'Nari nzi ko ngiye muhira mu kiruhuko ca Noweli, kumbe nari ngiye gukebwa'

Ifoto ya Catherine Meng’anyi

Ahavuye isanamu, Catherine Meng’anyi

    • Umwanditsi, Sandrine Lungumbu
    • Igikorwa, BBC World Service

Afise imyaka cumi n'ibiri, Meng'anyi yagiye iwabo mu biruhuko vya Noweli ari kumwe n'umuryango wiwe, nk'uko yahora abikora buri mwaka, mu rugendo rwahinduye ubuzima bwiwe ubutakigaruka.

Atagishijwe inama, abavyeyi biwe bari bateguye ko "akebwa" n'umwe mu bakozi bo kwa muganga hagati mu gihugu iyo yamuka muri Kenya.

Igabishwa: Iyi nkuru ivuga ivyerekeye guhimbura ibihimba vy'irondoka vy'abagore mw'ido n'ido.

Kuba yari yakuriye ku mugwa mukuru, Nairobi, Catherine yibaza ko ata ho bazohurira n'imico ya kera yo mu bisagara n'ibigwati vyo hirya no hino mu gihugu.

Avuga ko atasa n'umukobwa yari gushobora gukorerwa ivyo bintu; abavyeyi biwe bari barize, baba kandi bakora mu gisagara.

Ariko ivyo ni vyo vyamushikiye neza na neza haraciye imyaka 30.

"Sinamenye ko igihe nava Nairobi ntera nja iyo namuka hagati mu gihugu ivyo vyari kunshikira, gushika igihe nashikayo. Ariko ndibuka ko hariho ibivugwa ko hariho umusi mukuru wariko urategurwa".

Abagore n'abakobwa barenga imiriyoni 230 kw'isi barakebwe, nk'uko bivugwa n'ishami rya Onu ryitaho ibibondo kw'isi Unicef.

N'aho iyo migirwa igwiriye cane mu bihugu 30 hirya no hino ku mugabane wa Afrika no mu burasirazuba bwo hagati, urakorwa kandi mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Asia na Amerika y'Epfo, no mu bimukira baba mu Buraya bw'uburengero, mu buraruko bwa Amerika, Australia na Nouvelle-Zélande, nk'uko bishikirizwa na Onu.

Ivyo bita "medicalised FGM" ni uguca canke gukuraho ibice vy'inyuma vy'igihimba c'irondoka c'umugore n'ibigirankana, bikorwa n'umuvuzi canke umuhinga mu vyo amagara y'abantu.

Kenshi na kenshi ni ugukuraho canke guhimbura imbiga zose n'imbezi, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO risigura ko ari " buri kintu cose gikomeretsa ibice vy'igihimba c'irondoka c'umugore bitavuye ku mvo z'ubugwayi".

"Medicalized FGM" akenshi ibonwa nk'uburyo bwiza bwo kubandanya uwo mugenzo, batitaye ku ngaruka zo ku mubiri, mu mutwe n'igitsina ku buzima bw'umukobwa, kuko biba vyakozwe n'umuhinga mu vy'amagara y'abantu - ariko gukoresha ibikoresho vyo kubaga birashobora kwonona gusumba.

Ibicapo vyerekena uburyo bune bagenyera ibihimba vy'abakobwa (FGM) nk'uko bitangwa na OMS
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

UKO IKEBWA RY'ABAKOBWA RIKORWA N'ABAVUZI RIHAGAZE KW'ISI

  • Ibiharuro biri hejuru vy'abakebwa n'abavuzi biri mu bihugu bitanu: Misiri (38%), Sudani (67%), Guinee (15%), Kenya (15%) na Nigeria (13%)
  • Afrika ni yo ifise igitigiri kinini cane muri abo, gishika ku barenga imiriyoni 144.
  • Asia irakurikira n'abarenga imiriyoni 80 hanyuma n'abandi imiriyoni 6 mu burasirazuba bwo hagati.
  • Abandi bagore bari hagati y'umuriyoni n'imiriyoni zibiri barabikorerwa mu mibano no mu bihugu bijamwo abimukira mu mpande z'isi hasigaye.

Aho biva: Unicef

Abavyeyi ba Catherine bahisemwo ikebwa rikozwe n'umuhinga mu vy'ubuvuzi, maze babwira umuganga wo muri ako karere ngo abikore.

Uwo muvyeyi w'imyaka 42 ubu akaba ari umuforomakazi avuga ati: "Vyantwaye igihe kirekire cane kugira ngo nshobore kwakira [ivyanshikiye] no kugira inguvu zikwiye zo gushobora kubivuga kuko ndashobora kwibona ku myaka 12".

Imisi mike imbere y'uko biba, Catherine yaramenye ko agiye "gukebwa" nk'uko bisanzwe bivugwa mu mibano. Ariko ntiyatahura neza ico bisigura.

"Ubutumire bw'ico gikorwa bwararungikiwe abagenzi n'incuti," nk'uko avyibuka, "Vyari ibirori."

Inyuma y'imisi mike, uno muvuzi yarageze muhira iwabo.

"Ndabona ingene abagore banzunguruka, baririmba kandi banezerewe cane," ni ko yibuka.

"Hanyuma barakwicarika hasi ku nguvu.

"Uno muvuzi aca yambara uturindantoke, agafata urwembe rusukuye neza mu gihe hari abagore bagufashe.

"Urarira, ugakoma induru. Ariko bagerageza kukubuza gukakaza kuko bemeza ko igihe ukomye induru utaba urinda.

"Ndibuka neza ko navuye amaraso menshi, gushika aho bampa uruvangatirane rw'imiti kama yo guhagarika kuva".

Mu nyuma, Catherine aribuka ingene yajumarariwe kandi ari "mu gahinda".

"Ikibazo co mu mutwe kiracariho mbere ni na co kibi gusumba ibindi vyose."

'Naramumenye kandi naramwanse'

Ku bwa Catherine, kuba umuforoma yari inzira yo kuraba ko yogira ico amariye abakobwa bakiri bato hamwe n'abagore aho aba mu karere ka Migori, mu bumanuko bushira uburengero bwa Kenya.

Ubu amaze imyaka 20 akora nk'umuhinga mu ngwara z'ivyaduka akaba akorana cane n'abanyagihugu mu kugwanya amabi ashingiye ku gitsina, harimwo n'ikebwa.

Iruhande yo kuba umuforoma, Catherine ashinzwe gukinga amabi afatiye ku gitsina no gutanga ubutabazi muri ako karere.

"Numva ko nshobora guhagarika ivyo nabona aho mba. Hari abatwara imbanyi bakiri bato cane, abakobwa bato rwose, kandi batwara izo mbanyi bafatiye ko "bakebwe, ko rero bageze."

Mu myaka myinshi, Catherine yabandanije aja kuraba uwo mugore yamukoreye ivyo bintu aho agikora muri ico gisagara.

"Ni umugore nari nsanzwe nzi, kandi haheze imyaka myinshi ndamwanka. Yari afise ivuriro muri kimwe mu bisagara. Kuri jewe, ni wewe wari kunyitaho, ariko wahisemwo kumbabaza. Kandi wari uzi neza ko ibi ata nyungu bizongirira ku magara yanje. Ariko warabandanije ugirako urabikora.

"Harageze igihe numva koko ko nobimubaza, ariko uko igihe kigenda, nasanze nkwiye kurondera umuti muri jewe nyene," ni ko yongerako.

Ifoto ya Catherine Meng’anyi akiri umwana ari kumwe na nyina wiwe

Ahavuye isanamu, Catherine Meng’anyi

Insiguro y'isanamu, Catherine ( i buryo) akiri umwana muto w'umukobwa ari kumwe na nyina wiwe

Catherine avuga ko atigeze aganira n'abavyeyi biwe ivyamushikiye "kubera ntashaka kuzura akaboze", ariko avuga ko nyina wiwe ubu ari we muntu amushigikiye cane mu gikorwa ciwe c'ubuvugizi.

Kenya yahagaritse ikebwa ry'abigeme ku rugero rutomu 2001, hanyuma iza kubihagarika burundu mu 2011.

Ariko rero, ikebwa rishingiye ku mico y'abantu bamwe bamwe riracabandanya.

Catherine ntiyibaza ko hashobora kuba ingaruka ku wamukevye canke ku bavyeyi biwe kuko ico gihe ntivyari bibujijwe.

Bimwe mu vyo abantu bemera bijanye n'ikebwa ry'abigeme harimwo ko ari co kintu ca mbere kirabwa kugira ngo yubake urwiwe, n'ikimenyetso co kuba umugore nyawe, n'ikimenyetso co kutagira inenge mu mibano.

Catherine afise abana b'abakobwa babiri, kandi aza yaratanguye kubabwira atarya umunwa uko bigenda.

"Haracari abakozi bo muvyo amagara y'abantu bambwira bati:'Catherine udakase abakobwa bawe - tuzobbakeba - ni yo mico yacu.'

"Umukobwa wanje mukuru ariko arakwiza imyaka 18, muto na we 16, nta n'umwe arabikorerwa.

Ni co kintu nishimira.

"Igihe nubaka urwanje ubwa mbere, abantu baramvuze nabi. Bavuga ngo 'urakeneye kujana abakobwa bawe bakabakeba,' rimwe na rimwe bakanakoresha amajambo mabi."

Hageze igihe abakobwa biwe baza barabita "mosagane" bisigura "umukobwa atakebwe" mu rurimi rw'aba Kuria, ruvugwa mu bice vyo muri Kenya n'igihugu kibanyi ca Tanzania.

"Narababwiye ko nabikorewe kandi ko vyagize ingaruka ku magara yanje yo mu mutwe; ... hageze igihe ngira ikibazo c'ingwara, nk'izo mu nzira y'umukoyo.

'Ikebwa rikobwa n'abavuzi riba mu gacerere'

Ibarabara mu karere ka Migori, mu bumanuko bushira uburengero bwa Kenya

Ahavuye isanamu, Catherine Meng’anyi

Insiguro y'isanamu, Igitigiri c'abakobwa bakebwa bafise hagati y'imyaka 15 na 19 mu myaka 30 ihize caragabanutse cane

Mu gihe abategetsi ba Kenya bongereje umurindi mu rugamba rwo kurwanya ikebwa ry'abakobwa , Catherine avuga ko hari ibindi biteye amakenga, aho ababikora bagerageza kwinyegeza kugira ntibafatwe.

Mu mico, uwo mugirwa wakorwa ku mugaragaro mu gatondo ka kare, kenshi na kenshi ku bana b'abakobwa bari hagati y'imyaka 10 na 12. Ubu abakobwa bato bafise nk'imyaka itandatu na bo barabikorerwa mu kibano, mu kwanka ko bimenyekana, uko ni ko avuga.

"Bikorwa mu gacerere nta ngere," ni ko asigura."Ibiharuro ntibija ahabona kubera abantu ntibashaka kubivugira aheru.

"Babikora binyegeje," uko ni ko yongerako.

"Abakibandanya gukeba abakobwa barongereje inguvu. Babandanya gutondeka abakoba bakiri bato, mugabo babahinduye nk'abahungu.

"Babikora bihuta kugira ntibafatwe, bigaca rero bituma bibagira ko ingaruka mbi zikomeye. Abakobwa babakeba nabi, rero mu gihe ubihweje, bisa n'uko babikoze biruka."

Mu 2020, hagereranywa ko abakobwa n'abagore imiriyoni 52 bakebwe n'abakozi bo kwa muganga hirya no hino kw'isi - ni ukuvuga kimwe ca kane, nk'uko bivugwa na Unicef.

Mu kwezi kwa kane, OMS yarahinduye amategeko ngenderwako, bivuye ku mwitwarariko uturutse ku gitigiri c'abagore bakebwa kiguma ciyongera.

Bimwe mu vyigwa vyerekana ko hashobora kuba ingaruka gusumba bikozwe n'abakozi bo kwa muganga, kuko bashobora gukata igice kinini, nk'uko bivugwa na OMS.

'Abaganga babikora uko bavyumva'

Misiri ifise igitigiri ca mbere kinini kw'isi c'abakobwa bakebewe kwa muganga.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Misiri ifise igitigiri ca mbere kinini kw'isi c'abakobwa bakebewe kwa muganga.

Ikebwa ry'abakobwa ryahagaritswe mu 2008 mu Misiri , ariko biguma bikorwa ku rugero rwa mbere runini w'isi - nko ku bice 78%, nk'uko bivugwa na Unicef.

Misiri kandi ifise urugero runini rw'ababikorerwa kwa muganga.

"Nta buryo na bumwe bwigishwa bw'ingene iri kebwa ryokorwa, ivyiyumviro bitari vyo ko ari uburyo bwiza bwo kubikora kandi bitagira ingaruka ku bakobwa n'abagore babikorewe, ni ububeshi", nk'uko bishikirizwa na Dr Reham Awwad, umuhinga mu gusanasana ibihimba vy'abagore bakebwe.

"Umuganga wese abikora ku buryo butandukanye, ari na co gituma tugenda tubona abagize ibibazo mu buryo butandukanye," ni ko yabwiye BBC.

Co kimwe na Catherine, Dr Awwad yemeza ko ikintu nyamukuru gituma abakozi bo kwa muganga babikora, atari amahera ahanini, ahubwo ko ari umuco wabanyengetereye.

Dr Awwad aremeranya na OMS ko ikebwa rikorwa n'abavuzi ritsimbataza uwo muco kuko biba bikoze n'abantu bubashwe kandi bemewe mu mibano.

"Igituma ikebwa rikorwa n'abavuzi ritinyitse, si ukubera ko ibihimba vy'igitsina bikatirwa kure... ni ukubera ko abo bagore bizera abaganga bibaza ko bo babikora neza canke bitazogira ingaruka zikomeye -kandi atari vyo namba.

"Mu bisanzwe ni uburyo butagira uko bukurikizwa, nta na hamwe vyigishwa, ni ukuvuga ko umuganga wese abikora uko avyumva."

Tugarutse muri Kenya, Catherine arafise icizere kuri kazoza k'abakobwa mu gihugu ciwe.

Yemeza ko n'aho hakiri ababikora, amaze kubona biriko birahinduka buke buke ariko ku rugero rumwe.

Urugero rw'abakebwa rwaragabanutse gushika ku ca kabiri, ruva ku bice 26% gushika 9% ku bakobwa bari hagati y'imyaka 15 na 19, mu myaka 30 iheze, ku biharuro bitangwa na Unicef.