Chad: igisirikare canse kuganira n'inyeshamba inyuma y'urupfu rwa Perezida Déby

Igisirikare ca Tchad gifise uruhara rukomeye mu kurwanya inyeshamba zikika inyuma y'idini rya Isilamu muri Afrika y'Uburengero

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Tchad gifise uruhara rukomeye mu kurwanya inyeshamba zikika inyuma y'idini rya Isilamu muri Afrika y'Uburengero

Inama nkuru ya gisirikare irongoye Tchad yiyamirije akamo ko guhagarika intambara kugira habe ibiganiro n'inyeshamba zimaze igihe zirwanya ubutegetsi inyuma y'urupfu giturumbuka rwa Perezida Idriss Déby.

Inama nkuru ya gisirikare yafashe ubutegetsi mu ntango z'indwi iheze inyuma y'aho Perezida Deby yiciwe mu ntambara n'inyeshamba.

Iyi nama irongowe n'umuhungu wa Déby ivuga ko izoyobora ikiringo mfatakibanza c'amezi 18 gushika habaye amatora.

Abanyaporitike batavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'inyeshamba bariyamirije iyo ngendo y'igisirikare, bakavuga ko ari itembagazwa ry'ubutegetsi.

Ku myaka 68, Perezida Déby yari ahejeje gutangazwa ko ari we yatsinze amatora imbere y'uko ku wa kabiri igisirikare gitangaza ko yakomerekeye cane ku rugamba mu gihe ingabo ziwe zari zihanganye n'inyeshamba mu ntara ya Kanem iri mu buraruko y'igihugu.

Izo nyeshamba zizwi nka Front pour l'alternance et la concorde au Tchad (FACT), zateye ziva mu buraruko bwa Tchad ku musi w'amatora zisaba ko ubutegetsi bwa Perezida Déby bwari bumaze imyaka 30 burangira.

Ku wa gatandatu, izo nyeshamba zatangaje ko ziteguye kuganira kugira ngo hatorwe inyishu biciye mu biganiro vya poritike, ariko ntizashigikiye ico zise "itembagazwa ry'ubutegetsi", ryashikanye umuhungu wa Déby, Jenerali Mahamat Déby, ku butegetsi.

Ariko haciye umusi umwe, Inama nkuru ya gisirikare yatangaje ko idashobora kwicarana n'inyeshamba iriko irarwanya.

Mw'itangazo yasohoye, umuvugizi w'iyi nama nkuru ya gisirikare, Azem Bermendao Agouna, yavuze ati: "Mu gihe duhanganye n'ibi bibazo bibangamiye Tchad n'umutekano w'akarere kose, si igihe co kuganira n'abantu bataye umurongo".

"Ni inyeshamba zirwanya ubutegetsi, ari co gituma turiko turabatera amabombe. Turi mu ntambara nabo, nta bindi".

Agouna avuga ko bamwe mu nyeshamba bahungiye muri Niger. Atera akamo abategetsi b'ico gihugu "gufasha kugira izi nkozi z'ikibi zifatwe hanyuma zishirwe imbere y'intahe".

Avuga ko umukuru w'umurwi FACT, Mahamat Mahadi Ali, ariko "araronderwa ku vyaha vyo mu ntambara" muri Libya, aho uyo murwi wiwe w'inyeshamba usanzwe ukorera.

Uyo murwi washinzwe mu 2016 ufise intumbero yo gusenyura ubutegetsi bwa Tchad ukavugwa ko wanagize uruhara mu ntambara iheruka muri Libya.

Tchad yifatanije n'ibihugu vyo mu karere ka Sahel mu kurwanya inyeshamba zikika inyuma y'idini rya Isilamu muri Afrika y'Uburengero

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Tchad yifatanije n'ibihugu vyo mu karere ka Sahel mu kurwanya inyeshamba zikika inyuma y'idini rya Isilamu muri Afrika y'Uburengero

Iyi nama nkuru ya gisirikare iriko iraterwa igitsure kugira isubize ubutegetsi mfatakibanza mu minwe y'abasivire vuba bwango.

Inama nkuru y'amahoro n'umutekano y'ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Afrika ivuga ko "itewe impungenge" n'ifatwa ry'ubutegetsi n'igisirikare.

Ni mu gihe Ubufaransa n'ibihugu vy'akarere bisaba ko abasivire n'abasirikare boja hamwe kugira ngo batorere umuti ikibazo.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike muri Tchad ahamagarira abanyagihugu kuja mu myiyerekano ejo ku wa kabiri ngo biyamirize iyi nama nkuru ya gisirikare yafashe ubutegetsi.

Mu gihe Ubufaransa n'ibihugu vy'akarere bashigikiye ubutegetsi bushasha burongowe n'umuhungu wa Déby, abatavuga rumwe barabwiyamiriza kandi bakaba badakeneye ko Ubufaransa bwahoze burongoye Tchad mu gihe c'ubukoloni bwivanga mu bibazo vy'igihugu cabo.

Perezida Déby yashinguwe ku wa gatanu mu birori vyatunganijwe na reta, vyitabwe n'abategetsi bamwe ba Africa ndetse na Emmanuel Macron w'Ubufaransa n'ibihumbi vy'abanya Tchad.

Nk'intwazangabo ya girikare, Perezida Déby yashitse ku butegetsi mu 1990 yafatishije umuheto.

Kuva kera, yakorana cane n'Ubufaransa hamwe n'ibindi bihugu vyo mu burengero mu ntambara yo kurwanya abarwanyi bikika inyuma y'idini rya Isilamu mu karere ka Sahel muri Afrika.