Intambara ya Sudani ishobora kuba mbi cane kw'isi - Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Hamdok

Ahavuye isanamu, EPA
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok avuga ko intambara hagati y'igisirikare ca reta n'abagwanyi ba Rapid Support Forces,RSF, ishobora kuba "mbi cane kw'isi" mu gihe yobandanya.
Kare mu gitondo co ku wa Mungu humvikanye indege z'intambara n'inkoho zikorora indege mu gisagara ca Khartoum nk'uko bivugwa n'abahaba.
Igisirikare kivuga ko cariko kiragira ibitero mu mpande zose gikoresheje vya muzinga.
Iyo ntambara yatanguye itariki 15 Ndamukiza (4) imaze guhitana abantu amajana n'amajana, mu gihe abandi barenga ibihumbi mirongo ibiri bariko barahunga igihugu.
Iyongerezwa ry'ikiringo c'agahengwe ku musi wa kane mw'ijoro bivuye ku twigoro tw'abaserukira ibihugu bibanyi, co kimwe na Amerika, Ubwongereza na Onu. Ariko ayo masaha 72 y'agahengwe ntiyubahirijwe.
Hagati aho, hari akajagari i Port Sudan aho abantu bariko baragerageza kwurira amato vyanse bikunze, amwe muri yo agana muri Arabia Saudite ayandi muri Yemen.
Reta y'Ubwongereza ivuga ko yahejeje igikorwa co kuvanayo abantu bayo. Ibiro vy'ubushikiranganji bw'imigenderanire bivuga ko indege ya nyuma yavuye Khartoum isaha 22:00 (20:00 GMT) ku musi wa gatandatu, hanyuma abantu bababa 1.900 bakaba ari bo bavanyeyo.
Hagati aho, reta ya Amerika ivuga ko yateguye amato yamaze gushika i Port Sudan gutwara abandi banyamerika benshi babajana Jeddah muri Arabia Saoudite. Ivuga ko abanyamerika amajana n'amajana bamaze kuva muri Sudani, biyongera ku baserukira ico gihugu bavanyweyo n'indege haraheze indwi.
Avugira mu nama i Nairobi ku mugwa mukuru wa Kenay, Hamdok yahamagariye amakungu gushira inguvu hamwe ngo agondoze umukuru w'igisirikare n'uwurongoye abagwanyi ba RSF kugiranira ibiganiro.
Yagize ati:"Iki n'igihugu kinini, kirimwo ubudasa... nibaza ko kizoba ikibazo gikomeye ku makungu."
"Iyi si intambara ihuza igisirikare n'umugwi witwaje ibigwanisho muto. Ni nk'ibisirikare bibiri bihanganye - bifise inyigisho zikwiye n'ibigwanisho."
Hamdok - Yabaye umushikiranganji wa mbere incuro zibiri hagati ya 2019 na 2022 - yongeyeko ko umutekano muke ushobora kurenza ngaho gusumba mbere intambara yo muri Syria na Lybia.
Izo ntambara zahitanye abantu amajana n'amajana, zituma abantu ama miliyoni bahunga zitera n'umutekano muke mu tundi turere.
Umukuru w'igisirikare ca Sudani Gen Abdel Fattah al Burhan n'uwurongoye RSF Gen Mohamed Hamdan Dagalo, azwi ku ritazirano rya Hemedti, ntibemeranya ku nteguro y'ingingo yo gusubiza ubutegetsi abasivile, na cane cane ku kirangamisi co kwinjiza abagwanyi ba RSF 100.000 mu gisirikare.
Impande zose zitinya gutakaza inguvu, hamwe kubera mu mpande zose hariho abohereza mu minwe ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha bagirizwa ivyaha vyo mu ntambara vyakorewe i Darfur mu myaka 20 iheze.
Abantu ama miliyoni baracugaraniwe i Khartoum, ubu hugarijwe n'ibura ry'imfungurwa, amazi n'igitoro.










