Romania yatumyeko uwuyiserukira muri Kenya inyuma yo kugereranya Abanyafrika n’inkende

Igihugu ca Roumanie/Romania catumyeko umuserukizi waco muri Kenya kinasaba imbabazi inyuma y’amajambo yashikirije yo kugereranya Abanyafrika n’inkende.

Dragos Tigau yavuze ibi mu gihe hariko haba inama mu nyubakwa y’ishirahamwe ONU ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi, hari ku wa 26 Ndamukiza.

Nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP, Tigau yaravye mw’idirisha abona inkende, aca avuga ngo “umurwi w’abanyafrika urifatanije na twe”.

Iyi ngendo ya Tigau yashizwe ahabona ubwa mbere ku wa kane w’ino ndwi n’umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Kenya, Kamau Macharia.

Aciye ku rubuga rwa Twitter, Macharia yavuze ko yababajwe cane n’aya majambo, aca avuga ko habaye ukugerageza gupfukira amajambo ya Tigau.

Ikinyamakuru Standard co muri Kenya candika ko ku wa gatanu abaserukizi ba Afrika basavye ko hoba ugusaba imbabazi rusangi, bagashimangira ko gusaba imbabazi umuntu ku giti ciwe bidakwiye.

Ejo ku wa gatandatu, Roumanie yatangaje ko yabwiwe ivyabaye muri ino ndwi kandi ko ubu yatanguye igikorwa co gutumako umuserukizi wayo.

Itangazo ry’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Roumanie buvuga buti: "Turababajwe n’ivyabaye kandi turahojeje abo vyagizeko ingaruka bose”.

"Ingendo canke amajambo ayo ari yo yose ajanye n’ivanguraruhu ntibishobora kwihanganirwa na gato”, niko iri tangazo ribandanya rivuga, rikongerako y’uko igihugu ca Roumanie cizeye y’uko ibi bitazogira ingaruka ku migenderanire yaco n’ibihugu vya Afrika.

Imigenderanire ya Roumanie n’ibihugu vya Afrika ishingiye cane cane ku kuba iki gihugu kiri mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya, ariko isanzwe ifitaniye amasezerano y’ubudandaji n’ibihugu bimwe bimwe, harimwo nka Misiri.

Hagati aho, reta ya Kenya ntaco irashikiriza ku ngingo ya Roumanie yo gutahukana Tigau.