Aba banya-Kenya bariko banka kuvyara bagashima kwipfungisha

Ahavuye isanamu, Nelly Naisula Sironka
- Umwanditsi, Danai Nesta Kupemba
- Igikorwa, BBC News
Ku bintu ashobora kuba yibuka, Nelly Naisula Sironka ntiyigeze yipfuza kuvyara – kandi bivanye n'ingingo uno mukobwa w'imyaka 28 aherutse gufata, ntazokwigera asama inda.
Muri Gitugutu (10) y'umwaka uheze wa 2025, yafashe ingingo ntahindurwa yo kwiteza ubugumba mu kwiyugaza uturingoti nyabavyeyi (ligature des trompes/tubal ligation) – uburyo bwo gupfunga burundu inzira yo kuvyara.
Uno muhinga mu vy'iterambere abwira BBC ati: "Numva mbohotse", akongerako y'uko bimutumye yifatira mu miwe kazoza kiwe kose.
Ubu ni uburyo bwo gukinga imbanyi mu kuzibira uturingoti nyabavyeyi tw'umugore, ikizwi cane nk'ukwipfungisha burundu.
Hagati ya 2020 na 2023, abagore baharurwa mu 16.000 muri iki gihugu ca Afrika y'Ubuseruko ni bo biyugaje utu turingoti nyabavyeyi, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Kenya bujejwe amagara y'abantu.
Ariko igitigiri c'abatari bwavyare muri aba bagore igihe bakorerwa iki gikorwa ntikizwi.
Dr Nelly Bosire avuga ko ubwoko bw'aba bagore babitura barondera kwipfungisha burundu muri Kenya buriko burahinduka.
Uno muganga w'indwara z'abagore w'i Nairobi yabwiye BBC ati: "Mu migenzo, abari bakunze kwipfungisha burundu ni abagore bari bamaze kuvyara abana benshi.
"Ariko ubu, turiko tubona haza abagore benshi bafise abana bake bitabira ubu buryo".
Uburyo bwo kwipfungisha burundu bwemerewe gusa abagore bazi neza ko badashaka kuzovyara abana muri kazoza, kuko ari uburyo bugoye guhinduza.
Muganga Bosire ati: "Abaganga ntibakunze guhimiriza kwipfungisha burundu kuko igitigiri c'abashoboye guhinduza ni gito cane".
Nubwo ava mu muryango wagutse, umwigeme Sironka avuga ko ata wamuhatiye gufata ingingo yiwe – nubwo mu migenzo ya Kenya umugore aba yitezwe ko avyara abana.
Avuga ko vyose abikesha se wiwe yaguma amuhimiriza kwitaho amashure – maze amukundisha gusoma ibitabo.
Ibitabo vyanditswe n'abagore baharanira ubwigenge bw'abagore muri Amerika nka Toni Morrison, Angela Davis na Bell Hooks ni vyo vyamuhaye icigwa.
Sironka, ubu akaba ari umukuru w'ibikorwa mw'ishirahamwe Feminists in Kenya rirwanya ihohotera ry'abagore rishingiye ku gitsina, agira ati: "Naritayeho inkuru zivuga ivy'ubuzima bw'abagore zitigeze zivugwamwo abana".
"Ibi vyatumye mbona ko ubuzima nk'ubu bushoboka".
Yari amaze imyaka ari ku buryo bwo kutavyara, ariko yafashe ingingo yo kwipfungisha burundu inyuma yo kuziganya amahera akenewe no kuronka akazi kari kumushoboza gufata akaruhuko.
Vyamutwaye amashilingi ya Kenya 30.000 (ni ukuvuga hafi 682.827 mu mafaranga y'amarundi) mu bitaro vy'abigenga.
Sironka yumva ko abagore bariko baratakaza uburenganzira bwabo kw'isi yose – cane cane igihe mu 2022 abagore muri Amerika batakaza uburenganzira bahabwa n'ibwirizwashingiro bwo gukoroza inda, ikintu kiri mu vyamutumye afata ingingo yiwe.
Vyatumye agira ubwoba ko n'ahandi umugore ashobora gutakaza uburenganzira bwo kugenzura umubiri wiwe – aca afata ingingo yo kwipfungisha burundu akibishoboye.
Ati: "Muri Afrika na Amerika, hariko hariyongera ubutegetsi bw'agahotoro, Kenya ikaba ari akarorero nyako".
Igihe yabimenyesha umuryango wiwe, ntivyabatangaje kuko yamye ashira imbere icipfuzo ciwe co kubaho ata mwana afise.
None ku bijanye no kureshwa no kugira umukunzi bimeze gute?
"Ndacavyiyumvira", niko avuga aduza ibitugu.
Kandi burya Sironka si we wenyene yipfuza kubaho atagira abana, ibi bikaba biteye kubiri n'ivyo imigenzo ibitezeko nk'abagore.

Ahavuye isanamu, Muthoni Gitau
Ku mbuga hwaniro, hari abavuga batarya umunwa ko bahisemwo kwipfungisha burundu kuko badashaka kuvyara.
Muri bo harimwo Muthoni Gitau, umuhinga mu gushariza mu mazu akaba akora n'ibiganiro acisha ku mbuga ngurukanabumenyi.
Muri Ntwarante (3) yateguye videwo y'iminota 30 yacishije ku rubuga rwa YouTube ivuga urugendo rwo gupfungisha uturingoti nyabavyeyi twiwe, asigura ingene yafashe iyi ngingo yo kwipfungisha burundu.
Yabwiye BBC ati: "Nibaza ko igihe natangura kuvuga ubwa mbere… [ko] ntashaka kuvyara abana, nari mfise nk'imyaka 10".
Ico gihe nyina wiwe yari akuriwe cane, haca haza ikibazo kitari citezwe muri iki kiyago.
Ati: "Nabona nshobora kuronka umugenzi. Nabona ndi mu rugendo. Si nigeze mbona abana".
Nk'uko vyagenze kuri Sironka, ingingo ya Gitau yavuye ku cipfuzo gikomeye co kubaho mu buzima yipfuza.
Inyuma yo kugerageza gufata ibinini vyo gukinga imbanyi atipfuza avuga ko vyamuteye iseseme, yaciye arondera umuti uhoraho.
Igihe yitura umuganga ubwa mbere ku bijanye no kwipfungisha afise imyaka 23, yaramurwanije.
Yahawe ico yumva ko ari inyigisho ku kungene abana ari imihezagiro iva ku Mana.
Ati: "Yambajije ingene vyogenda ari nka hamwe noramuka mpuye n'uwipfuza abana".
Avuga ko uno muganga yasa n'uwubona ko ari kumwe "n'umuntu w'igitangaza" hakubona ko ari umuntu asanzwe yicaye imbere yiwe.
Gitau avuga ko yababaye cane kubona uno muganga amwankira. Vyabaye ngombwa ko arindira iyindi myaka cumi kugira ngo icipfuzo ciwe agishikeko.
Dr Bosire yerekana ko ingorane ikomeye muri Kenya ari ukungene abaganga bohindura ivyiyumviro vyabo hanyuma bagashira imbere uburenganzira bw'umuntu bwo gufata ingingo ku bijanye n'amagara yiwe.
Ati: "Ibi bijanye n'imico yacu, aho abantu babona ko ari ikintu kidasanzwe kubona haba abagore bipfuza kwiyugaza uturingoti nyabavyeyi".
Uwundi Mukenya avura ingwara z'abagore, muganga Kireki Omanwa, aremera ko iki kibazo kikiriko kiraharirwako mu bo bakorana no mu nzego z'ubuvuzi.
Yabwiye BBC ati: "Gushika ubu nta mwanzuro urafatwa".
Ariko umwigeme Gitau ntiyacitse intege, maze mu mwaka uheze akaba yituye uwundi muganga – mw'ishirahamwe ritegamiye reta rifasha mu vyo kugabanya imvyaro.
Yagiye yiteguye bihagije n'urutonde rw'insiguro zo gushigikira ingingo yiwe, hanyuma aza kwiruhutsa abonye ingene atamwirukanye: "Uno muganga yari umugwaneza".
Ubu aho yibereye wenyene, avuga ko abaye mu munezero, aho yumva ko ingingo yiwe imuha uburenganzira bwo kwifatira mu minwe ubuzima bwiwe.
Uno mukobwa w'imyaka 34 aranezerezwa n'ukungene abaravye videwo yiwe bakiriye ingingo yiwe – akaryoherwa n'ukubona ata benshi bamuryagaguye.
Avuga ko abantu hafi bose ku mbuga ngurukanabumenyi bamukeje, ivyatumye abandanya yishigikira.
Ati: "Abagore barashobora guterera kw'isi mu buryo bwinshi cane".
"Si ngombwa ngo birinde guca mu kurera abana. Ndishimira kuba mu gihe c'aho uguhitamwo ari ikintu gihabwa ikibanza".










