DRC: Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yavuye mu matora ya prezida ashigikira Katumbi

Augustin Matata Ponyo yari mu barondera kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo yidohoye, maze ashigikira Moïse Katumbi mu matora ategekanijwe ku wa 20 Kigarama (12) uno mwaka wa 2023.

Matata Ponyo yahoze ari umushikiranganji wa mbere kuva 2012 gushika 2016, yatangaje ibi mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X (rwahoze ruzwi nka Twitter) ejo ku wa Mungu, umusi wa mbere w’imyiyamamazo muri ano matora y’umukuru w’igihugu.

Afashe iyi ngingo yisunze ivyavuye mu biganiro vyabereye i Pretoria muri Afrika y’Epfo kuva ku wa mbere w’indwi iheze gushika ku wa gatanu, vyahuje intumwa zitanu z’abatavuga rumwe n’ubutegetsi kugira ngo bahitemwo umwe gusa yobaserukira muri ayo matora y’umukuru w’igihugu.

Matata Ponyo avuga ko ibi biganiro vyarangiye bumvikanye ko Moïse Katumbi “ashobora guserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi” muri ano matora.

Ati: “Nisunze iki cipfuzo, kandi mu kwubahiriza ingingo y’umugambwe wanje, nipfuje gutangaza ko nidohoye mu matora y’umukuru w’igihugu yo ku wa 20 Kigarama 2023 kugira ndekere Moïse Katumbi”.

“Uku kwidohora kwanje gushingiye ku cipfuzo c’abanyagihugu bipfuza ko ubutegetsi buhinduka uko vyogenda kwose. Ishaka ry’abanyagihugu rirakomeye gusumba iryanje, sinshobora rero kurirwanya”.

Avuga ko yizeye ko n’abandi bakandida batavuga rumwe n’ubutegetsi bazokora nkawe bagashigikira Katumbi.

Ariko intumwa za Martin Fayulu ntizateye igikumu ku rwandiko rwasohowe inyuma y’ibi biganiro.

Bompi, Katumbi na Matata, bari mu butegetsi bwa Joseph Kabila, aho Matata yabaye umushikiranganji wa mbere mu kiringo c’imyaka irenga ine, Katumbi nawe ari buramatari w’intara ya Katanga itunze ubutare bw’umujumpu (cuivre/copper, umuringa mu Kinyarwanda) mu kiringo c’imyaka icenda.

PerezidaFélix Tshisekedi ariko yiyamamariza ikiringo ca kabiri, ari mu bandi banyaporitike bari ku rutonde rw’abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu batanguje imyiyamamazo ejo ku wa Mungu, akaba ahanganye na 24 basigaye, inyuma y’aho Matata Ponyo akuriyemwo akarenge.

Imyiteguro y’ano matora ategekanijwe ku wa 20 Kigarama ntiyoroshe.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu yagiriza abategetsi gutoteza abatavuga rumwe n’ubutegetsi no guhonyanga uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro – ivyo reta ihakana.