Umuhinga w’umunya-Ethiopia yahawe na Amerika umudari w’igihugu w’ubuhinga

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Ameyu Etana & Gloria Aradi
- Igikorwa, BBC Afaan Oromoo, Nairobi & BBC News, Nairobi
Gebisa Ejeta, umuhinga yavukiye muri Ethiopia, yahawe umudari w’igihugu w’ubuhinga, umudari w’icubahiro mu gihugu uhabwa abahinga muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Perezida Joe Biden wa Amerika yambitse Ejeta uno mudari kubera "intererano yiwe ihambayemu bijanye n’imero y’ibiterwa".
Ejeta, w'imyaka 73, azwi nk’umwe mu bahinga bakomeye kw’isi mu bijanye n’imero y’ibiterwa.
Yanonosoye ivyigwa vy’amasaka, isoko ry’imfungurwa rizwi cane muri Afrika.
Mu 2009, Ejeta yatsindiye agashimwe k’iteka kitiriwe imfungurwa kw’isi (Prix mondial de l'alimentation/World Food Prize) inyuma yo guhingura ubwoko bw’amasaka arinda uruzuba n'icatsi kizwi nka Striga gisanzwe kibangamira imirima muri Afrika.
Amasaka aza mu kibanza ca gatanu c’ibiterwa vy’intete nyamukuru kw’isi – inyuma y’ibigori, ingano, umuceri nk’ikizwi nka orge/barley.
Amasaka kandi aza mu kibanza ca kabiri mu ntete nkuru nkuru muri Afrika, kikaba cabaye imfungurwa nyamukuru mu bihugu bitari bike vyo kuri uyu mugabane, cane cane ibikarirwa n’uruzuba.
Ejeta yakuriye mu nzu y’icumba kimwe isakaje ivyatsi mu kigwati co hagati muri Ethiopia kitari kure cane y’umugwa mukuru Addis-Abeba.
Hagati aho, ntivyamworoheye kwiga kuko yagenda ibirometero 20 mu gisagara cari hafi kugira ashike kw'ishure, aho yasubira muhira mu mpera z’iyinga (weekend) gusa.
Ibibazo vy’inzara n’ubukene bw’imfungurwa yagize mu bwana bwiwe vyaragize uruhara runini mu bushakashatsi bwiwe mu myaka itari mike, bimutera intege mu kurondera guteza imbere igisata c’imfungurwa.
Muri kimwe mu biganiro yagiranye na BBC, yaravuze ko yahuye n’ikibazo c’inzara akiri umwana.
Ati: "Iyo ngiye kw’ishure kure yo muhira, igihe cose naba nshonje. Mu bisanzwe ku vyo nibuka nciga mu mashure y’intango, ndashobora guharura imisi nafungura mu gitondo.”
Yavuze kandi ko kuja kw’ishure mu gitondo “n’inzara mu nda cari ikibazo. Rero igihe cose nama mfise inzara.”
Umukuru w’ishure kaminuza ya Purdue mu ntara ya Indiana muri Amerika, ari na ho Ejeta akora nk’umwigisha akaba kandi arongoye n’imigambi yo kurwiza imfungurwa kw’isi, yishimiye aka gashimwe, ashimagiza Ejeta "nk’icitegererezo c’umuntu adacika intege” kandi “nk’umwe mu bantu bagize uruhara rudasanzwe mu mero y’ibiterwa kw’isi”.
Mung Chiang arongoye kaminuza ya Purdue agira ati: "Kaminuza yacu irishimiye akandi gashimwe k’iteka kandi ikwiriye”.
Ejeta, umuhinga afise ubwenegihugu bwa Amerika, ni umwe mu bahinga bakuru bakuru icenda ba Amerika bahawe agashimwe muri Maison Blanche/White House na Perezida Joe Biden ku wa kabiri.
Mu birori vyo gushikiriza Ejeta aka gashimwe, Biden yagize ati: "Mu guhingura amoko y'amasaka arinda uruzuba n’udukoko, yatumye amamiriyoni y’abantu baronka imfungurwa gusumba.”
Yongeyeko ati: "Ugushigikira ubuhinga kwiwe, imigambi n’inzego nk’ikintu nyamukuru mw’iterambere, vyahaye amahirwe abarimyi, bikomeza n’imitima y’ibihugu.”
Umudari w’igihugu witiriwe ubuhinga, National Medal of Science, utangwa n’umukuru w’igihugu ca Amerika kuva mu 1959, ugahabwa "abantu bakwiriye gushimirwa ku ntererano zabo zidasanzwe” mu bisata bitandukanye vy’ubuhinga.
Haciye akanya gato Ejeta atsindiye agashimwe kitiriwe imfungurwa kw’isi mu 2009, reta ya Ethiopia nayo yaciye imuha agashimwe k’intwari y’igihugu (National Hero Award), agashimwe k’igihugu karuta ubundi bushimwe mu gihugu buhabwa Abanya-Ethiopia.
Mu 2011, uwari umukuru wa Amerika Barack Obama na we yamugenye mu bagize Inama ishinzwe iterambere ry’imfungurwa n'uburimyi kw’isi (Board for International Food and Agricultural Development).













