo kigira gatatu, Trump yagize agi: "Ni ukuri sindavyiyumvirako. Ariko mfise ibitigiri binini ntari bwigere ngira vy'ababinyipfuriza".

Trump yavuze kandi ko icegera ciwe JD Vance hamwe n'umushikiranganji w'imigenderanire Marco Rubio bashobora kuzomusubirira, aho avuga ko ata "muntu ashobora kubitambika imbere".

"Ico nobabwira ni uko dufise abantu benshi cane, amahirwe badafise", niko avuga, ashaka kuvuga Abademokarate.

Impinduka ya 22 y'ibwirizwashingiro rya Amerika ibuza abakuru b'igihugu kwitoreza ikiringo ca gatatu.

Guhindura iyi mpinduka vyosaba ko yemezwa n'inama nshingamateka na nkenguzamateka kuri bibiri vya bitatu, canke naho hagamahagazwa inama nkuru yo guhindura ibwirizwashingiro itumwako ku bice bibiri vya bitatu vy'abashingamateka n'abakenguzamateka – inzira ziboneka ko zifise amahirwe make cane.

Iyi mpinduka yokenera kandi gushigikirwa n'intara 38 zoyiterako igikumu, canke kugira ngo yemezwe ku mugaragaro.

Mu ndwi iheze, igihe Steve Bannon yahoze ari umuhanuzi wa Trump kandi akaba amushigikiye cane, yavuga ko hari integuro z'uko ashobora kwitoreza ikindi kiringo, yabwiye ikinyamakuru The Economist ati: "Trump azoba umukuru w'igihugu mu 2028, kandi nta kindi atari uko abantu bategerezwa kuvyitegurira.

"Igihe ni cagera, tuzoshira ahabona iyi nteguro".

Muri Ntwarante (3), Trump yabwiye imboneshakure CNBC ko ashobora "kutazosubira kwiyamamaza", n'aho inyuma yaho yavuze ko adafyinata kuri iki ciyumviro.

Ntibiramenyekana neza Abademokarate bipfuza kwitoza muri iki kibanza mu 2028, n'aho hari benshi bamaze kuvuga ko bavyipfuza.

Ku wa Mungu, buramatari w'intara ya California Gavin Newsom yabwiye ikimenyeshamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika, ko yoba ariko arabesha ari nka hamwe yovuga ko atiyumvira ibijanye no kwitoza nk'umukuru w'igihugu.

Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu Kamala Harris na we nyene aheruka kubwira BBC ko ashobora kuzokwitoza kandi ko "bishoboka" ko muri kazoza ashobora kuzoba umukuru w'igihugu.