Tchad yabujije abakobwa bakiri bato kuva mu gihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta ya Tchad yafashe ingingo yo kubuza abakobwa bakiri bato kuva mu gihugu badahawe uruhusha n’abavyeyi babo, ingingo yiyamirijwe n’amashirahamwe aharanira agateka k’abagore basaba ko iyi ngingo ifutwa.
Asigura iyi ngingo, umushikiranganji ajejwe umutekano Jenerali Idriss Dokony Adiker avuga ko "hari uruja n’uruza rw’abakobwa bakiri bato” bariko bava mu gihugu “mu ntumbero yo gukoreshwa”.
Iri tangazo ribuza amakompanyi y’indege n’amashirahamwe ajejwe gutwara abantu n’ibintu kwakira abakobwa bashaka kwurira indege.
Urwandiko rwa Jen. Adiker ntirwerekana imyaka y’abakobwa babuzwa ingendo, canke abategerezwa kubaha impusha.
Ishirahamwe riharanira agateka k’abagore, Ligue Tchadienne pour les Droits de la Femme/Chadian Women's Rights League, rivuga ko iyi ngingo yo kubuza abakobwa gusohoka iteye kubiri n’ubwigenge bw’abakobwa bakiri bato be n’uburenganzira bwa kiremwa muntu.
Kubw’iri shirahamwe, iri tegeko ni ivangura rishingiye ku gitsina kuko abahungu bakiri bato muri Tchad nabo nyene bakorerwa uru rudandaza rwa kiremwamuntu.
Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu rirwanya ivyaha mpuzabihugu kivuga ko urucuruza rw’abantu muri Tchad rwiyongereye muri ino myaka ya vuba.
Kivuga kandi ko igitigiri c’abanya-Tchad badandaza imibiri yabo mu bihugu bibanyi ciyongereye mu 2021.










