Ethiopia yatahukanye muri Uganda abayoboke b'idini bagiyeyo kwiyicisha inzara

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu mirongo umunani bo mw’idini ryo muri Uganda bari barabwiwe kuja muri Ethiopia bakiyicisha inzara batahukanywe nk’uko bitangazwa n’abajejwe intwaro muri Uganda.
Biravugwa yuko umupasitori yababwiye ko "bazohura na Yezu/Yesu" nyuma y’iminsi 40 yo kwisonzesha.
Igikorwa gihuriweko n’ibipolisi bibiri ubu kiriko kirarondera umurongozi w’iryo dini Simon Opolot.
Muri Kenya, uwundi murongozi w’idini nawe yagirizwa kwumvisha amajana y’abantu kwisonzesha gushika bagapfa.
Abantu 80 bo mw’ishengero Christ Disciples Church barataye utwabo twose mu ntango z’uno mwaka baca bafata urugendo bava mu karere k’ubuseruko bwa Uganda baja mu bumanuko bwa Ethiopia, urugendo rw’ibirometero 500.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe intwaro yo hagati, Simon Mundeyi, yasubiwemwo n’ikinyamakuru Dailly Monitor agira ati:
"Abagarutse bavuze ko Pasitori Opolot yabumvishije kwisonzesha iminsi 40 kugira bashobore guhura na Yezu/Yesu ku munsi ugira 41.
"Ingingo yari uko kugira babonane na Yezu/Yesu, bategerezwa kuba bari muri Ethiopia, kandi nk’uko yabivuga, isi yari guca irangira."
Ariko abajejwe intwaro muri Ethiopia bamaze kumenya ko bahashitse mu kwezi kwa Ntwarante (3), barabafashe barabacungera gushika kubasubiza iwabo biteguwe, nk’uko vyatangajwe n’ibiro ntaramakuru AFP.
Bwana Mungeyi asubirwamwo na Daily Monitor yavuze yuko abayoboke b’iryo shengero, bagizwe ahanini n’abigisha hamwe n’abandi bakozi ba leta, ata ntege bari bafise nyuma y’urugendo rurerure ata cokurya na kimwe bafashe.
Mu mwaka wa 2000, abanye-Uganda n’imiburiburi 700 bo mu mugwi Movement for the Restauration of the Ten Commandments of God, barapfuye nyuma yo kwugaranirwa mw’isengero rigaca riturirwa.
Muri Kenya, Pasitori Paul Nthenge Mackenzie ubu ari mw’ibohero, yagirizwa guhimiriza abantu kwisonzesha gushika bagahwera.
Ibiziga birenga 280 biramaze gutorwa mu mva zimbwe hutihuti mw’ishamba riri mu gahinga ka kure.










