Sezariyene kw'itara rya terefone - kuvyarira ahariko habera intambara

Ahavuye isanamu, Dr Howaida Ahmed al-Hassan
- Umwanditsi, Ethar Shalaby
- Igikorwa, BBC Ishami ry'Icarabu
Ibitaro hafi vyose vyo ku murwa mukuru wa Sudan, Khartoum, vyarugaye kubera intambara iriko iraba muri ico gihugu. Ibicuguruye navyo akenshi birabura amatara, bigatuma kwibaruka vyongereza umwitwarariko gusumba uko bisanzwe haba ku bagore haba no ku bakozi bitaho amagara bagerageza kubafasha – na cane cane iyo bikenerwa ko umuntu akorwa (abagwa).
‘’Turiko turakoresha ibimuri vya terefone ngendanwa kugira dukore sezariyene (Caesarean),’’ vyavuzwe na Muganga Howaida Ahmed al-Hassan muri vídeo yasangije BBC.
Yafashe ayo masanamu igihe yariko arakora umugore yagira avyare.
Ibiganza vyiwe vyambaye udufukantoki (gants/gloves) biboneka afyonda ku gikiriza no ku nda y’uwo bariko barakorera sezariyene.
Abavuzi bahari – bose b’abagore – bakikuje Muganga Hassan kandi bafatiye hejuru amaterefone yabo kugira bamurike ahategerezwa gusaturwa.
Muganga Hassan ari muri bake bagumye ku bitaro vya Alban Jadeed, mu buraruko bw’umurwa mukuru, Khartoum, ku mayinga atatu akurikirana kuva intambara yadutse mu kwezi kwa kane hagati y’impande za gisirikare zikebana.
Muri iyo vídeo yarungikiye BBC, yerekanye ivyumba aho abaforoma bariko bafasha abavyeyi bariko baravyara mu buryo bugoye cane.
‘’Ibintu ni bibi cane. Tumaze iminsi myinshi ngaha mu bitaro. Ubu ntitukimenya iyo iminsi igeze. Ntitukimenya ko ari ku murango canke mw’ijoro’’, niko Muganga Hassan avuga.
‘’Hari abakozi bake cane mu bitaro, kandi kenshi amatara aracika kandi nta mazutu dufise ngo twatse imoteri kugira dukore sezariyene.’’
'Ata kundi uri bugire' mu kuvyaza
Yavuze ko igisata c’abibaruka muri ivyo bitaro cuzuye abagore bakeneye kwitwabwaho vyihuta, harimwo n’abakeneye sezariyene.
Ati: ''Turatimba tugahitishamwo mu gukora izi sezariyene mu cumba kirimwo umuco muke. Nta buryo bukwiye dufise.
''Dukora tudafise abaganga n’abahinga bo gutimbisha (anasthesie). Umugore yakorewe sezariyene duca tumurungika haheze amasaha cumi gusa avyaye.''
Mu kwezi kwa kane, ishami rya ONU rikurikirana igwirirana ry’abantu FNUAP/UNFPA ryagereranya ko abagore 219.000 bafise inda bashobora kugeramirwa, mu gihe intambara yariko ibica bigacika muri Khartoum, uduhengwe twumvikanwako natwo ntidufate cane.
Intambara igitangura, FNUAP yavuga ko hafi abagore 24.000 bari kuvyara ''mu ndwi ziri imbere''.

Ahavuye isanamu, Bashayar al-Fadil
Bashayer al-Fadil ni umwe muri abo bagore. Yagiriwe sezariyene haheze iminsi mike intambara yadutse i Khartoum.
Kuri terefone ya video avugana na BBC, aboneka ariko arugumbira uruyoya rwiwe rw’umukobwa rw’indwi imwe, Omayma.
Yavuze ko yagize imana gusanga hariho ibitaro bicuguruye hanyuma bikamwakira amasasu aja arasana rimwe rimwe.
''Warumva ibiturika mu mabarabara,'' niko Fadil avuga.
Vyinshi mu bitaro vy’akarere abamwo ntivyakora, yashoboye kuvyarira mu bitaro kubera abantu bazinanye.
Ku bigo vy’ibitaro bitandatu i Khartoum, kimwe conyene nico gikora uko bisanzwe, nk’uko bivugwa n’ishami rya ONU ryitaho amagara (OMS).
''Jewe narondera ibitaro ivyo ari vyo vyose vyokwemera kunyakira kugira ngirirwe sezariyene hanyuma ngira imana ndabironka mfashijwe na muganga wanje n’abagenzi.''
Ku munsi wo kuvyara, madame Fadil avuga ko be n’umugabo wiwe birutse baca mu masasu yaguruka irya n’ino muri karitiye yabo, gushika aho bashika ku bitaro ataco babaye.
''Navyaye mu buryo bugoye cane. Ni ibintu bisanzwe cane nk’amazi, ntivyaboneka.''
Uwo muvyeyi mushasha n’ubu ntararonka urupapuro rw’amavuka rw’umwana wiwe, umwana nta rucanco araronka, mu gihe intambara n’ubu ikomeje kubica bigacika.

Ahavuye isanamu, Bashayer Al-Fadil
Ivyabaye kuri Madame Fadil siwe wenyene vyashikiye. Yavuze ko agenzi biwe baharurwa mu mirongo bafise inda vyabagoye cane kugira baronke ibitaro, benshi bakaba baruhiye ubusa.
Ibitaro vyo kuvyariramwo vya Omdurman Maternity Hospital, bimwe mu vyambere binini cane nk’ivyo muri Sudan, vyugaye haheze iminsi mike intambara itanguye.
Muganga Kameel Kamal, umuhinga akurikirana ivyo kwibaruka ngaho, yabwiye BBC ko vyinshi mu bitaro vyo kuvyariramwo muri Sudan bidakora. Inkurikizi ni uko abagore benshi bashobora gushikirwa n’ingorane mu gihe co kwibaruka, nk’uko avuga.
''N’ubwo ata biharuro vy’icese bihari, tugereranya ko igitigiri kinini c’abagore bafise inda bababarira mu mazu iwabo.
''Ndazi neza ko hategerezwa kuba hari impfu nyinshi mu mihana, abavirirana, abaruhira ubusa, imbanyi zitari mu gitereko, abana babanza amaguru mu gusohoka, abana bavuka bapfuye, n’abavyeyi benshi badashobora kuronka ubuvuzi,’’ nk’uko avuga.
Muganga Kamal yagabishije ko iyo ntambara iriko irahitana cane abavyeyi muri Sudan.
N’imbere y’uko iyo ntambara yaduka, Sudan yari isanzwe iri mu bihugu bifise urugero runini kw’isi rw’abavyeyi bapfa mu gihe co kwibaruka, ku bwa OMS.
'Dutanga ubuzima, bakatwica’
Abakirizi n’ubu baracafise uruhara runini cane mu gihe hari abandanya gusanga abavyeyi mu mihana.
Umwakirizi Mawaheb, atashimye gutanga irindi zina ryiwe, yabwiye BBC ko yafashije abagore indwi kugira bavyare mu nzira isanzwe kuva intambara yadutse.
‘’Iyo ndonse terefone impamagara insaba ko noja gufasha umugore ari ku gise, ubwo nyene nca ndamusanga imuhira ntabanje kugonanwa.
Avuga ati: ‘’Kenshi bigenda neza. Hagize igikorana, nca ndungika uwo mugore ku bitaro biri hafi biriko birakora’’.
N’ubwo hari ingorane nyinshi mu bitaro, Muganga Hassan avuga ko abakozi bagerageza kwihagararako bakanezererwa abana bavutse bitagoranye.
‘’Dutanga ubuzima, bakatwica. Dufasha abantu babiri kubandanya kubaho -nyina n’umwana,’’ nk’uko avuga.
Ishami rya ONU riraba igiwirirana ry’abantu muri Sudan ryashizeku rubuga rwaryo rwa Twitterurutonde rw’aho kuronderera abakirizi bavyigiye bashoboye kwitaho abana bavutse batageze no gufasha abagore bari ku gise kuvyara neza.













